Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Inkozi z’ikibi karuhariwe zitatu zibisha urwenge zarafashwe n’igiporisi

Ishirahamwe MAIMO, ibanki BBCI n’ishirahamwe ridandaza igitoro Interpetrol yarituye abajejwe umutekano ku wa 3 Ndamukiza 2020 avuga ako hari abantu boba bariko bariba bakoresheje impapuro zitarizo.Ivyo bikaba vyatumye igiporisi gifata abantu batatu b’inkozi z’ikibi  karuhariwe ziba zikoresheje urwenge.  Ishirahamwe MAIMO, ibanki BBCI n’ishirahamwe ridandaza igitoro Interpetrol yarituye abajejwe umutekano ku wa 3 Ndamukiza 2020 avuga ako hari abantu boba bariko bariba bakoresheje impapuro zitarizo.Ivyo bikaba vyatumye igiporisi gifata abantu batatu b’inkozi z’ikibi  karuhariwe ziba zikoresheje urwenge.  Ivyo vyashikirijwe n’umuvugizi w’ubushikiranganji bw’umutekano Pierre Nkurikiye ku wa 29 Ndamukiza 2020 mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru.Yarongeye amenyesha ko igiporisi caciye gikora amatohoza gihereye kw’ishirahamwe MAIMO gica kihafatira umugore afise amazina abiri, hamwe akaba yitwa Josiane Muzaneza ahandi akitwa Jacqueline Kampayano avuka mu ntara ya Muyinga.  Uwo nawe akaba ariwe yagiriye icaha co kwica Jenerali Thomas Ndabemeye avuka i Bubanza yari yarakukurutse, akaba  yakoresheje inkoho ntoya yo mu bwoko bw’ibasitori mu myaka ya 2005. Amenyesha kandi ko uwo mugore yafatiwe kuri MAIMO yaje yiyita ko ari umunyabigega w’ishirahamwe ririho kw’izina gusa ryitwa «Burundi investiment Company» aje gutora ibintu bari baguzeho biciye imiriyoni mirongo itatu na zitanu (35.000.000). Abaporisi baciye bamufatiraho baca babandanya amatohoza kugira bamenye aho iryo shirahamwe ryoba rikorera baca basanga ntiribaho. Ariko rero bakaba basanze ryari ryemewe mu kigo API. Iryo shirahamwe rikaba ryashinzwe n’inkozi y’ikibi karuhariwe yari amaze gupfungirwa no mu bihugu duhana imbibe. Uwo nawe akaba afise amazina atatu yo mu bihugu bitandukanye. Kw’izina rya mbere yitwa Lukalu wa lukalu Samuel ry’igikongomani, ahandi akitwa Anicet Mugisha riri kuri karangamuntu k’abarundi irya gatatu akitwa Simon Mugabe ryo mu Buganda.

Uwundi bakorana yitwa Baltazar Nsabimana bose bakaba barafashwe. Mu nyuma amashirahamwe MAIMO na Interpetrol bahavuye bahurira mw’ibanki BBCI bagiye kuraba yuko amasheke yabahaye ari ay’ukuri ahubwo baca basanga yaramaze kwiba n’iyo banki amafaranga ashika ku miriyoni 35  yatumye akura igitoro muri Interpetrol. Ukugene yiba yuguruje konte mu mabanki ashika atanu KCB afiseyo konte y’amarundi n’amahera y’agaciro, BBCI, Fin bank, BCB na Bancobu. Amaze kwuguruza yaca ashirako amafaranga makeya kugira aronke amasheke yaho.  Ivyo bikaba vyamufasha kumenya imikono y’abarongoye izo banki  n’ibimangu vyazo kugira azoze aravyigana mu kubishira kuri sheke atanga mu gusaba ibidandazwa mu mashirahamwe. Pierre Nkurikiye asaba ikigo API kuja kirakurikiranira no kugendera amashirahamwe giha impusha zo gukorera imigambi mu Burundi. Yaramenyesheje n’amashirahamwe yari ku rutonde rw’ayo azokwibamwo. Hakaba hari ishirahamwe Adam’s, SOSUMO, Interpetrol yari yashatse kuhiba imiriyoni 35 ku wa 4 Ndamukiza 2020, SRDI bategekanya kuhiba imiriyoni 34, Savonor yategekanya kuhiba amabido ibihumbi 3 vy’amavuta bifise igiciro c’imiriyoni 25, ishirahamwe mpuzamakungu UNICEF yokwubakishije amashure akoresheje isima akuye muri BUCECO hamwe no mw’ishirahamwe DAIMO yari yahasavye ibintu bifise agaciro k’imiriyoni zirenga 33. Abo basuma kandi bari bafise ibitabu bigiramwo canke bigishirizamwo abandi mu kwiba biri mu rurimi rw’icongereza. Kimwe muriyo kikaba kivuga ‘uburyo umuntu yotunga’ (How to be Rich), ikindi kikavuga kiti ‘Kubera iki wahisemwo ubukene kandi isi yuzuye amahera’ (Why have you chosen to be poor when there is so much money in the world)Amabanki rero  na cane cane BBCI asabwa gukoresha ubuhinga bujanye n’ibihe tugezemwo kugira ntaje aribwa n’abantu bakoresha uruyeri gukora ibipapuro ivyo bita «certifiication» kugira biboneke hakiri kare ko ar’ivyiganano.   

Epitace NduwayoJanvier Niyonkuru

Ouvrir