Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abiyunguruza na bisi basabwa kubanza gukaraba amazi meza n’isabuni imbere yo kwinjiramwo

thereseAbiyunguruza n’amabisi basabwa kubanza  gukaraba neza n’isabuni imbere yo kuzinjiramwo kugira bikingire indwara ya Coronavirus imaze iminsi yibonekeza kw’isi yose. Abiyunguruza n’amabisi basabwa kubanza  gukaraba neza n’isabuni imbere yo kuzinjiramwo kugira bikingire indwara ya Coronavirus imaze iminsi yibonekeza kw’isi yose. Ivyo vyashikirijwe n’uwurongoye ishirahamwe  ryo kwunguruza abantu  n’ibintu «ATRABU» Bosco Minani, mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE kw’igenekerezo rya 25 Ntwarante 2020 . Bosco Minani yamenyesheje ko mw’ishirahamwe ATRABU bafashe ingingo kugira  abantu binjire mu mabisi bagize isuku mu minwe mu gukaraba kugira bikingire ico kiza. Izo ngingo ziriko zirakusrikizwa kuko barasizeho abantu basanzwe babikurikirana ku bituro aho bashira indobo bashizeko ibombo, irimwo amazi yo gukaraba n’isabuni. Yaravuze ko uwutwara imodoka n’umukokayi aribo babanza gukaraba imbere yuko abandi bakaraba. Ngo barafashe ingingo yuko abantu batonda ku mirongo, ivyo rero bikabafasha kugira bakarabe neza ata munigano. Ngo bariko barasaba uburyo  ubushikiranganji bw’amagara y’abantu,croix rouge hamwe n’igisagara ca Bujumbura kugira barabe ko bobafasha babahe ibikoresho bikenewe  kuko basanze arya masabuni atwara uburyo bwinshiishirahamwe ATRABU itoronka.

Barafise ingorane ijanye n’amazi nayo nyene mbere barayasavye  « croix rouge » kugira umuryango wo  kubaha amatangi  nabo bayashire ku bituro bitandukanye kugira umunyagihugu wese yuriye bus ashobore gukaraba. Ndetse n’uwurenganye wese  ashobore gukaraba. Ngo ibituro vyose vy’igisagara vyose birafise indobo irimwo amazi ariko ibituro vy’imodoka ziduga ruguru baracafise ikibazo c’amazi kuko bakoresha ayo baguze. Bosco Minani yaravuze kandi ko gutonda ku mirongo ari vyiza kuko kare hurira abakomeye, abarwaye n’abasaza bikanka ko burira kubera ata nguvuzo gusitana bafise bisi. Yaravuze ko bafise intambamyi z’ibituro bimwe bimwe  kugirango abava  mu makaritiye  bashobora kurorera bicaye, bashobore gutonda ku mirongo kugira umuntu yurire bivanye n’ukuntu yashitse. Barafashe ingingo yo gutanga terefone iyo umuntu bamutwaye ntibamushikane iyo aja aca abahamagara bagafata ingingo kandi n’imodoka bakayihana bibaye ngobwa barayishikiriza inzego z’umutekano bakayihana bisunze amategeko . Yarateye akamo abantu baja mu mabisi ko kuja bararaba, uwutwara imodoka abafashe nabi  bakabaterefona kugira bamenye ibiriko biraba. Ikindi yamenyesheje  ngo barya batwara imodoka canke abakokayi usanga bariko barishurana nabi n’abo batwara ugasanga nta bintu vy’urupfasoni birimwo . Ivyo rero vyatumwe babaha inyigisho zo kubaha hamwe n’inyigisho zo gukunda igihugu. Ngo uwigenjeje nabi bamuhanuye akananirana  baraheza bakamuha ibihano. Yarateye akamo abantu bose baja muri bisi ko bose bokaraba, ababishoboye nabo  ndetse bakagenda  ibikoresho vyo gukaraba mu minwe.

Thérèse Niyinkuru                                                   

Ouvrir