Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abanyeporitike bahamagariwe gushikiriza abarundi imigambi yubaka mu gihe c’imyiyamamazo

Umukuru w’umurwi w’igihugu wigenga ujejwe gutegura amatora CENI atera akamo abanyeporitike gushikiriza Abarundi imigambi yo kubateza imbere muri kino kiringo c’imyiyamamazo y’amatora y’Umukuru w’igihugu, abashingamateka hamwe n’abagize inama mpanuzwajambo z’amakomine. Ku rwaruka rwo mu migambwe itandukanye, ngo boruhanura kugira ingendo yo kwihanganira abo badasangiye ivyiyumviro, rushigikire abanyeporitike rudashikuza. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umukuru w’umurwi CENI, Pierre Claver Kazihise, mu gitondo co ku wa 25 Ndamukiza 2020, mu nyubakwa z’uwo murwi, aho yariko ashikiriza Abarundi itegeko ry’Umukuru w’igihugu inomero 100/057 ryo ku wa 25 Ndamukiza 2020, rihamagarira abanyamigambwe, inani z’imigambwe hamwe n’abigenga kwitaba ikiringo c’imyiyamamazo catanguye ku wa 27 Ndamukiza igihe c’isaha 12 zo mu gitondo kikazosozerwa ku wa 17 Rusama 2020 igihe c’isaha 12 zo ku mugoroba.Nk’uko umukuru w’umurwi CENI, Pierre Claver Kazihise yabandanije abimenyesha, ngo ikiringo co kwiyamamaza catanguye ku wa 27 Ndamukiza 2020 igihe c’isaha  cumi nazibiri  mu gitondo, kikazosozerwa ku wa 17 Rusama 2020 igihe c’isaha cumi nazibiri zo ku mugoroba. Ibikorwa vyo kwiyamamaza ngo birabujijwe inyuma y’isaha 12 zo ku mugoroba. Ikiringo c’imyiyamamazo kiraba imigambwe, inani z’imigambwe hamwe n’abigenga bemerewe kwitoza. Muri ico kiringo c’indwi zitatu imyiyamamazo izomara, ngo imyiyamamazo ishikirizwa biciye mu majambo, indirimbo, ubutumwa busomwa, inyandiko, inama hamwe n’ubutumwa buciye mu bimenyeshamakuru.Vyongeye, ngo kuri abo bose bari mu gikorwa co kwiyamamaza, birabujijwe gutukana no gutyozanya, ico gikorwa ngo gitegerezwa kwubahiriza umutekano wa bose. Ku banyamigambwe, inani z’imigambwe hamwe n’abigenga bakeneye ikibanza muri komine iyi canke iriya ngo bategerezwa gusaba ico kibanza kwa musitanteri amasaha 24 imbere, ngo biraheza bikoroha gutanga ico kibanza. Kuri abo bose bariko bariyamamaza, ngo birabujijwe gutanga ibintu vyo guhera abatora kugira bazobahunde amajwi. Mu kiringo c’imyiyamamazo, ngo birabujijwe gukoresha ibikoresho vya Reta ndetse no kwiyamamariza ku kazi.  Ivyo bihanwa n’ingingo ya 220 y’itegeko rigenga amatora, aho uwiyamamarije ku kazi afashwe atozwa ihadabu ry’amafaranga ibihumbi 200. Inyuma yo ku wa 17 Rusama 2020, ngo birabujijwe kuzosubira kwambara ibimenyetso vy’imigambwe.

Urwaruka rw’imigambwe itandukanye rwatewe akamo ko kwihaganganira

abo badasangiye ivyiyumviro vya poritike

Umurwi CENI, usaba abagiye mu bikorwa vyo kwiyamamaza, gusoma amategeko kugira bayakurikize. Ku barongoye imigambwe n’inani z’imigambwe, yabasavye guhanura urwaruka kugira rugire ingendo yo kwihanganira abo badasangiye ivyiyumviro vya poritike, babashigikire badashikuza. Ku bitoza mu bibanza bitandukanye, yabasavye gushikiriza Abarundi imigambi yo kubateza imbere no guteza imbere igihugu muri rusangi. Muri ico gihe ngo niho bazoheza bakabatora. Umukuru w’umurwi CENI yasavye abanyagihugu kuguma ku kivi na cane cane babandanye bakora  ibikorwa vyabo bibatunze , kuko inyuma y’amatora ngo ubuzima burabandanya.Ku kibazo co kumenya ingingo zafashwe muri kino igihe isi yugarijwe n’ikiza ca Covid-19, umukuru w’umurwi CENI yamenyesheje ko uburyo bwo kwikingira bwategekanijwe, aho ibikoresho vyo gukaraba bizoba bihari hamwe n’ibikoresho bifata ubushuhe bw’uwuje gutora. Abajejwe guhagarikira amatora ngo bazoba bafise udutambara two kwikingira harya ku biro vy’itora. Mu gihe ibikoresho vyo gukaraba bizoba vyategekanijwe, yahamagariye Abarundi kubandanya umuco mwiza wo gukaraba kugira bikingire, ku mirongo naho ngo bokwirinda gusunikana. Ku bijanye n’ibihano bitegekanijwe, ngo ingingo ya 219 y’itegeko rigenga amatora, rihanisha abiyamamaje imbere y’igihe biciye mu kumanika inyandiko imbere y’igihe, gutyoza, kuzimanganya inyandiko zamanitswe biciye mu mategeko, ngo uwagiriwe n’icaha ahanishwa ihadabu ry’amafaranga y’amarundi ari hagati y’ibihumbi 800 n’imiriyoni 4.
Déo Misigaro

Ouvrir