Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abagumyabanga bahamagarirwa kugendera mukuri bakagira urukundo rutagira inyungu

fgNk’uko vyama bigenda buri wa kane wanyuma w’ukwezi, ku wa 26 Ntwarante 2020, umugambwe CNDD-FDD waratunganije mu gihugu cose amasengesho yo gukengurukira Imana. Mu gisagara ca Bujumbura, amasengesho yabereye ahari icicaro gikuru c’umugambwe, ahagarikiwe n’umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu, Denise Nkurunziza, aho yahamagariye abagumyabanga kurangwa n’urukundo ruva ku Mana. Ayo masengesho yari yitabwe kandi n’umunyamabanga mukuru w’umugambwe akaba na samuragwa muri uwo mugambwe, Evariste Ndayishimiye , indongozi zitandukanye mu nzego z’igihugu zikomoka muri uwo mugambwe hamwe n’abandi bagumyabanga batandukanye bari bayitavye. Amasengesho yari afatiye kw’ijambo ry’Imana rifise ifatiro rihagaze kw’ijambo riri mub’i korinto 1 ikigabane ca 13 akarongo ka 6, aho rivuga ngo : « Urukundo ntirunezerwa n’ubugunge, ariko runezerezwa n’ukuri ». Mu nsiguro yashikirijwe na Denise Nkurunziza, yahagaze ku rukundo bise  « agape », urukundo rw’abana b’Imana, rutanga rukongera rukitanga ata nyungu rurondeye. Uwurufise rero urwo rukundo ngo yihanganira vyose kandi agira impuhwe.

Abarufise bagira intambuko, bagahanura abari mu bigabitanyo. Nk’uko vyama bigenda buri wa kane wanyuma w’ukwezi, ku wa 26 Ntwarante 2020, umugambwe CNDD-FDD waratunganije mu gihugu cose amasengesho yo gukengurukira Imana. Mu gisagara ca Bujumbura, amasengesho yabereye ahari icicaro gikuru c’umugambwe, ahagarikiwe n’umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu, Denise Nkurunziza, aho yahamagariye abagumyabanga kurangwa n’urukundo ruva ku Mana. Ayo masengesho yari yitabwe kandi n’umunyamabanga mukuru w’umugambwe akaba na samuragwa muri uwo mugambwe, Evariste Ndayishimiye , indongozi zitandukanye mu nzego z’igihugu zikomoka muri uwo mugambwe hamwe n’abandi bagumyabanga batandukanye bari bayitavye. Amasengesho yari afatiye kw’ijambo ry’Imana rifise ifatiro rihagaze kw’ijambo riri mub’i korinto 1 ikigabane ca 13 akarongo ka 6, aho rivuga ngo : « Urukundo ntirunezerwa n’ubugunge, ariko runezerezwa n’ukuri ». Mu nsiguro yashikirijwe na Denise Nkurunziza, yahagaze ku rukundo bise  « agape », urukundo rw’abana b’Imana, rutanga rukongera rukitanga ata nyungu rurondeye. Uwurufise rero urwo rukundo ngo yihanganira vyose kandi agira impuhwe. Abarufise bagira intambuko, bagahanura abari mu bigabitanyo. Ngo bagendera mu kuri kuko runezerezwa n’ukuri rukagendera mu kuri. Abagumyabanga rero ngo barakeneye urukundo “agape” kugira bige guhanurana. Rurakenewe kugirango bakundane atavyo kurondera inyungu. Denise Nkurunziza akaba yarangije asengera abagumyabanga ndetse n’amatora ngo Imana ihagarike ikintu cose coza gihagarika amatora. Mw’ijambo ryiwe, umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD -FDD Evariste Ndayishimiye, nawe yaragarutse ku bijanye n’urukundo, aho yamenyesheje ko urukundo ari rwo uwo mugambwe wahisemwo kandi ari rwo rukwiye kubaranga muri kino gihe. Yaragarutse no kuri ca kiza coronavirus gihanze isi, agatangazwa n’umuntu ava iyo cateye akaza kandi azi neza ko aba aje kwanduza abandi. Uwo muntu rero ngo nta rukundo aba afise. Agasaba rero abagumyabanga kurangwa n’urukundo aho bari hose.
Gloriose Nshimirimana

Ouvrir