Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abarundi basabwa kurutisha ururimi kavukire indimi mvamakungu

KAMIUrurimi kavukire ni itunga ku gihugu, ni rwo turonkeramwo ubumenyi bwambere bukikije ubuzima bwacu kuva tukiri bato. Ku bw’ivyo, imbere y’ukwigana imico mvamakungu, abarundi barakwiye gutangura kumenya imico kavukire bakayikunda kandi bakayikundisha abandi. Ni muri iyontumbero basabwe kurutisha ururimi rw’ikirundi indimi mvamakungu vyashikirijwe n’umushikiranganji w’inyigisho za kaminuza n’ubushakashatsi Gaspard Banyankimbona mu birori vyo guhimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe ururimi kavukire wama uhimbazwa ku wa 21 Ruhuhuma uko umwaka utashe. Hano mu Burundi, uwo musi wahimbajwe kw’igenekerezo rya 17 Ntwarante 2020 mu gihe hari harangiye indwi yahariwe ururimi rw’ikirundi. Ivyo birori vyabereye mu kigo ca kaminuza co ku Mutanga bitewe iteka naba nyacubahiro batandukanye harimwo n’abahinga banonosoye ivy’indimi. Kubwa Banyankimbona, hisunzwe abahinga banonosoye ivy’indimi bo muri Kaminuza y’Uburundi, ni kaminuza y’urumuri rumurikira abarundi bose mu gushigikira akaranga kuko ifise uruhara runini mu bikorwa vyo guteza imbere ururimi rw’ikirundi mu mvugo, mu nyandiko no mu tugenegene. Banyankimbona yamenyesheje ko abarundi basanzwe bafise akaranga bahurirako ari nako bishimikije.

Uyo munsi rero wabaye akaryo ko gusuzuma aho ururimi kavukire  rugeze mu gutezwa imbere kugirango iteka abarundi bafise ntiritosekare. Abahinga banonosoye ivy’indimi baratanze inyigisho zerekeye akamaro ko kugumya ururimi kavukire baranigisha ibirugeramiye. Barashimikiye ahanini ko ururimi rw’ikirundi rutozimangana kuko kuva kuri basogokuru na basogokuruza nirwo rwamye ari intimatima y’itunga ry’igihugu kuko nirwo runyuramwo inyigisho z’ubumenyi, indero, ingeso nziza, agateka ka zina  muntu n’ubuhinga. Ku vyerekeye ibigeramiye ururimi rw’ikirundi, ahanini ni ukwiganza kw’indimi mvamakungu na cane cane indimi z’ibihugu bitunze. Abo bahinga rero batumirira abarundi bose kugira uruhara mu kugumya imico , imigenzo n’akaranga k’Uburundi bwaho hambere. Basavye kandi ubushikiranganji bw’indero,ikigo c’igihugu kijejwe guteza imbere ugusoma ibitabo no kunagura imico n’akaranga CEBULAC n’ubushikiranganji bw’imico kama, akaranga n’inkino,kurwiza inyigisho mu rwaruka zijanye n’imico n’Imigenzo y’abarundi mbere harwizwe udutabu two kumenyereza abana batobato gusoma ikirundi mu gihe hasigaye hibonekeza abarundi boroherwa gusoma n’ukwandika ururimi mvamakungu gusumba ururimi kavukire rw’ikirundi, ari naho imico n’akaranga bikomeza kuzimangana gutyo abarundi bakibagira ko uwutaye akaranga aba ataye akabanga.

Donathe Ndayisenga

(Uwimenyereza)

Ouvrir