Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Agathon Rwasa azoserukira umugambwe CNL mu matora y’umukuru w’igihugu yaratanze dosiye muri CENI

zzzzUmukuru w’umugambwe CNL Agathon Rwasa aheruka kwizigirwa mw’ikoraniro kaminuza ry’uwo mugambwe kugira  azowuserukire mu kwitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu yaratanze dosiye yiwe mu murwi w’igihugu w’igenga  ujejwe gutegura amatora CENI ku wa 27 Ruhuhuma 2020.  Rwasa akaba yamenyesheje ko gushira dosiye muri CENI ari kugira umugambwe CNL uze uhiganwe n’iyindi migambwe yemewe n’amategeko mu Burundi.  Yaciye amenyesha kandi ko, iyo amatora atunganijwe neza bifise ingaruka nziza ku barundi bose no kw’iterambere ry’igihugu, ni muri iyo ntumbero Rwasa akaba yasavye  ko amatora yotunganywa neza kugira ngo ntihagire uwuzogira urwitwazo rwo kwidoga ngo  ntashimishijwe n’ibivuye mu matora vyotuma haba imyidogo mu  migambwe itandukanye. Yamenyesheje kandi ko inama zitari nke zitegura amatora haba kubayatunganya, haba ku banyeporitike yagiye aratunganywa, bisigura ko hisunzwe ivyavuye muri izo nama atakizobuza ko amatora agenda neza mbere aho abarundi bashize akaba ariho intahe ishira.  Afatiye ku kungene  amatora yo mu myaka iheze yagenze n’ay’ubu uko ariko arategurwa, Rwasa yamenyesheje  ko demokarasi ibandanya itera imbere akaba afise n’icizere ko ata murundi azova gutora ngo agirirwe nabi ngo n’uko ari umunywanyi w’umugambwe uyu canke uriya. Mu kurangiza, Rwasa yamenyesheje ko abanywanyi b’umugambwe CNL bateguwe bikwiye mu bijanye n’ukwubahiriza agateka ka zina muntu wese kandi bashira imbere umutekano,amahoro n’umubano mwiza ku barundi bose.  Yarasavye ko n’iyindi migambwe yoba hafi abanywanyi bayo kugira abarundi bose basenyere ku mugozi umwe bateze imbere igihugu cabibarutse.

Donathe Ndayisenga  (yimenyereza)

Ouvrir