Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Kuva urwego ODECA rushizweho hamaze kuranguka ibitari bike mu gisata c’ikawa

IIIIUUUUUmushikiranganji w’uburimyi, ubworozi n’ibidukikije, Déo Guide Rurema yaratanze ikiganiro ku bamenyeshamakuru ku wa 19 Ntwarante 2020, i Bujumbura  aho yashikiriza abarundi aho ibikorwa vy’isizeni vy’umwaka w’2020 ushira uwa 2021 bigeze kuva aho urwego rwa Reta rujejwe guteza imbere igisata c’ikawa mu Burundi ODECA rushiriweho. Ibitari bike ngo biramaze kurangurwa kandi ngo birashimishije. Déo Guide Rurema yamenyesheje ko kuva abayobozi b’urwego ODECA bashizweho ngo barashima intambwe imaze gushikwako mw’irangurwa ry’ibikorwa bitandukanye bijanye n’isizeni ry’umwaka w’2020 ishira 2021. Ibikorwa bikuru bikuru bimaze kuranguka ngo ni ibikorwa bijanye no gushikiriza urwego ODECA amatonorero y’ikawa yahora akoreshwa n’ama « Sogestal » ane ariyo: Sogestal Mumirwa, Segestal Ngozi, Segestal Kirundo-Muyinga na Sogestal Kirimiro. Ico gikorwa ngo kikaba catanguye kw’igenekerezo rya 3 Ruhuhuma 2020. Ikindi naco ngo ni uko amatonorero 71 hamwe n’ikoborero ryo ku Buterere akaba ariyo yashikirijwe urwego ODECA . Muri ayo matonorero 71, 11 ni ayo Mumirwa, 31 yo muri Kirimiro, 15 yo mu ntara ya Ngozi hamwe na 14 yo muri Kirundo- Muyinga. Mu turere ikawa imaze guhishira, amatonorero ya ODECA yaratanguye kwakira ikawa. Isekeza ryo kwugurura icese kwakira ikawa rikaba ryabereye i Buhayira mu ntara ya Cibitoke kw’igenekerezo rya 20 Ruhuhuma 2020. Kugeza iki gihe ngo amatonorero ya ODECA amaze kwugururwa agera kuri 15 akaba ari ayo muri Mumirwa, nayo ni : Mugina, Murwi, Buhayira mu ntara ya Cibitoke; Musama, Isare iri mu ntara ya Bujumbura hamwe Nzorya iri mu ntara ya Bubanza. Muri Kirundo-Muyinga, hariho amatonorero Burengo, Nyange, Mwendo, Gitwenzi, Gitobe na Murehe ari mu ntara ya Kirundo hamwe na Rugerero, Gikingo na Gishambusha ari mu ntara ya Muyinga. Ayandi matonorero akazoza arugururwa bivanye n’uko ikawa ihishiye. Ayo nayo ngo ni aya Sogestal Ngozi aho amatonorero yose yo muri yo ntara ya Ngozi azokwugururwa hatarenga kw’igenekerezo rya 25 Ntwarante uyu mwaka nyene kuko ibikorwa vyo gutegura amameza n’imashini bisa n’ivyaheze. Na Sogestal Kirimiro ngo ibikorwa bikaba vyifashe uko nyene. Muri Sogestal Kirundo-Muyinga ngo amatonorero yose arakora, ayatashikirijwe urwego ODECA nayo ngo bariko bararaba ingene yokora bagiye inama n’abayobozi. Déo Guide Rurema yarongeye amenyesha ko umwimbu umaze kwegeranywa ku matonorero ya ODECA n’abigenga ungana n’ibiro 106 400,5 w’ikawa ihishiye nziza iyo bita Cerise A, n’ibiro 16 804 vy’ikawa ihishiye y’ibisorwa bita Cerise B. Aho akaba yaciye atera akamo abarimyi b’ikawa abamenyesha ko ihemba rya mbere rizoba imbere y’itariki 10 z’ukwezi kwa Rusama 2020 aca anabasaba kwubahiriza iryo sango. Mu ntumbero kandi yo kubandanya hitegurirwa neza isizeni, inama zitandukanye ngo  zaratunganijwe, inama yahuje abayobozi ba ODECA n’abafise amatonorero kugirango bigire hamwe itegeko rijanye no kwegeranya umwimbu hamwe no kuwuhinguramwo ikawa bita FullyWashed, Naturel Na Miel. Inama yahuje abayobozi ba ODECA n’abaserukira ama koperative y’abarimyi b’ikawa bahurikiye muri COCOCA kugirango barabire hamwe aho imyiteguro y’isizeni igeze, n’izindi. Ngo hari n’amashirahamwe y’abigenga yamaze kwerekana ko ashobora gukora no guhemba abarimyi mu kuzana ingwati. Ngo ni nk’ishirahamwe ETS Kaneza Leathitia ryatanze imiliyoni 123 750 y’amarundi, Ishirahamwe Matraco ryatanze imiriyoni 100 hamwe n’irindi ryitwa Kayanza Spéciality Coffee ryatanze imiriyoni 50. Ku batararonka impusha zo gukora nabo, urwego ODECA ruriko rurazitanga ku mashirahamwe y’abigenga akwije ibisabwa kugira batangure kwakira ikawa mu turerere imaze guhishira.Déo Guide Rurema yarangije ashimira Reta yo yitanze bimwe biboneka mu gufasha urwego ODECA rukajaho no mu kukuronsa uburyo bwo gukora kugira igisata c’ikawa gitunganywe neza maze uwabize akuya na cane cane umurimyi abukure mu cibo. Yarongeye aragabisha abantu bose batanga amakuru aca ivutu abarimyi ku mvo zitandukanye ko abazobisubira bazobihanirwa bimwe vy’akarorero kuko Reta iri ku kivi kandi ibikurikiranira hafi. Yaranasavye abarimyi, abajejwe intwaro, umutekano n’ubutungane n’abakorera mu gisata c’ikawa gusenyera ku mugozi umwe mu kurwanya bimwe biboneka uwo wese yohirahira agashorera mu bihugu bihana imbibe n’Uburundi ikawa biciye mu kinywabi. 

Estella Niyongere

Ouvrir