Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Uburundi burafise ibikoresho vyo gupima indwara ya Coronavirus

denizaaaaaUburundi bwariteguye gukingira abenegihugu kugirango ikiza ca Coronavirus ntigishike mu gihugu. Ivyo vyashikirijwe  kw’igenekerezo rya 27 Ntwarante 2020 n’umushikiranganji w’amagara y’abantu Thadée Ndikumana igihe yariko aragendera ahari ibikoresho vyo gupima ico kiza mu kigo c’ishure ryigisha ivy’ubuvuzi “INSP», ibitaro vyitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore ahategekanijwe kwakira abatowe iyo ndwara butandukanye ko bahashize ibikoresho vyo gukaraba.Umushikiranganji w’amagara y’abantu Thadee Ndikumana akaba yamenyesheje ko bafise ibikoresho vyo gupima indwara ya coronavirus, bafise kandi n’abahinga babikoresha. Ngo mu kigo c’ishure ryigisha ivy’ubuvuzi INSP hariho abaganga bagiye kuvyiga mu bihugu vya Kenya hamwe na Afrika y’Epfo bashika kuri 2. 

Ikindi naco n’uko ngo barafise abahinga bashika kuri 10 bakurikirana iyo ndwara. Barafise imashini zishika kuri 6, bagakora ibipimo birenga 300 ku munsi. Thadée Ndikumana yarashimiye Reta y’Uburundi  yashizeho uburyo kugira bashobore gukingira abenegihugu. Yaravuze ko abo biketse bashika kuri babiri babapimye bagasanga ntibarwaye coronavirus.Yaravuze ko abo biketse ko boba bayifise baca babapima kuko hariho n’abarwayi bari mu bitaro “Kira Hospital” boba biketswe, ngo ico gihe bakaba bariko barabapima. Ngo mu Burundi baramaze kwitunganya  ku mipaka ihari ishika 22 hamwe no mu bitaro  hose hakaba hariko abaganga bakurikirana ibijanye n’iyo ndwara. Yarongeye aramenyesha ko hari ibibanza bitatu vyo kwakiriramwo abo bosanga barwaye , naho hakaba ari : Kumudubugu muri komine Gihanga, intara ya Bubanza, ibitaro vy’abasirikare mu Kamenge hamwe n’ibitaro vyitiriwe umuganwa Rudoviko Rwagasore i Bujumbura. Yarongeye aramenyesheje ko hariho imodoka zagenewe gutwara abantu bazoba bafashwe n’iyo ndwara zishika kuri 19, kandi harimwo n’izirimwo ibikoresho bifasha abarwaye guhema. Yariyamirije abantu bose bakwiragiza ibihuha babicisha ku buhinga ngurukabumenyi bavuga ko hariho abamaze kuboneka barwaye kuko ari inkuru z’ibinyoma. 
Thérèse Niyonkuru

Ouvrir