Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Igisagara ca Rumonge giherutse kuronswa amazi meza

Igisagara ca Rumonge giherutse kuronswa umugende w’amazi meza ufise uburebure bw’ibirometero 11, ukaba wubatswe ku muriyaridi w’amafaranga y’amarundi yatanzwe na Reta y’Uburundi. Ico gisagara hamwe n’ikiyaya c’Imbo kiri mu turere dusanzwe tubangamirwa n’ikiza c’indwara ya Choléra. Mu migambi ya kazoza, ngo ikiyaya c’Imbo bategekanya kukironsa amazi, aho isoko ry’ahazova ayo mazi ryabonetse mu kibira, iryo naryo ngo rigashobora gutanga amaritiro 100 ku musegonda. Ivyo vyashikirijwe n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’amazi meza, amasoko ntanganguvu, ubutare n’agataka, Léonidas Sindayigaya, ku wa 30 Ndamukiza 2020, mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE.

Nk’uko Léonidas Sindayigaya yabimenyesheje, ngo igisagara ca Rumonge giherutse kugabana umugende w’amazi meza, uwo nawo ukaba uva kw’isoko rya Mahoro, muri komine Burambi, ukaba ufise uburebure bw’ibirometero 11. Igisagara ca Rumonge cari gihanzwe mu bukene bw’amazi meza, ngo ni igisagara kiriko kiraguka, ariko ngo uravye urugero rw’amazi atangwa n’iryo soko rya Mahoro rw’amaritiro 26 ku musegonda, ngo ni amazi menshi, aho abantu bose babaye muri ico gisagara bazoronka amazi.Uno munsi, ngo igisagara ca Rumonge cose kirafise ayo mazi ndetse no mu micungararo yaco, imitumba igikikije igashobora kuronka kuri ayo mazi, na cane cane ku mutumba Mutambara, aho naho hakaba hariko hubakwa ibagiro rizoba rikomeye mu Burundi. Iryo bagiro naryo ngo rikeneye amazi menshi, aho n’abanyagihugu bo mu micungararo bazoyaronkako. Aho uwo mugende ngo wagiye uraca, ahari inyubako rusangi hose, bagiye baratanga amazi meza.Aho mu ntara ya Rumonge, ngo abanyagihugu barashimye kubona bararonkejwe  amazi meza, kubera yari intara yibonekezamwo ubukene bw’amazi meza ndetse uko umwaka utashe hakaba hibonekeza ikiza c’indwara ya cholera, ivyo bikaba vyatumwa n’uko bakoresha amazi y’ikiyaga Tanganyika. Abajejwe intwaro basabwe guhimiriza abo bajejwe kurongora kuvavanura n’ingendo yo gukoresha ayo mazi y’ikiyaga. N’aho ku mabombo rusangi amazi agurishwa, bayakoresheje ngo niho ico kiza kizotuzwa burundu.

Ivyigwa vyo kuronsa amazi meza  ikiyaya c’Imbo vyarakozwe
Mu migambi ya kazoza, ngo n’ikiyaya c’Imbo kuva mu Rugombo gushika i Nyanza-Lac, barategekanya kuronsa amazi abanyagihugu kubera ko naho nyene hakunda kwibonekeza ikiza ca cholera. Kuva mu buraruko bw’igisagara ca Bujumbura gushika mu ntara ya Cibitoke, ayo mazi akaba azova mu kibira, ivyigwa ngo bigeze kure. Ku bijanye n’igisagara ca Nyanza-Lac, umugambi wo kukironsa amazi meza  wari umugambi umwe gisangiye n’igisagara ca Rumonge, ukaba wari umugambi wari gufatwa mu mugongo n’igihugu c’Ubudagi. Kuva mu mwaka w’2015, aho imigenderanire yahagara, ngo vyaciye bikorwa ku buryo bwa Reta kugira baronse amazi igisagara ca Rumonge, iyo migenderanire idasubiriye gutangura, ngo n’igisagara ca Nyanza-Lac, bashobora kwikora ku buryo bw’igihugu. Igisagara ca Nyanza-Lac, ngo ni igisagara kiriko kiraguka, aho uno munsi haba abantu barenga ibihumbi 100.Muri ivyo bisagara bironswa amazi meza, ngo abanyagihugu ku mabombo rusangi barariha kugira bishitse umuringoti ukononekara, ababijejwe bashobore kuwusanura. Kuri ayo mabombo rusangi, ngo abagiraniye amasezerano n’ishirahamwe Regideso, 1m3 y’amazi (iritiro 1000) bayigura amafaranga 224, umunyagihugu mu mategeko ngo yogura ikidumu c’amaritiro 20 amafaranga 10, ariko ngo kubera bene kugiranira ayo masezerano n’ishirahamwe Regideso bariko barabivamwo, baremerewe ko ico kidumu bashobora kukigurisha amafaranga 20. Ku vyigwa vyakozwe, ngo iryo soko ryo mu kibira, rikazoshobora gutanga amaritiro 100 kumusegonda. Ariko ngo biragoye ko hoboneka uburyo kugira ikiyaya cose kironke amazi, ngo n’umugambi uzogenda buke buke.   

Déo Misigaro                                                                                                      

Ouvrir