Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Urwaruka rw’intwazangabo rusabwa kugira umutima wo gukunda igihugu mu bikorwa vyabo vya minsi yose

DSC 0236Umukuru w’igihugu  Petero Nkurunziza asaba abanyeshure bo muri kaminuza y’intwazangabo mu ntwaramiheto (ISCAM) ko umutima wo gukunda igihugu bowugira mu ngendo yabo ya minsi yose muvyo bakora gutyo bagire ijambo imbere y’abantu n’amakungu, kandi ngo uwo mutima niwo utegerezwa kubafasha kugira baharanire ivyo bafitiye uburenganzira n’itunga bafise. Ivyo yabibashikirije mu nyigisho yabahaye zo gukunda no kuzirikana igihugu kw’igenekerezo rya 24 Ntwarante 2020 mu nyubakwa za ISCAM i Bujumbura.

Nk’uko umuvugizi w’urwego rwo kwivuna abansi rw’Uburundi Floribert Biyereke yabimenyesheje inyuma y’izo nyigisho, ngo Umukuru w’igihugu yatanguye asaba abo banyeshure bo muri ISCAM kumenya iyo bava n’iyo baja, yibutsa n’Abarundi ko babwirizwa kumenya ivyamye bibaranga kuva kera kugira bashobore kumenya ico bari bongere bamenye n’iyo bagana. Ngo muri izo nyigisho yarerekanye ko Abarundi ari abana b’Imana ariko bakwongera bakaba abana ba basokuru na basokuruza, abana b’abavyeyi babibarutse, ab’igihugu n’abarezi. Prezida Nkurunziza ngo yarongeye ashimikira ku ruhara ntangere rw’abavyeyi mu ndero y’abana kugira babigishe imico n’akaranga kamye karanga Abarundi kuko ariryo shimikiro ry’iterambere mu kubafasha gutera imbere ngo bamenye iyo baja n’iyo bava bongere bamenye ikizira n’ikitazira. Niko guca amenyesha ko yerekanye ko indero y’abana b’ubu ikwiye gushimikirwa kugira ntihagire abafata imigenzo y’abandi ngo bayitiranye n’iyabo bibatume bakora ibidakorwa nk’uko bimaze kugaragara kw’isi aho abantu b’igitsina kimwe bishika bakwubakana. Ikindi naco ngo yaciye abamenyesha ko indero ikenewe ari uguhagararira no gushimikira cane ku migenzo yose myiza yaranze basogokuruza, Abarundi n’ababitangiye imbere. Yaheraheje abibutsa itunga bafise ry’ubutare aho yerekanye ko Uburundi bufise ubutunzi bukomeye kandi ko Abarundi bose bahamagariwe kubukingira no kuburwanira kugira ngo ntihagire ababaca mu ryahumye ngo babubanyage. 

Evelyne Niyonzima

Ouvrir