Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abazohiganirwa ikibanza c’Umukuru w’igihugu mu 2020 Mwari mubazi?

Mu kinyamakuru UBUMWE inomero 2052 co ku wa 23 Ntwarante 2020 twaratanguye kubashikiriza umwidondoro n’ibiranga abakwije ibisabwa n’umurwi CENI kugira bazohiganirwe ikibanza c’Umukuru w’igihugu,tukaba twahereye kuri Major Evariste Ndayishimiye yashizwe imbere n’umugambwe CNDD-FDD na Gaston Sindimwo yashizwe imbere n’umugambwe UPRONA. Muri iyi nomero 2053 yo ku wa 30 Ntwarante 2020, turamutse tubashikiriza umwidondoro wa Agathon Rwasa yashizwe imbere n’umugambwe CNL n’umwidondoro wa Francis Rohero yigenga. Mu kinyamakuru UBUMWE inomero 2052 co ku wa 23 Ntwarante 2020 twaratanguye kubashikiriza umwidondoro n’ibiranga abakwije ibisabwa n’umurwi CENI kugira bazohiganirwe ikibanza c’Umukuru w’igihugu,tukaba twahereye kuri Major Evariste Ndayishimiye yashizwe imbere n’umugambwe CNDD-FDD na Gaston Sindimwo yashizwe imbere n’umugambwe UPRONA. Muri iyi nomero 2053 yo ku wa 30 Ntwarante 2020, turamutse tubashikiriza umwidondoro wa Agathon Rwasa yashizwe imbere n’umugambwe CNL n’umwidondoro wa Francis Rohero yigenga. 

Agathon Rwasa (CNL)
Agathon Rwasa azohihiganirwa ikibanza c’Umukuru w’igihugu mu matora yo ku wa 20 Rusama 2020 yizewe n’umugambwe CNL. Agathon Rwasa yavutse ku wa 10 Nzero 1964 i Ciri muri komine kiremba, intara ya Ngozi. Yubakanye n’umupfasoni Haberisoni Annonciate. Ni umurundi, akaba ari umushingamateka, akaba aba i Kiriri mu gisagara ca Bujumbura. Mu mwaka w’1988 yari arangije imyaka itatu ya kaminuza y’Uburundi mu gisata c’inyifato n’inyigisho. Yahagaritse amashure yiwe uwo mwaka nyene bitumwe n’intambara yo mu makomine  Ntega na Marangara, aca aja mu buhungiro aho yamaze umwanya munini mu bikorwa vya poritike vyo guhabuza abarundi. Yagarutse mu gihugu c’amavukiro muri Rusama umwaka w’2008. Kuva mu mwaka w’1984 gushika mu mwaka w’1987 yari arangije imyaka ibiri ya kaminuza mu gisata c’inyifato n’inyigisho kuri kaminuza y’Uburundi.  Kuva mu mwaka w’1981 gushika mu 1984 yari aronse urupapuro rw’umutsindo rw’amashure yisumbuye na seritifika yemeza ko aronse uburenganzira bwo kwiga kaminuza kuri koleje y’i Muramvya. Kuva mu mwaka w’1977 gushika mu 1981 yari mw’ishure nderabigisha ry’i Musenyi aho yarangirije igice ca mbere c’amashure yisumbuye. Kuva mu mwaka w’1970 gushika mu mwaka w’1977 yari mu mashure y’intango ry’i Kiremba aho yatoreye ikibazo ca Reta kimuha uburenganzira bwo kuja mu mashure yisumbuye. Kuva mu mwaka w’1969 gushika mu mwaka w’1970 yari mw’ishure ry’intango ry’i Ciri. 

Agathon Rwasa yararanguye amabanga atandukanye ya Reta  
Kuva muri Mukakaro umwaka w’2015 ni umushingamateka yatowe mu ntara ya Ngozi, akaba ari icegera ca mbere c’umukuru w’Inama Nshingamateka y’Uburundi. Kuva ico gihe nyene ari mu nama mpanuzwajambo ya komine Kiremba akongera akaba n’icegera c’umukuru w’umugwi ujejwe poritike muri urwo rwego. Kuva muri Ruheshi 2009 gushika muri Ruheshi 2010 yari umuyobozi mukuru w’ishirahamwe INSS; yari kandi umukuru w’urwego nshingwantwaro mw’Ibanki y’ubudandaji BANCOBU akongera akaba mu rwego rugenzura ubutunzi bw’iyo banki. 
Ivyaranze Agathon Rwasa muri poritike
Agathon Rwasa yabaye umukuru w’umugambwe CNL kuva muri Nyakanga 2018 gushika ubu, kandi akaba ari nawe aserukira uwo mugambwe imbere y’amategeko. Mu mwaka w’2020 yari umukandida mu mtora ya komine, ayo abashingamatekahamwe n’ay’Umukuru w’igihugu.  Yarabaye umukuru w’urunani Amizero y’Abarundi; araba ukandida mu matora ya komine, ay’abashingamateka n’Umukuru w’igihugu mu mwaka w’2015. Agathon Rwasa yarabaye kandi umukuru w’umugambwe FNL kuva ucemererwa mu mwaka w’2009 yongera awuserukira imbere y’amategeko gushika aho ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu bufata izindi ngingo. Agathon Rwasa yari arongoye umuhari warwana n’ubutegetse PALIPEHUTU-FNL kuva ku wa 23 Ruhuhuma 2000 gushika wemererwa gukora nk’umugambwe wemewe n’amategeko ku wa 21 Ndamukiza 2009. Yaritoje mu bajenama b’amakomine, mu bashingamateka n’itora y’Umukuru w’igihugu mu mwaka w’2010. Agathon Rwasa aravuga kandi arandika neza ikirundi, igifaransa, icongereza n’igiswahiri. Arazi gukoresha neza ubuhinga ngurukanabumenyi; akaba akunda inkino, gusoma ibitabu n’umuziki. 

Uwigenga Francis Rohero
Yavutse ku wa 16 Nzero 1972 muri zone Rohero, karitiye Rohero ya mbere mu gisagara Bujumbura. Francis Rohero afise impamyabushobozi ya “Master” mu gisata c’ubutunzi n’intwaro yaronse mu mwaka w’2003 muri kaminuza y’i Yaoundé II muri Camerun. Francis Rohero arubatse kuva ku wa 25 Myandagaro 2001 n’umupfasoni yitwa Félicité Rohero Nzopfimanabishatse. Bafise abana batatu; imfura kaba afise imyaka 18, uwugira kabiri 14 nayo uwugira kane imyaka 12; imfura akaba ari umuhungu abandi babiri ni abigeme. Amashure yisumbuye yayize kw’iseminari y’i Buta mu ntara ya Bururi mu mwaka w’1993 mu nyuma yabanadanje amashure yiwe kw’iseminari y’i Burasira muri dioyoseze ya Ngozi mu mwaka w’1994. Avuga ko igihe yiga i Buta n’i Burasira hose yama ashira imbere kudakoresha inguvu akaba yafatira akarorero kuri Ghandi na Martin Luther King na cane cane Yezu Kristu. Ivyo vyatumye agira agahinda yumvise abana b’i Buta bagandaguwe bari mw’itiro.    Yabaye muri karitiye Rohero kuva mu mwaka w’1972 gushika mu 1979 mu Nyakabiga kuva 1979 gushika1988 ,Kinanira kuva1988gushika1993,Roherokuva mu 1993 gushika 1994 gushika mu Kamenge kuva mu 1994 gushika mu1997, i Yaoundé kuva mu 1997 gushika mu 2004;  mu Kibenga kuva 2004-2011, mu Kinanira kuva mu 2011 gushika ubu. Ni umukristu asenga muri gatorika ariko akaba afise imiryango y’abaporotisanti n’abaislamu b’abagenzi kubera babanye mu bwana bwiwe haba i Bujumbura canke i Yaoundé. Francis Rohero  yararongoye ishirahamwe ry’abanyeshure b’abarundi baba i Yaoundé muri Camerun mu mwaka w’2000. Yagarutse mu Burundi mu mwaka w’2005. Yarabaye umuhanuzi mu biro vy’Icegera ca kabiri c’Umukuru w’igihugu ariko akaba  yaratanze imihoho mu mwaka w’2006. Kuva akiri i Buta yibaza ko yofasha mu guhindura ibintu bikaja mu nzira. Ni naho yafashanije n’abagenzi biwe bashinga umugwi bise “Orange”. Uwo mugwi ahanini ukuba uhurikiyemwo urwaruka. Intumbero yiwe muri poritike akaba ari “Umugambi w’Uburundi buhiriwe mw’iteka n’itekane” yashikirije mu mwaka w’2016. Amenyesha ko n’ibihuhusi vyo mu mwaka w’2015 bitamukuye ku ciyumviro yamanye co gushira imbere amahoro. Francis Rohero akoresha neza ubuhinga bwa none harimwo no guhanahana inkuru akoresheje ubuhinga ngurukanbumenyi. Muri Gitugutu 2019 niho yamenyesha ko azohiganirwa ikibanza c’Umukuru w’igihugu mu 2020; akaba yatanze ibimuranga mu mugiwi CENI ku wa 3 Ntwarante 2020. Yemerewe n’uwo mugwi CENI ku wa 10 Ntwarante 2020.

Epitace Nduwayo 

Ouvrir