Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abakenyezi barahamagarirwa kwijukira amashirahamwe kuko ariyo ntango y’iterambere

Muri kuno kwezi kwa Ntwarante kwahariwe agateka k’ umukenyezi, mu Burundi  ngo abakenyezi baramaze gutera intambwe muri rusangi kuko ibitigiri biri mw’Ibwirizwa Shingiro birubahirijwe mu nzego za poritike. Mugabo mu vyerekeye kwiteza imbere no guteza imbere igihugu haracariho agahaze. Ariko abakenyezi bahurikirikiye mu mashirahamwe atandukanye baramaze kwisununura. Ivyo vyashikirijwe na Espérance Nijembazi arongoye ihuriro ry’amashirahamwe y’abakenyezi CAFOB mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE ku wa 27 Ntwarante 2020.Espérance Nijembazi yamenyesheje ko ibijanye n’agateka k’ umukenyezi vyagiye biratera imbere mu Burundi ugereranije no mu myaka iheze, abigeme baritabira kwiga ubu baraboneka cane mu mashure yose mbere ugasanga harimwo n’abafise impamyabushobozi zisununuye co kimwe n’abagabo. Abakenyezi baraboneka mu ntwaro nko mu Nama Nshingamateka na Nkenguzamateka abakenyezi baraserukiwe ku bice 30 kw’ijana nk’uko biri mw’ibwirizwa shingiro ry’Uburundi. Kugira ivyo vyose bishikweko ni uko habaye ihimiriza  ryagizwe n’amashirahamwe atandukanye kwigisha abakenyezi kugira nabo bahimirize abakenyezi kurungika abigeme mu mashure ari nayo ntango y’iterambere. Iyo  abakenyezi bamaze kwijukira kwitabira amashirahamwe  birabafasha mw’iterambere, muri ayo mashirahamwe abakenyezi baraharonkera ubumenyi bwo kwitunganiriza imigambi mito mito yobafasha kwisununura. Espérance Nijembazi yabandanije amenyesha ko abakenyezi bahurikiye mu mashirahamwe ari  mu runani CAFOB bashoboye kuronswa inyigisho zerekeye amateka n’ amategeko abagenga, amategeko agenga igihugu amategeko , mpanavyaha, amategeko agenga ingo n’imiryango mu ntumbero yo kumenya ivyo bafitiye uburenganzira n’amategeko akingira abafashwe ku nguvu agahana ababikoze hamwe n’ayandi mategeko. Ayo mategeko bamaze kuyamenya birabafasha kwirwanira mu gateka kabo, kurondera ivyo bubahiriza mw’iterambere ryabo, bakongera bakamenya ivyo barekuriwe mu rugo no mu gihugu, kuko amategeko naho uba utayazi ntikibuza ko yogufata, bayamenye bituma batarenganwa muvyo bafitiye uburenganzira n’ubushobozi bwo kubikora. Mu Burundi abakenyezi benshi bakorera mu gisata c’uburimyi, ugasanga n’ivyo barimye ntibabironkako uburenganzira kandi ari bo  babirondeye. Uwo mugambi niho wakoreye cane kuko abashoboye kuja mu mashure bobo biragendeka. Urunani CAFOB  mu ntumbero yo gushira mu ngiro umugambi w’igihugu wo guteza imbere igihugu ufatiye kw’iterambere ridakumira.  Abakenyezi rero kugira bashike kw’iterambere rirama  abarongoye abandi barahimiriza abakenyezi kwijukira amakoperative, kwitabira umugambi “nawe nuze” uri mu gihugu cose, ntihagire uwusigara inyuma, bagiye hamwe bituma biteza imbere, hakaboneka ubwigenge muvyo ubutunzi. Espérance Nijembazi yarongeye aramenyesha ko mu vyigwa bagize basanze abakenyezi bashobora gufata ingurane mu mabanki igitigiri cabo ari gito bivanye n’uko bataronka ingwati zisabwa n’amabanki kiretse abasanzwe bahembwa  imishahara buri kwezi, ariko nk’abashaka kurangura imigambi mitomito, haba kurima, kworora canke kudandaza kugira  bashobore kwikenura mu bintu vya nkenerwa vya buri munsi, ubwo bushobozi ntibabufise. Espérance Nijembazi yarangije amenyesha ko  mu runani CAFOB bishimira cane aho bageze mu guteza imbere umukenyezi kuko hari abakenyezi biyungunganije mu mashirahamwe bashoboye kubaha agatahe baritunganiriza imigambi bonyene bishiriyeho ngo barangure.

Anitha Bizimana

Ouvrir