Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

CNIDH:Agateka ka zina muntu karateye intambwe mu mwaka w’2019 mu Burundi

5Agateka ka zina muntu kari kifashe neza mbere kakaba karateye n’intambwe mu mwaka w’2019 kiretse ko hibonekeje ukutihanganiranira hagati y’abari mu migambwe mu mihingo  imwe imwe y’igihugu. Ngo haribonekeje kandi abantu bagipfungwa vy’agateganyo bisabwe n’abarongoye intwaro canke bagapfungwa igihe kirenze igitegekanijwe n’amategeko. Ivyo vyashikirijwe n’uwurongoye umugwi w’igihugu wigenga ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH Sixte Vigny Nimuraba ku wa 15 Ndamukiza 2020 mu gihe yariko arashikiriza icegeranyo c’ivyaranguwe n’uwo mugwi mu Nama Nshingamateka.Yarongeye amenyesha ko mu bijanye n’umutekano hibonekeje imigwi y’abawuhungabanya mu ntara za Bubanza na Cibotoke ; iyo migwi ikaba yari ivuye muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo (RDC) n’Urwanda. Yavuze ko bakoreye ku madosiye 290 yerekeye ihonyangwa ry’agateka ka zina muntu uwo mugwi washikirijwe hamwe n’ayandi madosiye atatu wonyene wamenye. Muri ayo madosiye 173 yari yerekeye uburenganzira bafise mu bwigenge bwabo no mu vya poritike. Amadosiye 28 yari yerekeye uburenganzira bwabo mu bijanye n’ubutunzi, imibano, akaranga n’imico kama. Amadosiye yandi 53 yari yerekeye ukurondera gufashwa mu kuburana, gufashwa mu kubaho kwabo bifatiye ku bukene, guhabwa impanuro, kubahubura no kubavugira.

Ayandi madosiye 24 nayo yari yerekeye ubwigenge bw’abantu n’ibijanye n’ibintu bifatiye ku vyaha ariko uwo mugwi ufitiye uburenganzira bwo gukurikirana. Yarongeye amenyesha ko muri ayo madosiye 290 n’ayo atatu bakurikiranye uwo mugwi wasanze ufise uburenganzira bwo gukurikirana amadosiye 204 ni ukuvuga ibice 70,1 kw’ijana. Wasanze kandi udafise uburenganzira bwo gukurikirana amadosiye ashika 86 bakurikije ingingo ya 44 y’ibwirizwa rishinga uwo mugwi. Muri ayo madosiye kandi ayashika 188 yararangiye kwigwa nayo 103 akaba akiriko arakurikiranwa. Yarongeye amenyesha ko muvyo uwo mugwi  kandi waranguye  harimwo kugendera ubusho n’amabohero bakwongera bagatanga n’impanuro ku batagetsi mu ntumbero yo gufata neza abanyororo n’abo bose baba bapfunzwe vy’agateganyo. Uwo mugwi waragendeye ubusho 79. Muri ico gikorwa uwo mugwi ukaba warashoboye wumvirije abantu  2.413 bagizwe n’abagabo 2055 n’abakenyezi 237 harimwo 4 bafise abana bonka, urwaruka n’imiyabaga 116 n’abigeme 5. Kubera gutabariza abanyororo, abashika 154 bararekuwe. Uwo mugwi rero urashimishwa no kubona ibitigiri vy’abapfungwa vy’agateganyo vyateye bigabanuka muri uwo mwaka w’2019. Aho ni mu gihe ku banyororo 2.413 bari bapfunzwe abashika 87 bari bararengeje ikiringo co gupfungwa vy’agateganyo. Ku vyerekeye kugendera amabohero, umugwi CNIDH ngo  wagendeye ayashika 13 wongera uriga dosiye y’umwe umwe. Uwo mugwi wasanze ibitigiri vy’abanyororo ari umurengera. Uwo mugwi kandi urarajwe ishinga n’abanyororo barenza igihe co gupfungwa vy’agateganyo kuko ku banyororo 11.464 abashika 5.224 bari bapfunzwe ivyo agateganyo. Ku bijanye no gukinga ihohoterwa rya kiremwa muntu no gufatwa nabi nk’uko bitegekanijwe n’amasezerano mpuzamakungu, uwo mugwi wasanze hari abahohotewe n’abaporisi. Aho akavuga ababikorewe mu ntara ya Bubanza no muri parike ya Bubanza. Uwo mugwi warakurikiranye kandi abandi bantu bahohotewe na parike y’iyungururizo ya Ntahangwa. Uwo mugwi kandi warakoreye ku bijanye no gukubagura canke gufata ku nguvu abakenyezi. Wasanze hari abanyeshure 11 bafashwe ku nguvu kuri Lycée ya komine Murungurira muri komine Ntega, intara ya Kirundo mu mwaka w’ishure w’2018 ushira uw’2019. Umugwi CNIDH kandi warashikije abaserukira ubutungane abantu bahohotewe n’abapfunzwe ataco bagira wamaze gutohozako. Uwo mugwi wararonse abantu 13 bantahonikora basaba kwunganirwa mu bijanye n’ubutungane mu mwaka w’2019. Umukuru w’umugwi CNIDH, Sixte Vigny Nimuraba yarongeye amenyesha ko bashikirije Reta ibintu vyose bijanye no guhungabanya agateka ka zina muntu. Aho bakaba basavye ko agateka ka zina muntu kokingirwa hamwe n’ingingo zofatwa kugira gakingirwe. Uwo mugwi ukaba warashikirije Reta abajejwe intwaro, ubutungane n’abaporisi bagirizwa ivyo vyaha. Mu gisata c’ubutungane naho ku wa 23 Nzero 2019 hararekuwe abanyororo bashika 3000. Harongeye haravyurwa urubanza rwerekeye igandagurwa rya prezida Melchior Ndadaye. Ku bijanye n’ibimenyeshamakuru uwo mugwi umenyesha ko hari abamenyeshamakuru bo mu kinyamakuru Iwacu bapfunzwe. Ku bijanye n’uburenganzira bwo gutunga ibintu witirirwa, uwo mugwi umenyesha ko hibonekeje imiryango 4 yambuwe ivyayo n’abajejwe intwaro kandi bataronse inshumbusho. Umugwi CNIDH usaba Reta kwubahiriza amasezerano mpuzamakungu mu bijanye no gutanga ivyegeranyo. Usaba ubutungane kwubahiriza ibijanye no gutohoza ivyaha. Abarongoye imigambwe n’inani z’imigambwe basabwa kwubahiriza amambwirizwa n’amategeko agenga amatora. 
Epitace Nduwayo na 

Janvier Niyonkuru (Uwimenyereza) 

Ouvrir