Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abakozi n’abakoresha basabwa kuja hamwe bakirimbura, gutyo bame baja inama n’ingingo

Ku wa 1 Rusama 2020, Uburundi bwarifatanije n’ayandi makungu mu guhimbwaza umunsi mpuzamakungu wahariwe abakozi n’akazi wama uhimbazwa uko umwaka utashe.Ibirori vy’uwo munsi mukuru bikaba vyaratunganijwe mu ntara zose z’igihugu kuri iki ivugo “Twitabe amatora tudasize inyuma ibikorwa vy’iterambere ry’igihugu cacu n’ingo zacu.”Twabamenyesha ko ibirori ku rwego rw’igihugu vyabereye ku kibuga c’umupira w’amaguru c’ i Muremera, ku murwa mukuru w’intara ya Ngozi birongowe n’Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ari kumwe n’umutambukanyi wiwe Denise Nkurunziza.Ico gihe akaba yatumiriye abakozi n’abakoresha kuja hamwe, bakisuzuma bakongera bagasuzuma ivyo baranguye, bagakomeza ya ngendo nziza yo kuja inama n’ingingo.  Ivyo birori vyari vyari vyitabwe n’abandi banyacubahiro benshi harimwo  n’uwuzoserukira umugambwe CNDD-FDD uri ku butegetsi, Evariste Ndayishimiye. Eka n’uwuserukira abakozi, hamwe n’uwuserukira abakoresha bari bahishikiye, bakaba barakeje Umukuru w’igihugu na Reta arongoye kuvyo bashoboye kurangura muri iyi myaka 15 iheze. Baranashikirije ivyo bifuza ko Reta yofasha abakozi n’abakoresha.Umukuru w’igihugu, Petero Nkuruziza akaba yabanje gukengurukira Imana Mushobora vyose yamufashije kuyobora igihugu mu mahoro akaba agiye kurangiza ikiringo c’imyaka 15 igihugu kiri mu mahoro n’umutekano, mbere n’ikiza covid-19 kitabica ngo bicike nk’uko biriko biraba mu bindi bihugu.

Mu gihe yari yatanguye kurongora igihugu, abarundi bamaze imyaka irenga cumi mu ntambara, bari mu mwiheburo. Yarakeje kandi Abarundi bashoboye kwitegurira amatora yo 2015, iryo 2018 n’ayimirije y’2020 batabanje kuzera inze.Yaripfurije abakozi bose umusi mukuru mwiza w’abakozi n’akazi, umusi mukuru w’akanyamuneza gaterwa n’akazi. Pierre Nkurunzizaaaribukije ko uyo munsi ari  akaryo keza ko kwirimbura no kwigira inama, kwishima no kwishimiriza bigina ivyo baranguye.  Ku bibazo vyashikirijwe n’abaserukira abakozi n’abakoresha, Prezida Nkurunziza yabishuye ko Reta Y’Uburundi iriko irabitegura, ibindi bija vyaragiye mu ngiro aca aranamenyesha yuko umwami yama agirwa n’abagabo, iyo hataba abaserukira abakozi n’bakoresha bemeye kwicara hamwe ngo bahagarike ingendo y’amayegereyegere bitari kuba vyaragenze neza nkuko biri ubu.Mu gusozera Pierre Nkurunziza yarashikirije ubushimwe abakoze neza gusumba abandi.ho twovuga intara, amakomine, amashirahamwe n’abakozi ku gatwe kabo. Aho umwe wese muri abo tudondaguye yaronse urupapuro rw’iteka ahawe na Leta y’Uburundi hamwe n’umuriyoni w’amafaranga y’amarundi.Intara yabaye iya mbere ikaba ari intara ya Bubanza yaronse amanota 89 kw’ijana. Komine ya mbere iba Ngozi ironka 100 kw’ijana.Muganga Michel Sabiyumva yagize iciyumviro co kwubaka ibitaro vy’igipolisi akanabirongora ubwambere yararonkejwe agashimwe, co kimwe n’uwamukoreye mu ngata mu kurongora ivyo bitaro, Joseph Ninteretse, aho mu myaka 2 amaze abirongoye yabikoranye ubwira, agashobora gushimisha abamwitura bose.Umukenyezi yigisha muri kaminuza Marie José Bigendako, nawe nyene yararonkejwe agashimwe kukugene yatanze ubumenyi akanagira ubushakashatsi.Ikigo Fomi gihingurwa ifumbire, abanyamabanga bakoze bigashimwa, ishure ry’akarorero ryo mu ngagara n’abandi bararonkejwe nabonyene umwe wese agashimwe.
Amasendika  y’abakozi  arajwe ishinga n’ikibazo c’umwidegenvyo w’ayoMu gisagara ca Bujumbura ibirori vyo guhimbaza uwo munsi mukuru vyabereye ku kibuga c’umupira w’amaguru « Intwari », birongowe n’Icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu Gaston Sindimwo.Mw’ijambo Gaston Sindimwo yashikirije akaba nawe nyene yamenyesheje ko icivugo c’uwo munsi mukuru ku rwego rw’Igihugu kivuga kiti « Twitabe amatora tudasize inyuma ibikorwa vy’iterambere ry’igihugu cacu n’ingo zacu ».Akaba yarifurije abakozi umusi mukuru mwiza, yongera abasaba kuja hamwe bakisuzuma bakongera bakaraba ivyo baranguye mu gukomeza ingendo nziza y’ukuja inama n’ingingo. Yarongeye kandi amenyesha ko ivyaranguwe mu myaka 15iheze ari vyinshi cane kandi ko babikesha Imana. Ivyabaye mu mwaka w’2015 ngo vyatumye batera intambwe y’ukwiyumvira no gukora gusumba. Abarundi ngo baramenye bongera baratahura iyo bava n’iyo baja kuko icari carabazingamitse kwari ukutamenya ko bashoboye.  Yaramenyesheje kandi ko bategekanya   kunagura ishirahamwe rijejwe kuvuza abakozi  ba Reta  mu ntumbero kworohereza abakozi n’imiryango yabo. Ku bijanye n’akaranda ka korona  yararemesheje abarundi yongera abasaba kubaha no kwubahiriza ingingo zafashwe. Uwuserukira abakozi Mélance Hakizimana nawe akaba yarashimiye Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza ku kuntu yitayeho ibisata bijanye n’akazi ,ibiganiro mu kazi no mu gutegekaniriza kazoza abakozi mu kiringo amaze arongoye igihugu. Yaciye asaba ko uwugiye kumukorera mu ngata yobandaniriza aho yari agejeje cane cane mu gutsimbataza ibiganiro mu kazi,no gushira muri izo nzego ababishoboye hisunzwe ubumenyi n’uburambe mu kazi.Mu bibazo nyamukuru bihanze abakozi akaba yamenyesheje ko bifuza ko hokwubahirizwa amategeko agenga umwidegemvyo w’amashirahamwe aharanira agateka n’inyungu z’abakozi no gukingira uburenganzira bw’ayo mashirahamwe ;gukomeza no kwubahiriza ibiganiro mu kazi ;gukurikirana ibijanye n’indwara ,impanuka ku kazi no gutegekaniriza kazoza abakozi.

Christine Manirambona

Ouvrir