Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abamenyeshamakuru basabwa kuba maso mu gihe c’amatora mu gutanga amakuru ahumuriza imitima y’abarundi

DSC 0070Uruhara rw’ibimenyeshamakuru n’abamenyeshamakuru ni ntangere mu gihe himirije amatora, ari yo mpamvu yatumye abarongoye ibimenyeshamakuru n’abamenyeshamakuru bakoranira mu ntara ya Ngozi kugira baronswe inyigisho ku bijanye n’uruhara rwabo imbere y’amatora, mu matora nyezina  hamwe inyuma y’amatora. Izo nyigisho zikaba zuguruwe n’umwunganizi w’umushikiranmganji wo kumenyesha amakuru Thierry Gitamoya ku wa 27 Ruhuhuma 2020.Thierry Gitamoya yabanje kumenyesha  ko Reta y’Uburundi iriko irategura amatora aba mu mwidegemvyo, ku mugaragaro kandi adakumira. Akaba ariyo agaragaza ubwigenge bw’igihugu nyakuri. Ayo matora akaba ariyo ya mbere atunganijwe Uburundi butarinze kuzera inze,abarundi bakaba ari bo batanze uburyo bwo kuyatunganya. Thierry Gitamoya yabandanije amenyesha ko kugira iyo ntumbero Reta yihaye iyishikeko  uruhara rw’abamenyeshamakuru ari ntangere kuko ari bo bashikiriza abanyagihugu uko ico gikorwa gitera itaka igihugu kiriko kiragenda. Abamenyeshamakuru basabwa gukoresha ubuhinga bwabo bidakekeranywa ko bazi mu gushiraho icuka ciza gitegura amatora hamwe n’imitima y’abanyagihugu, imbere yuko Uburundi bushikira iryo sango ryiza ry’amatora. Ivyo vyose bikaba bisaba ko boha ijambo bose ku rugero rungana ata nkunzi. 

Muri izo nyigisho zahawe  abarongoye ibimenyeshamakuru n’abamenyeshamakuru zaje gushimangira izindi bari bararonkejwe mu ntara za Kayanza, Muramvya hamwe n’iyo yabereye i  Ngozi, zo gukundisha igihugu, Umukuru w’igihugu yahaye imirwi myinshi y’abanyagihugu, abamenyeshamakuru badasigaye inyuma. Izo nyigisho zogushimangira, zikaba zatanzwe na Jacques Bukuru aho yabamenyesheje  akamaro n’uruhara rw’ibimenyeshamakuru mw’itunganywa ry’amatora. Icigwa kigira kabiri kikaba cashikirijwe na Pierre Claver Ndayicariye akaba yagize irimbura  ku bikorwa vyakozwe n’abamenyeshamakuru mu bihe vy’amatora yo mu myaka y’ 2005, 2010, 2015 hamwe itora ry’ibwirizwa shingiro mu  2018  ni ico abamenyeshamakuru baterereye. Icigwa kigira gatatu caronkejwe abamenyeshamakuru n’abarongoye ibimenyeshamakuru catanzwe n’umwigisha wo muri kaminuza y’Uburundi Adolphe Sururu umuhinga mu mvugo itababaza  ku mutima afatiye  ku majambo ashikirizwa n’abanyeporitike imbere y’amatora, mu matora nyezina, n’inyuma y’amatora badakoresheje amajambo ababaza imitima yabanyagihugu. Thierry Gitamoya yasozereye amenyesha ko izo nyigisho zizofasha gutuma hashikirizwa amakuru atuma abanyagihugigu binjira mu matora n’imitima itekanye y’abarundi. Abamenyeshamakuru baze biyage ko habaye abagabo bijunja n’ijambo babifashijwe n’ubwenge Imana yabahaye n’ubwenge bagiye barakaburirwa mu nyigisho bagiye bararonka.
Anitha Bizimana

Ouvrir