Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

«Uburundi buriko bwandika amateka mashasha»

rauAbarundi ngo baramaze kubona icabaryanishije, muri kino gihe ngo Uburundi buriko bwandikisha amateka mashasha, aho Umukuru w’igihugu yatowe n’abanyagihugu agiye kurangiza ibiringo yandikiwe n’amategeko. Eka ngo ni n’ubwa mbere amatora abaye hari umwuka mwiza wa poritike. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umukuru w’Inama Nkenguzamateka, Révérien Ndikuriyo, ku muhingamo co ku wa 13 Ndamukiza 2020, mu nyubakwa za “Lycée Scheppers”, iri muri komine Mukaza, mu gisagara ca Bujumbura, mu nama yo gutsimbataza amahoro n’umutekano n’iterambere ku batowe baserukira abanyagihugu n’abarongoye imirimo itandukanye bo mu gisagara ca Bujumbura.Nk’uko umukuru w’Inama Nkenguzamateka, Révérien Ndikuriyo yabishikirije, ku bagiye guhiganwa mu matora, yamenyesheje ko mu matora haburana babiri, hagatsinda umwe. Inyuma y’amatora, yabasavye kuzoshira aho intahe ishize. Uburundi ngo buriko bwandika amateka mashasha, aho ari imbonekarimwe Umukuru w’igihugu atorwa akamara ibiringo arekuriwe n’amategeko. Ku wa 18 Nyakanga 1961, aho umugambwe UPRONA watsinda, uwari awurongoye ari nawe yaharaniye intahe yo kwikukira, umuganwa Ludoviko Rwagasore yaciye agandagurwa, ku wa 13 Gitugutu 1961. Eka ngo n’uwaharaniye intwaro rusangi, Melchior Ndadaye ntiyaronse akanya ko gushira mu ngiro ivyiyumviro vyiwe vya poritike kubera ko yaciye agandagurwa, ku wa 21 Gitugutu 1993, inyuma y’amezi atatu, umugambwe wiwe Sahwanya FRODEBU uhejeje gutsinda amatora. Vyongeye, ngo ni ubwa mbere amatora abaye mu Burundi hari umwuka mwiza wa poritike. Icipfuzo ngo n’uko ayo mateka mashasha Uburundi buriko burandika yomara imyaka myishi kugira igihugu kibandanye gitera imbere.Ku banyeporitike, yabasavye guhiganisha ivyiyumviro vya poritike, bame na ntaryo bashikiriza ivyiyumviro vyubaka igihugu. Bisubiye, ngo amatora agiye kuba amahoro n’umutekano bitsimbataye mu gihugu cose, aho n’imirwi y’abasuma yatujijwe mu gihugu cose. Vyongeye, ngo amatora agiye kuba impunzi ziriko ziratahuka, aho impunzi zishika 1000 zakirwa n’inzego zibijejwe ku ndwi ku ndwi.

Iciyumviro co kwegeranya amafaranga y’amatora ngo cabaye umugisha ku Burundi
Mu gihe isi ihanzwe n’indwara ya Coronavirus, umukuru w’Inama Nkenguzamateka yaboneyeho akaryo ko gushimira icese uwazanye iciyumviro co kwegeranya amafaranga y’amatora yo mu mwaka w’2020, iyo bitagenda uko, ngo ayo mafaranga ntiyari kuboneka. Amatora ashitse Abarundi bari ku kivi aho bariko biyubakira amashure, amavuriro n’ibibuga vy’inkino, aho ibibuga 9 vyashizweko imisezero ya kijambere. Ivyo ngo ni ivyiza bishigikiye ayo mateka mashasha Uburundi buriko burandika.Ku macakubiri yaranze igihugu muri kahise, umukuru w’Inama Nkenguzamateka yamenyesheje abari bitavye iyo nama ko urwego rw’Inama Nkenguzamateka rwasavye ko abo bazanye amacakubiri mu Burundi boshengezwa. Ibisigarira vy’abantu bishwe mu biza igihugu cagiye kiracamwo, yasavye ko  vyoshirwa mu biyo bitameneka kugira abagendera igihugu bazoze barabibereka gutyo  ivyo bintu ntibizosubire kuba mu gihugu c’Uburundi. Ku bijanye n’ikiza ca Coronavirus, yasavye abari ngaho ko bohimiriza abo bajejwe kurongora kwubahiriza ingingo ziriko zirafatwa n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu kugira bikingire ico kiza. Mu gihe abatowe bariko barasozera ikiringo cabo, yarabashimiye kubona bakoranye neza. Mu gihe igisagara ca Bujumbura gihanzwe n’imyuzurira, yasavye ababijejwe kwirinda gutanga ibibanza vyo kwubaka mu bibanza bitarekuwe n’amategeko. Abantu bemere kwubahiriza amategeko, bicishe bugufi niho iyo myuzurira itazosubira kwibonekeza.

Abarundi basabwe kuvyara abo bashoboye kurera
Ku bijanye n’umurindi w’igwirirana ry’abantu, yasavye abari ngaho guhimiriza abo bajejwe kwibaruka abo bashoboye kurera, niho bazokura bafise amagara meza. Ku buringanire bw’igihugu bw’ibirometero kwadarato 27834, ngo habaye Abarundi imiriyoni 12,  ku kirometero kwadarato hakaba abantu 450, ivyo bitigiri ngo ni binini cane. Aho yagarutse ku mwigisha wo mu ntara ya Kayanza yasambanije abana 19, iyo ngo niyo nzira izananamwo ubwo bwinshi bw’abarundi. Uwo mwarimu yamusabiye igihano c’imyaka 475 ngo kubera ubwo ari ubukoko mu bundi. Eka ngo urwego rw’Inama Nkenguzamateka rugiye gutanguza urugamba yise “gukura imfyisi mu ntama” kugira iyo ngeso y’abarimu bagoba izo baragiye ituzwe. Imbere yaho, mw’ijambo ry’ikaze, umukuru w’igisagara ca Bujumbura, Fréddy Mbonimpa yamenyesheje ko ababaye mu gisagara ca Bujumbura babandanya kwubahiriza ingingo zafashwe n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu kugira bikingire ikiza ca Coronavirus. Mu ntumbero yo gutegura amatora meza, ngo bobandanya gutsimbataza amahoro n’umutekano ndetse bakaba baranayaterereye.                                                                                                 

Déo Misigaro

Ouvrir