Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abazohiganirwa ikibanza c’Umukuru w’igihugu mu 2020 Mwari mubazi?

Ikinyamakuru UBUMWE kigiye kuja  kirabashikiriza umwidondoro n’ibiranga abakwije ibisabwa n’umugwi w’igihugu wigenga ujejwe gutunganya amatora (CENI) kugira bazohiganirwe ikibanza c’Umukuru w’igihugu mu matora yo ku wa 20 Rusama 2020. Abo bazohiganirwa ico kibanza bakaba ari 7. Uwa mbere akaba ari uwashizwe imbere n’umugambwe CNDD-FDD Jenerali Major Evariste Ndayishimiye, uwashizwe imbere n’umugambwe CNL Agathon Rwasa, uwashizwe imbere n’umugambwe UPRONA Gaston Sindimwo, uwashizwe imbere n’umugambwe Sahwanya FRODEBU Léonce Ngendakumana, Domitien Ndayizeye yashizwe imbere n’ururani Kira- Burundi. Kuri abo batanu hiyongerako abigenga babiri aribo Dieudonné Nahimana na Francis Rohero.Jenerari Major.

NEVEE Evariste Ndayishimiye (CNDD-FDD)
Jenerari Major Evariste Ndayishimiye azohiganirwa ikibanza c’umukuru w’igihugu yizewe n’umugambwe CNDD-FDD yabaye uwa mbere mu gutwara dosiye yiwe mu mugwi CENI. Evariste Ndayishimiye akaba yavukiye i Musama ku wa 5 Ndamukiza 1968 muri zone Kibimba, komine Giheta, intara ya Gitega; akaba afise akabira k’Uburundi. Yubakanye na Angeline Ndayubaha, bakaba bafise abana batandatu.Mu 2014 niho yaronka impamyabushobozi mu gisata c’amategeko muri kaminuza “Sagesse d’Afrique” akaba yari yahatanguye ivyigwa mu 2012. Mu kurangiza amashure ya kaminuza yakoze ubushakashatsi ku bijanye no “Kurwanya ukudahana mu bihe birangiza intambara: akarorero ku Burundi”. Kuva mu 1991 gushika mu 1995 yaronse urupapuro rurangiza imyaka ibiri mu gisata c’amategeko kuri kaminuza y’Uburundi. Mu mwaka w’1990-1991 niho yaronka urupapuro rw’umutsindo rw’amashure yisumbuye kw’ishure ryisumbuye ry’i Muramvya. Kuva mu 1984 gushika mu 1990 yize amashure yisumbuye kuri Athénée y’i Bujumbura akaba rero yarangirije kuri Lycée Muramvya (1990-1991) nk’uko twabivuze hejuru ; kuva mu mwaka w’1976 gushika mu 1984 yize amashure y’intango kw’ishure ryo mu Kibimba ari naho yayarangirije.
Amaze gushingwa amabanga atandukanye  no kurangura ibintu bitari bike mu kazi
Mu 2016 niho yizerwa n’abagumyabanga bakamutora ngo abe umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD gushika ubu akaba ariwe akijejwe ayo mabanga. Mu 2015 gushika ubu niwe arongoye urwego nshingwantwaro rwa kaminuza y’ubuhinga y’i Gitega. Kuva mu 2015 gushika mu 2016 yari umuyobozi mwishikira mu biro vy’Umukuru w’igihugu. Kuva mu 2014 gushika 2015 yari umuyobozi mukuru w’ishirahamwe SOBUGEA. Kuva mu 2009 gushika mu 2014 yari arongoye urwego nshingwantwaro rw’ibitaro vy’abasirikare vyo mu Kamenge (HMK).Kuva mu 2006 gushika mu 2007, yari umushikiranganji w’intwaro hagati mu gihugu n’umutekano w’igihugu.Kuva mu  2004 gushika mu 2006 yatwara ibiro bikuru vya gisirikare bijejwe ibikoresho. Kuva mu 2003 gushika mu 2004 yari mu mugwi ujejwe ishirwa mu ngiro ry’amasezerano yo guhagarika intambara burundu. Mu mwaka w’2001 ushira uw’2003 yari umukuru w’umugwi w’abakunda igihugu mu muhari warwana CNDD-FDD.Kuva mu 1997 gushika mu 2000 yari umuvugizi w’uburongozi bukuru bw’ingabo no gutegeka amakambi yaremesha indwano y’umuhari CNDD-FDD. Evariste Ndayishimiye niwe yagize iciyumviro co gushinga ikigega c’igihugu co guteza imbere amakomine (FONIC). Evariste Ndayishimiye arafise ubuhinga bwo gutunganya ibiganiro hagati y’impande zifitaniye amatati mu ntumbero yo kuzitorera inyishu. Yararongoye umugwi w’umuhari CNDD-FDD mu biganiro vyahuje uwo muhari na Reta vyashitse ku masezerano yo guhagarika intambara burundu ku wa 16 Munyonyo 2003. 
Yarashoboye kwitabira inama zitandukanye arongera araronka ubushimwe n’uburusho
Evariste Ndayishimiye yarashoboye kwitabira inama yabereye mu gisagara ca  Caux mu gihugu c’Ubuswise yo gutatura amatati yatunganijwe n’ishirahamwe «Initiative et Changement». Yaritabiriye inama yo kwigisha ibijanye no gutatura amatati, iyo nama ikaba yari yatunganijwe n’ishirahamwe ‘Woodrov Wilson International Center of Scholars’. Yararongoye intumwa za Reta mu biganiro vy’amahoro n’umuhari PALIPEHUTU-FNL. Yatanguye poritike akiri mu mashure yisumbuye kuko mu myaka y’1989 n’1990 yari umukuru w’umugwi ujejwe imibano n’ubutunzi mu muhari w’urwaruka JRR ukukira umugambwe UPRONA kuri Athénée y’i Bujumbura. Kuva mu 1994 gushika mu 2003 yari mu muhari CNDD-FDD. Kuva mu  1991 gushika mu 1995 yari arongoye ishirahamwe ry’abanyeshure bo muri paruwasi Murayi (ASSEMU). Mu mwaka w’2005 ushira uw’2006 yari icegera c’Umukuru wa komite y’igihugu ijejwe inkino (CNO). Kuva mu 2008 gushika mu 2016 naho yari umukuru w’iyo komite. Yararonse kandi amasertifika n’uburusho butandukanye.Jenerali major Evariste Ndayishimiye arakoresha neza ubuhinga bwa none bwo mu biro. Aravuga arongera arandika neza indimi zine: Ikirundi, Igiswahiri, Igifaransa n’Icongereza. Mu bindi yaranguye mu muhari CNDD-FDD ni ugutunganya ikimenyetso c’umugambwe CNDD-FDD kirimwo inkona. Yararongoye intumwa za Reta mu biganiro vyayihuza n’umuhari PALIPEHUTU-FNL vyashitse ku masezerano yo guhagarika intambara ku wa 7 Nyakanga 2006).

GASRGaston Sindimwo 
Gaston Sindimwo niwe yashizwe imbere n’umugambwe w’abadasigana UPRONA ngo yitoze mu kibanza c’Umukuru w’igihugu muri uyu  mwaka w’2020. Yavukiye muri zone Nyakabiga, komine Mukaza mu Gisagara ca Bujumbura ku wa 28 Munyonyo 1965. Arubatse akaba afise abana babiri kandi ni umurundi. Gaston Sindimwo afise « Master » mu gisata c’imigenderanire no gufashanya n’ayandi makungu, akaba yarironkeye muri kaminuza yigisha gutunganya imigambi (EDESDM) y’i Paris mu Bufaransa mu 2019. Yaronse « baccalauréat » mu gisata c’imigenderanire no gufashanya n’ayandi makungu kuri kaminuza ya « Saint Lawrence University » y’i Kampala mu Buganda mu mwaka w’2015. Yararonse kandi « Certificat)  urupapuro rwemeza ko yanonosoye ibijanye no gutunganya amashirahamwe muri ISCO mu vyirwa vyo ku mugoroba kuri kaminuza y’Uburundi mu mwaka w’1998. Yararonse n’urundi rupapuro rwo gutunganya no gukurikirana ibikorwa vya poritike kuri kaminuza yigisha ibijanye n’intwaro kuri kaminuza y’i Paris mu Bufaransa mu mwaka w’2011. Yaronse urupapuro rw’umutsindo rw’amashure yisumbuye y’ubuhinga yo kuri ETSA y’i Gitega mu mwaka w’1989. Yarangije umwaka w’icumi kuri Koleji  yo mu Kivoga mu mwaka w’1986. Yatoye ikibazo ca Reta kirangiza amashure y’intango kw’ishure « Saint Michel » y’i Bujumbura mu mwaka w’1981. 
Yarashinzwe n’amabanga ahambaye y’igihugu
Kuva ku wa 20 Myandagaro 2015 gushika ubu ni Icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu. Kuva mu mwaka w’2010 gushika mu 2015 yari icegera c’umuyobozi mwishikira mu biro vy’Icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu. Kuva mu mwaka w’2013 gushika mu 2015 yari arongoye urwego nshingwantwaro muri Posita y’Uburundi. Kuva mu mwaka w’2009 gushika mu  2010 yari umunyamabanga nshingwabikorwa w’umugambwe UPRONA ajejwe ivya poritike. Kuva mu mwaka w’2000 gushika mu 2009 yari arongoye ishirahamwe “TIME-Service”. Kuva mu mwaka w’1998 gushika mu 2000 yari umunyabigega mw’ishirahamwe “International Medical Corps (IMC). Kuva mu mwaka w’1990 gushika mu mwaka w’1998 niwe yacapa ibitabu mu ruganda rukora ibitabu “Les Presses de l’Unité”.  Yarokoze n’ibindi bijanye n’inkino hamwe n’ibikorwa vy’umugambwe UPRONA
Kuva mu mwaka w’2019 yari arongoye umugwi w’umupira w’amaguru “Inter Star”. Kuva mu mwaka w’2015 ari mu nama ya komine Mukaza. Mu 2015 yari arongoye umugwi ujejwe inyiyamamazo y’umugambwe UPRONA mu matora yo mu mwaka yo muri uyo mwaka nyene. Kuva muri Myandagaro 2016 gushika ubu ni umukuru urwego rukuru  rujejwe imigabo n’imigambi y’umugambwe UPRONA. Mu mwaka w’2012 yari muri komite y’igihugu mu gutegura umunsi mukuru w’aho Uburundi bwahimbaza imyaka 50 bumaze bwikukiye. Mu mwaka w’2010 yari umuyobozi w’umugwi wategura amatora yo mu mwaka w’2010 ku rwego rw’umugambwe UPRONA. Kuva mu mwaka w’1978 gushika mu 1981 yari arongoye badiridiri abapiyoniye mu gisagara ca Bujumbura.
Yaragize n’ibindi vyigwa biciye mu gukarisha ubwege
Mu mwaka w’1981 yarize ivyo gukunda igihugu muri URSS. Mu mwaka w’2013 yize icongereza mu kigo “William’s Academy”. Muri 2012 yize ibijanye no gutatura amatati mu nyigisho zatangwa n’ishirahamwe “Initiative et Changement”. Mu mwaka w’2012 yaritabiye inama yo guhanahana ivyiyumviro ku bijanye no gutunganya ukundi gusha ibijanye n’intwaro. Gaston Sindimwo aravuga kandi arandika neza ikirundi, igifaransa,igiswahiri n’icongereza.
Epitace Nduwayo

Ouvrir