Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ku wa mbere Mukakaro, amabarabara menshi azoba afise amazina mashasha

DSC 0103Ku wa mbere Mukakaro, amabarabara menshi, ibibuga vy’inkino, amahuriro y’amabarabara hamwe n’ibitarurwa bizoba bifise amazina mashasha. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umuvugizi w’Umukuru w’igihugu, Jean Claude Karerwa, ku wa 27 Ntwarante 2020, inyuma y’inama yahuje abarongoye intara zose z’Uburundi hamwe n’abarongoye ama Kaminuza yo mu Burundi kugira bashikirizwe icegeranyo c’aho umurwi w’igihugu ujejwe guhindura amazina no guha amazina ibibanza bitandukanye mu gihugu bizaba icitegererezo ku rwaruka ruzovuka, iyo nama ikaba yuguruwe n’umuyobozi mwishikira mu biro vy’Umukuru w’igihugu, Gabriel Nizigama.Nk’uko umuvugizi w’Umukuru w’igihugu, Jean Claude Karerwa yabishikirije, ngo hisunzwe ingingo y’18 y’Ibwirizwa Shingiro ry’Uburundi, ngo amabanga ya mbere ya Reta ni uko ikora ibikorwa vyo guhuza no kunywanisha abarundi. Ni muri iyo ntumbero mw’ijambo Umukuru w’igihugu yashikirije abarundi aho bariko bahimbaza imyaka 57 iheze Uburundi buronse intahe yo kwikukira, yasavye ko ibibanza bimwe bimwe bifise amazina ataroranye, amazina ataco yigisha canke ngo agire ico abafashije mu bijanye n’iterambere ko yohindurwa.Muri ico gikorwa co guhindura amazina y’ivyo bibanza, ngo hariho n’ibindi bibanza bitagira amazina, aho n’ivyo bibanza nyene, umurwi w’igihugu ujejwe ico gikorwa ko bobitorera amazina hisunzwe intumbero yatanze muri iryo jambo. Iyo ntumbero nayo n’uko abateye iteka igihugu nabo boterwa iteka kugira ayo mazina azobere urwaruka ruriko ruraruka,  akarorero, muri kubu na kazoza kugira narwo muvyo rukora, ruze rurisunga izo ntwari. Vyongeye, ngo kubona mu bikorwa vy’iyo nama bari batumiye abarongoye intwaro n’inyigisho za kaminuza, ngo ni ukugira nabo baterere ivyiyumviro, mu bijanye  nivyokorwa kugira koko  ayo mazina azobe afise ico yigisha abarundi muri rusangi.

Abitavye iyo nama, kiretse kwibutsa amazina y’abantu bagize ibibaranga muri kahise, umurwi utari wiyumviriye, basavye ko n’ibihugu vyagumye hafi Uburundi mu bihe bigoye ndetse binafitaniye imigenderanire myiza ko navyo vyo kwitirirwa ibibanza n’inyubakwa z’Uburundi. Ikizokurikira ngo n’uko ivyo vyiyumviro vyatanzwe  bizoheza bikaja mu ngiro kugira ku wa mbere Mukakaro, amabarabara, ibiraro, inyubakwa za Reta hamwe n’amahuriro y’amabarabara bizobe bifise amazina mashasha. Mu ntango, umurwi w’igihugu ukaba wakoreye ku gikorwa co guhindura amazina y’ibibanza bimwe bimwe vyo ku murwa mukuru w’ubutunzi n’umurwa mukuru wa poritike.

Déo Misigaro

Ouvrir