Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ababa mu Burundi bategetswe kwikingira umugera wa Coronavirus mu gukwirikiza amabwirizwa y’isuku

MINOKwirinda kuramukanya hakoreshejwe amaboko, gusomana canke kugwana mu nda, gutunganya aho abantu bakarabira ku bitaro ku buzi ku bibuga vy’umupira n’ahandi hahurira abantu benshi ni zimwe mu ngingo zasohowe  n’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu kugira abantu bikingire ca kiza  c’umugera wa Coronavirus nk’uko vyashikirijwe n’uwurongoye ubwo bushikiranganji Thadée Ndikumana mw’itangazo yashize ahabona mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru kw’igenekerezo rya 16 Ntwarante 2020.Umushikiranganji Thadée Ndikumana   yarashikirije rero ingingo 6 ngenderwako kugira Abarundi bashobore kwikingira ikiza ca Coronavirus:

1. Kuva kw’igenekerezo rya 17 Ntwarante 2020, ingenzi zose hamwe n’abarundi bavuye mu bihugu vy’Ubwongereza, Reta zunze ubumwe za Amerika na Osatraliya, bongewe ku bategerezwa kumara iminsi 14 basuzumwa mu kibanza categekanirijwe ico gikorwa.

2. Ubushikiranganji bw’amagara y’abantu busubiye gusaba bushimitse ko ingenzi n’abarundi binjiye mu gihugu baciye ku kibuga c’indege mpuzamakungu ca Bujumbura citiriwe Melchior Ndadaye canke ku mipaka yose yinjira mu gihugu baba abaciye mu mabarabara canke mu biyaga, bokworohereza abakozi b’ubushikiranganji bujejwe kubasuzuma.

3. Kuva habonetse uwurwaye ikiza ca Coronavirus mu gihugu c’Urwanda, twarakiriye ku w’Imana igenekerezo rya 15 Ntwarante 2020 abantu binjiye mu gihugu c’Uburundi bangana n’261. Abo bantu bavuye mu Rwanda bagizwe n’abanyeshure bo mu mashure y’isumbuye 75, abo muri Kaminuza 24, abantu bakuze harimwo abavyeyi bari bavuye gutora abana 132, abahungutse 10 n’abanyamahanga 20. Abo bantu bose rero barapimwe kandi nta kimenyetso na kimwe ca coronavirus basanze bafise. Nico gituma ingingo yafashwe ari kubakurikiranira mu mihana iwabo canke mu bibanza vyatowe vyo kubacumbikira.

4. Ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu no kurwanya Sida, busaba abanyagihugu ko bogabanya ingendo mu bihugu birimwo abamaze gufatwa n’ikiza ca Coronavirus.

5. Ubushikiranganji bwo kubungabunga amagara y’abantu burasubiye guhumuriza abarundi kuko gushika kw’igenekerezo rya 17 Ntwarante 2020 ata muntu n’umwe arinjira mu gihugu arwaye ikiza ca Coronavirus.

6. Ubushikiranganji busavye bushimitse gukurikiza amabwirizwa y’isuku mu kwitaho gukaraba n’amazi meza n’isabune igihe cose, gutegekanya amazi n’isabune ku mavuriro ibitaro, n’ahandi hahurira abantu benshi (amashure, ibibuga vy’inkino, ibiro, amasengero,amahoteri, uburiro,n’ubunywero, amasoko). Ivyo bizofasha kugira abagendera muri ivyo bibanza bashobore kugira isuku. Muri kino gihe vyofasha gukinga kugira ico kiza nticinjire mu gihugu, busaba ko umugenzo wo kuramukanya abantu bakorana mu minwe canke barwana mu nda woba urahagaritswe.                      

Joselyne Ndayegamiye

Ouvrir