Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abakenyezi birimizi barahamagarirwa kwijukira kuja mu mashirahamwe

1Abakenyezi bahurikiye mu mashirahamwe atandukanye y’uburimyi barakenguruka intambwe bagezeko mu kwiteza imbere, kurima kijambere, hamwe no gufungura neza kubera inyigisho baronkerayo ari naco gituma bahamagarira abagisigaye inyuma guhamvya abandi. Ako kamo katewe n’abarongoye amashirahamwe atandukanye y’abakenyezi  bavuganye n’ikinyamakuru UBUMWE ku magenekerezo ya 8 na 9 Ndamukiza 2020.Ni muvyisomere.

Dorothée Banyankirubusa : Asanzwe arongoye ishirahamwe TERIMBERE ry’abarimyi b’umuceri bakorera muri zone Kinama mu gisagara ca Bujumbura.  Iryo shirahamwe  ry’abakenyezi ryatanguye kuva mu mwaka w’1991 rikaba riri mu ya mbere yatanguye hano mu Burundi ayandi mashirahamwe yagiye aravuka akaba yarahuye ubwenge kuri iryo shirahamwe. Iryo shirahamwe twaritanguye rifise intumbero yo kurwanya ubukene, abakenyezi twari kumwe twashaka kwitunganiriza uburaro bwiza kuko tutagira aho tuba heza twaba mu nzu z’ubwatsi. Abakenyezi rero twarashoboye kwubaka inzu zitari nke ku banyeshirahamwe tubanje kubumba amatafari duca turonka ababunganira abo rero baragize intambwe ya mbere, nakare ngo ibigiye inama bigira Imana.  Mw’ishirahamwe turongera tukarimira hamwe umuceri ari vyo bidufasha mu kwiteza imbere  kuko iyo twejeje turashobora kwikenura mu vyo dukenera mu buzima bwa minsi yose, turanafasha n’abatamakazi bari mu bo twatanguranye mw’ishirahamwe ubu bageze mu zabukuru, duca tubaronsa ivyankenerwa, gushika no kuvyambarwa, ayandi mafaranga tukayajana kuyabikisha muri banki kugira azodufashe kurima hageze. Ibibazo  vyinshi vyatewe n’ibihe Uburundi bwagiye buracamwo vyasubije inyuma ishirahamwe, ihindagurika ry’ibihe n’uko aho turima hagenda haragabanuka bivanye n’uko bagiye bahubaka. Izindi ntambamyi naho tugerageza kuzitorera inyishu n’uko abakenyezi baruka ubu batagifise umwete cane wo kurima tugaca tubasaba gutanga amahera y’umukozi ashobora kuduza ikivi.

2Anarissa Ndamuhawenimana: Asanzwe aserukira ishirahamwe BAVYEYI TURERERE UBURUNDI ryo mu ntara ya Bubanza, rikaba rifise irerero ry’impfuvyi. Mw’ishirahamwe kugira dushobore kubafungurira abakenyezi turi  kumwe  turarima ibiterwa bisanzwe biba mu ntara kama y’Imbo dusanzwe duherereyemwo. Ivyo navyo bikaba ari ibigori, umuceri, imyumbati, ibijumbu, ibiharage hamwe n’imboga. Twebwe abakenyezi duhurikiye muri iryo shirahamwe turateye imbere cane kuko turaharonkera inyigisho zo kurima kijambere, kumenya amategeko agenga igihugu n’ayakingira umukenyezi, tukamenya kandi imigambi igezweho y’uburimyi n’ibindi kugira umukenyezi nawe ntasigare inyuma mw’iterambere, kanatsinda ntirishoboka umukenyezi adateye imbere. Izo nyigisho turonkera mw’ishirahamwe ntizigarukira ngaho gusa, ubwo bumenyi turaheza tukabushikana mu miryango iwacu bigatuma turima kandi tukwongera tukworora kijambere kuko uburimyi bwama bujana n’ubworozi. Mw’itongo ry’umukenyezi ari mw’ishirahamwe usanga rikayangana, ukabona vy’ukuri ko hari umukenyezi aciye ubwenge.  Naho twateye imbere mukuja hamwe, ingorane zozo ntituzibura bivanye na cane cane n’ihindagurika ry’ibihe, iyo ikirere kigenze nabi umwimbu twari twiteze ntuheza ngo uboneke. Iyo rero umwimbu utabonetse, birahungabanya cane umurimyi kuko aba yakoresheje inguvu nyinshi na cane cane umukenyezi aba ariho aziga agahuzu kiwe n’ak’abana iyo ari umunywanyi.  Ikindi gihora kitugora mw’ishirahamwe ni igihe ifumbire tutayironse ku gihe bivuye ku gusamara canke igashika itevye navyo biratuma umwimbu utagenda neza kuko aca «umugani ngo uwugutanze kurima aba agutanze gusoroma». Abakenyezi batari mw’ishirahamwe nobatumirira kwinjira mu mashirahamwe asanzwe ari aho batumbereye kuko «nyamwigendako ntarimira impeshi» kandi «akanyoni katagurutse ntikamenya iyo bweze». Hejuru yo kwiteza imbere bazoronkerayo inyigisho zibamenyesha ko hari ivyo barekuriwe mu rugo, ntibagume barenganywa umengo bobo bategerezwa gutega amashi abagabo kandi nabo bashoboye.

3Genéviève Ntirampeba : Ari mwishirahamwe ry’abagendana umugera wa Sida mu Ntara ya Rutana, twatanguye ishirahamwe dufise intumbero yo guhimiriza abakenyezi bagendana umugera wa Sida uko bitwara,ko batorera amaboko bakaguma ku kivi hamwe n’abandi bakenyezi. Abakenyezi bagendana umugera wa Sida bari mw’ishirahamwe bararima ibiterwa mbumbarugo turabahimiriza kurima imboga nyinshi, hamwe n’itomati kugira bashobore gufungura neza, bagire amagara meza. Abo bakenyezi kandi twarabatahuje ko imbere yuko bashora umwimbu bobanza bakavyihereza nabo hamwe n’abana babo kugira bagire amagara meza, hanyuma bagashora umusesekara. Abakenyezi bari mw’ishirahamwe bameze neza ntiwomenya ko bagendana umugera wa Sida, bari ku kivi mw’iterambere nk’abandi Abarundi bose, bakorera hamwe, hariho n’abashoboye kuronka agatahe gato bakadandaza bikabafasha kwiteza imbere.Tugiye hamwe, n’uwukeneye kugura utwo agura aca ashorera uwo bari kumwe mw’ishirahamwe bakabona kunganiranira. Bivanye n’intambwe tugezeko mw’iterambere  turiko turagera kw’ihangiro kuko abo bakenyezi bagarukanye umwizero ko nabo bafise ubuzima, ivyo batari bazi igihe baza mw’ishirahamwe. Ikindi dushimikirako cane hejuru yo kwiteza imbere n’ugutanga kwitwara neza inyigisho ku banywanyi zo kureka kwanduza  umugera wa Sida abandi,bakitwaraneza bakaremenshanya bakaguma ku kivi.

Anitha Bizimana

Ouvrir