Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Reta yarahagaritse vy’agateganyo gutanga ama “visa” ku banyamahanga bashaka kwinjira mu Burundi kubera ikiza ca Coronavirus

LPRReta y’Uburundi yarafashe ingingo yo guhagarika vy’agateganyo gutanga urupapuro rutanga uburenganzira bwo kuba mu gihugu “visa” ku banyamahanga binjira mu Burundi. Ivyo vyashikirijwe n’umushikiranganji ajejwe imigenderanire y’Uburundi n’amakungu, Ezéchiel Nibigira ari kumwe n’umushikiranganji w’amagara y’abantu, Thadée Ndikumana, mu nama bagiranye n’abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi hamwe n’abaserukira amashirahamwe mpuzamakungu atandukanye, ku wa 19 Ntwarante 2020, aho yamenyesheje ko iyo ngingo yafashwe mu ntumbero yo gukinga ko ikiza Coronavirus cinjira mu gihugu.  Nk’uko yabandanije abimenyesha, ngo mu Burundi nta muntu numwe araboneka afise umugera wa Coronavirus.

Ati biramaze kuboneka ko mu bihugu bihana imbibe n’Uburundi hariho abamaze kwandura iyo ndwara, ari naco gituma bafashe iyo ngingo yo kudatanga amaviza ku binjira mu gihugu. Ngo ingingo zitari zike rero zarafashwe mu Burundi, nk’izijanye n’ukugira isuku, gushira ukwabo abaje bavuye mu bihugu bitandukanye. Yaramenyesheje kandi ko n’izindi ngingo zizobandanya zifatwa mu ntumbero yo gukingira Abarundi n’abanyamahanga baba mu Burundi. Ezéchiel Nibigira yaramenyesheje ko guhagarika gutanga ama”visa” ari ivyagateganyo gushika hafatwe iyindi ngingo. Ngo ntisigura ko ari ukwugara imbibe z’Uburundi ariko ko ari ugukinga ko uwo mugera wibonekeza mu Burundi. Abarundi nabo baje bava mu bihugu vyatewe n’iyo ndwara bakaba bashirwa ukwabo.Umushikiranganji w’amagara y’abantu n’ukurwanya SIDA, Thadée Ndikumana, nawe akaba yamenyesheje ko kurwanya ico kiza mu Burundi biri imice 2. Ngo baramaze gutegura imirwi y’abantu ihangana n’ibiza vyadutse. Ibikoresho bikaba vyarabonetse biguzwe mu buryo bwa Reta y’Uburundi n’ubw’abayifasha. Yarashimiye igihugu c’Ubushinwa n’ibindi bihugu nka Reta zunze ubumwe za Amerika kuko bifasha mu kuronsa Uburundi ibikoresho. Nk’uko babikoze mu kurwanya indwara ya Ebola, ngo bagiye kubikomeza na cane cane ku kibuga c’indege mpuzamakungu ca Bujumbura n’ahandi abanyamahanga binjirira nko ku Ruhwa, Gasenyi-Nemba  na Kobero kuko hinjirira abantu benshi. Akaba yarangije amenyesha ko bagiye kuja hamwe n’ababafasha haba mu bijanye n’ubuhinga n’uburyo mu ntumbero yo kurwanya bivuye inyuma ikiza iki na kiriya.      

Gloriose Nshimirimana

Ouvrir