Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ubushikiranganji bw’umutekano burashima ukugene igikorwa co kwiyamamaza kiriko kiragenda

Ubushikiranganji bujejwe umutekano burashima ukugene igikorwa co kwugurura imyiyamamazo cagenze neza muri rusangi mbere cabandanije kigenda neza gushika ku munsiu ugira gatatu wo kwiyamamaza. Naho biri uko ubushikiranganji bw’umutekano bwaranebaguye inyifato n’ingendo mbi z’abanyamigambwe bamwe bamwe mbere n’abarongoye imigambwe bamwe bamwe. Ivyo vyashikirijwe n’umuvugizi w’ubushikiranaganji bw’umutekano Pierre Nkurikiye mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku wa 29 Ndamukiza 2020.Mu vyo ubwo bushikiranganji bunebagura Pierre Nkurikiye yatanze  akarorero k’ukugene vyagenze aho amenyesha ko ku munsi wa mbere igenekerezo rya 27 Ndamukiza 2020 mumugambwe CNL hibonekeje ibikorwa binyuranye n’amategeko ubushikiranganji butera ivyatsi. Yamenyesheje ko abanywanyi b’uwo mugambwe bagiriye nabi banywanyi bo mu yindi migambwe bari baciye aho bari biyamamariza barengana. Yavugaze ko banyuruje abantu bashika ku ndwi muribo hakaba umwe yakubiswe abaporisi bakaba bamutabaye aremvye. Uwo nawe ngo akaba yari yafashwe igihe c’isaha indwi ari mw’ibarabara riva i Ngozi rija i Gitega.

Uwundi yafashwe igihe c’isaha umunani n’inusu ari i Burengo bamuzanye inyuma y’ikibuga caberako igikorwa co kwiyamamaza bagira batangure kumugirira nabi nk’uwa mbere, igiporisi  gica kiratabara. Abandi batanu bafatiwe aho bita kwa Hamabari igihe c’isaha cumi na zibiri bariko babajana aho bita ku Nkaka  naho nyene abajejwe umutekano barashobora kubatabara. Ikindi cibonekeje n’uko bashitse mu gisagara ca Ngozi baciye biha amabarabara yose yo mu gisagara ca Ngozi ku buryo n’ababahunga babasangayo. Hari n’uwundi munywanyi wabo bakubise ari ku kibuga cariko kibereko imyiyamamazo bamwagiriza ko ariko arafata amafoto. Yamenyesheje ko abagize iyo nyifato igayitse bari mu bavuye mu zindi ntara. Ubwo bushikiranganji buranebagura imvugo ifobetse y’umukuru w’uwo mugambwe yo guhamagarira abanywanyi biwe kurwana n’abanywanyi b’iyindi migambwe. Yaboneyeho akaryo ko kumenyesha yuko abajejwe umutekano bacungera bose kugira abiyamamaza bishire bizane. Yarongeye amenyesha ko hagize uwubona ko umutekano wiwe ugeramiwe yotabaza abajejwe umutekano. Yarongeye amenyesha ko no ku wa 29 Ndamukiza hagiye haribonekeza inyifato zimwe zimwe zitabereye. Aho akavuga ko ku mitumba ya Kigangabuko na Kinyinya mu ntara ya Ruyigi abanywanyi ba CNL bakubise abantu babiri bavuye mu mirima harimwo uwitwa Elie Nyandwi na Thérence Ndayisenga. Ahandi ni ku misozi ya Mbasi na Mwitoye yo muri komine Tangara mu ntara ya Ngozi aho igihe c’isaha icenda abanywanyi b’umugambwe CNDD-FDD n’aba CNL barwanye ku buryo hari batatu bo muri CNL bakomeretse n’umwe wo muri CNDD-FDD. Ariko igiporisi  carahashitse kirahagarika n’abantu batanu harimwo babiri bo muri CNL na batatu bo muri CNDD-FDD. Ku musozi Mukenke mu ntara ya Kirundo naho harafashwe abantu bashika kuri batanu bagirizwa ko bashaka guhungabanya ibikorwa vy’umugambwe CNL. Ku misozi Nyankuba na Kinama muri komine Mubimbi intara ya Bujumbura abanywanyi b’umugambwe CNL barategerewe n’abantu bataramenyekana igihe c’isaha imwe y’ijoro barabakomeretsa. Yaboneyeho akaryo ko gukebura abantu bavuye mu myiyamamazo kugira isaha cumi na zibiri z’umugoroba bacambaye impuzu z’umugambwe. Pierre Nkurikiye yamenyesheje ko izo nyifato mbi zibonekeje ku banywanyi b’imigambwe ibiri. Naho hibonekeje izo nyifato mbi ngo ubushikiranganji bw’umutekano burashima ukugene ivyo bikorwa biriko biraba hakurikijwe amategeko. Ubwo bushikiranganji buhanura abanyagihugu kuvavanura n’ingendo yo kwihanira. Ababikora nabo batabihagaritse  abajejwe umutekano bazobafata babagirire amadosiye bayashikirize ubutungane. Kw’izina ry’ubushikiranganji Pierre Nkurikiye arashima  uko abiyamamaza bikingira ikiza ruhonyanganda ca Cornavirus. Abariko bariyamamaza basabwa kubandanya ibikorwa vyabo neza bisunga amategeko n’ivyo biyemeje mu gukorana n’abajejwe intwaro  n’umurwi CENI, kwubahiriza ibibanza baba bavuze ko bazokoreramwo kuko arivyo abajejwe umutekano baba bacungereye, bahinduye naho bamenyeko bica bitera umutekano muke.

Epitace Nduwayo

Janvier Niyonkuru     

Ouvrir