Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abakozi basaba ko amategeko abagenga ashirwa mu ngiro

Amategeko agenga abakozi n’akazi  arahari kandi arashimishije, igisigaye n’uko yoshirwa mu ngiro kandi agakurikizwa uko yanditse. Ivyo bikaba vyamenyeshejwe na Nsavyimana Célestin arongoye  ishirahamwe mpuzamasendika ry’abakozi COSYBU mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE kw’igenekerezo rya 28 Ndamukiza 2020. Iryo shirahamwe  mpuzamasendika n’inani zamasendika mu bisata vyose vy’igihugu   ashika 38 bikaba bifasha abakozi bose bo mu Burundi abari muri sendika canke  batayirimwo  mu bibazo bijanye n’akazi  nk’amategeko adakurikizwa, ivyo kubategekaniriza kazoza, ibijanye n’ivyo  kuvugana  mu kazi  ikabifata mu minwe ikabivugana n’abo bigenga bakabitorera umuti ata ngaruka mbi ibaye ku mukozi. Célestin Nsavyimana yaragarutse ku bijanye n’umunsi mukuru mpuzamakungu wahariwe abakozi  wama uhimbazwa uko umwaka utashe kw’igenekerezo rya 1 Rusama,  aho yamenyesheje ko uwo munsi mukuru  ushitse mu gihugu c’uburundi umukozi atamerewe neza ku bijanye n’imishahara kuko  akarusho bahora baronswa uko umwaka utashe batakikaronka, kwivuza bitakigenda neza kubera ikena ry’imiti ku bivuriza kw’ikarata y’abakozi hamwe no gutegekeniriza kazoza abakozi bitakigenda neza.

Ariko n’aho biri uko ngo ibibazo ntibiri mu bakozi gusa,n’abikorera ivyabo  muri kino gihe ntivyifashe neza mu bijanye n’ubutunzi kubera ikiza ca Coronavirus catumye ubuzi bumwe bumwe buhagarara,  aho yaboneyeho akaryo ko guhimiriza abakozi kwitwararika kwirinda ico kiza ndetse n’izindi ndwara. Mu kurangiza, Célestin   yahamagariye abakozi  kwijukira kuja mu mashirahamwe ama koperative  no kurondera utundi dukorwa bakora inyuma y’amasaha y’akazi bareke kwama barindiriye umushahara wo ku kwezi kuko ataco ukimaze aca yongera asaba  abakoresha  na Reta kuja hamwe bakiga  ibijanye no  kugwiza akazi kugira ubushomeri bugabanuke mu gihugu , ibiciro vyo kwivuza ku mukozi bikagabanuke   kugira umuntu wese ashobore kwivuza , n’ukuntu imishahara yoduga  kuko uravye uko ibintu biduga ku masoko ugaca uraba umushahara w’umukozi biraboneka ko umukozi bitamworohera kubaho.  

Josélyne Ndayegamiye

Ouvrir