Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Sentare yubahiriza Ibwirizwa Shingiro yarashikirije aho ihagaze ku madosiye y’imigambwe yayituye atakiriwe n’umurwi CENI

DSC 0536Sentare ijejwe kwubahiriza Ibwirizwa Shingiro yarashikirije ku wa 27 Ntwarante 2020, ivyavuye mw’isuzumwa ry’amadosiye  y’imigambwe yari yayituye inyuma y’aho umurwi ujejwe gutunganya amatora CENI wari wanse kwakira amadosiye y’abazoyiserukira mu matora y’abashingamateka n’abagize inama mpanuzwajambo z’amakomine. Urunani Kira-Burundi rukaba rwemerewe vy’imfatakibanza mu ntara zitanu zonyene ari zo. Bururi, Muramvya, Mwaro, Rutana na Rumonge. Imigambwe Frodebu nyakuri iragi rya Ndadaye, FPN Imboneza hamwe na FNL, amadosiye y’abanwanyi bayo, Sentare ijejwe kwubahiriza Ibwirizwa Shingiro ikaba itayemeje mu ntara zose bari basavye. 

Gloriose Nshimirimana

Ouvrir