Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Prezida Nkurunziza asaba abarundi kuvavanura n’amacakubiri bubake igihugu

EN LIGKw’igenekerezo rya 20 Ntwarante 2020, abavugizi b’inzego z’igihugu n’ubushikiranganji bari baramutse bishura ku bibazo vy’abamemyeshamakuru hamwe n’abanyagihugu bakoresheje uburyo bwa terefone nk’uko vyama bigenda uko amezi atatu arangiye. Bakaba uwo munsi bari ku murwa mukuru w’intara ya Cibitoke. Barishuye rero ku bibazo bitandukanye bishimikiye cane cane ku magara y’abantu, poritike,umutekano ,ubutunzi hamwe n’indero .Mw’ijambo ry’intangamarara umuvugizi w’Umukuru w’igihugu, Jean Claude Ndezako Karerwa, yashikirije yabanje gushikiriza indamutso y’umukuru w’igihugu aho yaramukije abarundi abipfuriza amahoro ubumwe ,iterambere n’ubutungane.

Ngo kubera iki kiganiro gishitse isi yose irajwe ishinga n’ikiza ca Coronavirus Yasavye abarundi bose ko bokwirikiza impanuro z’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu kugira buzitire butaronerwa.  Ngo mu gihe ico kiganiro gishitse mu Burundi harangwa amahoro n’umutekano arashimira cane yongera akeza abantu bitanga ijoro n’umurango kugirango amahoro n,umutekano bisagarare mu gihugu cose. Prezida Nkuruziza aratera akamo abarundi bose gukura amaboko mu mpuzu na cane cane muri iki gihe co kurimira impeshi . Agahimiriza kandi urwaruka ko rwobandanya ruja mu makoperative n’amashirahamwe rwame  rwibuka ko nyamwigendako atarimira impeshi; kuko imitwe ikora ikoranye kandi tubiri tuvurana ubupfu. Prezida Nkurunziza yaravuze ko hatanzwe uburyo bw’amahera bwaronkejwe abanyagihugu bahurikiye mu makoperative agize imitumba yose yo mu Burundi  kugira bashikirwe n’iterambere. Yarasavye kandi urwaruka ko rutojana nyabahururu mu kwirinda kunywa ibiyayuramutwe.  Ikindi ngo bokwima amatwi inyigisho mbi abanyamahanga bamwe bamwe babashiramwo kubera ari  abansi b’Abarundi. Yarashimiye kandi ibikorwa bimaze iminsi bikorwa n’umurwi ufasha abarundi kumenya ukuri no gusubiza hamwe CVR. Yarasavye abarundi bose ko bovavanura n’amacakubiri yazanywe n’abakoroni, bakubaka igihugu c’Uburundi. Yarasavye kandi Abarundi bose kurikanura nariya twimirije amatora birinde ibihuha bakomeze ibikorwa vy’iterambere. Yarongeye arasaba abanyamigambwe ko bokwirinda imvugo mbi zica ivutu abanyagihugu.

Igisata ca poritike
Abamenyeshemakuru barabajije igituma amashirahamwe mpuzamakumgu atubahiriza ingingo zafashwe na Reta y’Uburundi yisunze amasezerano y’amahoro yapfunditse i Arusha. Umuvugizi w’umukuru w’igihugu Jean Claude ndezako Karerwa akaba yavuze ko igihugu kigengwa n’amategeko kandi abaje kuhakorera bagendera kuri ayo mategeko. Ngo nta murundi n’umwe akumirwa mu gukorera muri ayo mashirahamwe.  Yaravuze ko ONG nyinshi zakwirikije amategeko abanse kuyikwirikiza babafatira ingingo yokubahagarika. 

Igisata c’ubutunzi
Ikindi babajije n’ikijanye no gukuraho ubusumbasumbane bw’imishahara. Umuvugizi w’ubushikiranganji bujejwe abajozi n’akazi  Liboire Bigirimana  yavuze ko bageze ku mwanya wo guharura uburyo bwose bukenewe. Ngo muri ya porike nshansha naho umukozi wese azohembwa bivanye n’akazi yakoze.Barabajije ikibazo kijanye n’abaguma baduza ibiciro haba kw’isukari,isima hamwe n’ibinyobwa vya Brarudi. Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’ubudandanji Gloriose yamenyesheje ko ico kibazo bakizi bamaze guhana abadandaza bashika 80 bakaba baratanze ihadabu ishika ku miriyoni 10.

Amagara y’abantu
Harabajijwe ikijanye n’ikiza c’indwara ya coronavirus imaze y’ibonekeza mu bihigu bitandukanye ko hariko harinjira abantu benshi baca mu mipaka y’Uburundi ko batazohava bayizana mu Burundi. Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu no kurwanya SIDA Jean Bosco Girukwishaka akaba yamenyesheje ko abavuye hanze bose bafise ibibanza babateguriye bashikiramwo kugira babasuzume. Ikindi yabasavye n’uko bokwirikiza impanuro z’ubushikiranganji bw’amagara y’abantu, aho basabwa kwirinda kuramukanya barwana munda canke bakoranako kandi bakarabe n’amazi meza n’isabuni.

Igisata c’umutekano
Abamenyeshamakuru barabajije ikibazo kijanye n’abantu bitwaje ibirwanisho bafatiwe mu ntara ya Bujumura ico bari baje gukora. Umuvugizi bw’umutekano  Pierre Nkwirikiye akaba yishuye ko bari baje guhungabanya umutekano mu kwiba no kwica abanyagihugu.Bakaba bavuze ko atawabatumye.

Igisata c’indero
Harabajijwe ikibazo kijanye n’abigisha bakoze ikibazo baragitora ariko bakaba batararonswa amakete yo kubarungika iyo baja gukorera. Umuvugizi w’ubwo bushikiranaganji yishuye avuga ko batari bazi ico kibazo ko kihari ariko bagiye kugifata mu minwe kugira babatunganirize.

Igisata c’ibidukikije
Harabajijwe ibijanye n’amabaraba menshi mu gihugu yabomotse ico bariko barakora kugira asanurwe. Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’ibikorwa vya Reta yamenyesheje ko amabarabara yose ari ku rutonde rwogukorwa yose bazoyakora kuko uburyo bwabonetse.Ikindi cabajijwe b’ikibazo co gukuraho ubumwanya  yuko boba bararonse ikibusubirira. Umuvugizi w’ubushikirangaji bw’ibidukikije yamenyesheje ko hariho abumvise umugambi wo gukora ibitekezo bibora akaboneraho gutera akamo abafise imitahe ko bokwitaba ako kamo ko gukora ivyo bitekezo.

Thérèse Niyonkuru

Ouvrir