Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Uranani rw’urwaruka rugendana umugera wa Sida RNJ rwaratanguje ikigo co guha imiti abawugendana

IBISUrunani rw’urwaruka rugendana umugera wa Sida RNJ rwaruguruye icese ikigo co gufasha abagendana uwo umugera muntmbero yo  kubaha imiti yo gupfupfahaza no kubafasha ku bindi bijanye n’amagara yaabo. Ico kigo cuguruwe icese n’umunyamabanga nshingwabikorwa w’inama y’igihugu ijejwe kurwanya Sida Désiré Nduwimana ku wa 19 Ntwarante 2020 yari yaserukiye ubushikiranganji bw’ amagara y’abantu no kurwanya Sida. Désiré Nduwimana yarashimiye urwo runani ku kubona rwashizeho ikigo co gukurikirana urwaruka rugendana umugera wa Sida. Yamenyesheje ko ico kigo gikwiye gutera imbere hamwe no gushigikirwa haba mu kuronka ikibanza cagutse n’uburyo bwo kwubaka ikigo cegukira urwo runani kugira rushobore kurangura imirimo cishinze corohewe. Aho ngo coshigikirwa na Reta hamwe n’amashirahamwe mpuzamakungu akorera mu gisata co guharanira agateka k’abana n’iterambere ryabo hamwe n’ayakorera mu gisata c’amagara y’abantu. Yamenyesheje kandi ko ico cari icipfuzo cavuye mu nama zibiri zahuje urwaruka. Umuyobozi nshingwabikorwa w’urunani RNJ Plus, Audrey Inarukundo nawe yamenyesheje ko ico kigo buguruye kizokwitaho urwaruka rugendana uwo mugera nyene  mu gupima ko boba bagendana uwo mugera nyene  no gupima urugero rw’umugera uri mu maraso hamwe no guha imiti abagendana uwo mugera.

Yamenyesheje ko biteze akarusho kanini mu gutunganiriza urwaruka rugendana umugera wa Sida. Yarongeye amenyesha ko igishasha ari ugutanga imiti ku bagendana uwo mugera kuko gupima bahora babikora. Yarongeye amenyesha ko bafise intambamyi y’abo bapima babarungitse mu bindi bigo ntibemere kuko bumva ko bisanzuye muri ico kigo. Ico kigo gishasha co kuronsa imiti urwaruka rugendana umugera wa Sida bacitiriye umwana yafashije gushinga urwo runani ariko akaba yaritavye Imana ahejeje kumenya ukugenae yakumiriwe n’umuryango wari waramwakiriye abavyeyi biwe bamaze kwitaba Imana. Baciye bacita « Holistc Youth Center Juste Saint Rachel ».Ico kigo ngo kiraha icizere urwaruka n’imiyabaga bagendana umugera wa Sida kuko kirongowe n’urwaruka kandi ari narwo rujejwe ibikorwa bitandukanye kirangura . Muri ico kigo kandi barapima umugera, urugero rwawo mu maraso, barumviriza urwaruka rucituye, bakaruha impanuro mu bijanye n’irondoka rijanye n’amagara meza, agateka k’urwaruka hamwe no kubaha inyigisho zo kwikingira no gukingira abandi.Urwo runani ruramaze kuronka udushimwe rwahawe n’ishirahamwe  ONUSIDA mu mwaka w’2016, agashiriwe rwahawe n’ishirahamwe  Giz mu mwaka w’2015, ako rwahawe n’urwego rw’igihugu rujejwe kurwanya sida  CNLS hamwe n’ako bahawe n’ubushikiranganji bujejwe amagara y’abantu nk’ishirahamwe ry’urwaruka ryatunganije neza imirimo rijejwe mu kurwanya Sida mu rwaruka.  

Yarongeye amenyesha mu ntambamyi afise hari abo bapima basanga bagendana umugera wa Sida babarungitse mu kindi kigo ntibemere kujayo kubera bavuga ko batisanzura bikwiye.   

Epitace Nduwayo 

Ouvrir