Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Reta y’Uburundi irajwe ishinga no guteza imbere no kwagura ikibuga c’indega ca Bujumbura

DSC01177Icegera ca kabiri c’Umukuru w’igihugu yarongeye amenyesha ko Reta y’Uburundi irajwe ishinga no guteza imbere no kwubaka ikibuga c’indege mpuzamakungu ca Bujumbura gutyo gifashe mu kuzamura ubutunzi bw’igihuguno kurwanya ubukene.Ivyo yabivuze igihe yariko yugurura inama igira gatanu ihuza abahinga bo bigo bitunganya bikongera bikagenzura umutekano w’indege zitwara abantu n’ibintu vyo mu karere ka Afrika y’ubuseruko yabereye i Bujumbura ku wa 27 Ruhuhuma 2020.  Joseph Butore yarongeye amenyesha ko Reta y’Uburundi itegera neza uruhara igisata co gutwara abantu n’ibintu biciye mu muhora wo mu kirere (ikoreshwa ry’indege) mw’iterambere ry’ibihugu vyo mu karere n’Uburundi burimwo. Ico gisata ngo gituma ingenzi zigendera Uburundi ziyongera mbere n’urudandazwa rukiyongera bigatuma haboneka n’akazi gutyo bigafasha kurwanya ubukene. Icegera ca kabiri c’Umukuru w’igihugu yarashimiyre ikigo ca Afrika kijejwe kugenzura uruja n’uruza rw’indege zunguruza abantu n’ibintu  n’umutekano wazo (CASSOA) cizigiye Uburundi kugira butunganye iyo nama  y’abahinga igira gatanu.   Kugira iyo nama kandi ibere ku murwa mukuru w’ubutunzi Bujumbura ngo vyatumwe n’umwumvikano no gukorera hamwe biranga ibigo bigenzura umutekano w’indege mu bihugu vya Afrika y’ubuseruko n’ivyo muri Afrika vyose.

Vyongeye ngo Uburundi bwariyemeje gukurikiza amasezerano mpuzamakungu yose agenga ivyo gutwara abantu n’ibintu n’indege. Ivyo bikaba vyatumye imihora yo kwunguruza abantu n’ibintu ihuza Uburundi n’ibindi bihugu yongerekana. Reta y’Uburundi yarabishizemwo inguvu zikomeye mu guhimiriza amashirahamwe atwara abantu n’ibintu n’indege gukorera mu Burundi. Ayo mashirahamwe amaze gutahura akamaro ko gukorera mu Burundi vyatumye abipfuza kugendera igihugu c’Uburundi na bamukerarugendo biyongera. Yaboneyeho n’akaryo ko kumenyesha ko Reta y’Uburundi irajwe ishinga no guteza imbere no kwubaka ikibuga c’indege « Melchior Ndadaye ». Ni naho biciye mu gufashanya n’ibindi bihugu, igihugu c’Ubushinwa ciyemeje gusanura, kwagura no guteza imbere ico kibuga. Ibikorwa ngo birimirije gutangura kugira uruja n’uruza rw’indege zikorera mu Burundi rwiyongere kandi hisungwe ibisabwa n’amakungu muri ico gisata. Yarongeye amenyesha baravye igenzurwa riheruka gukorwa ku bijanye no gukingira indege ryakozwe muri Nyakanga 2018 no muri Munyonyo 2019 basanze Uburundi bwarateye intambwe mbere n’ingingo nyinshi zafashwe. Aho akaba ari mu ntumbero yo gutorera inyishu intamabamyi ziri muri ico gisata mu Burundi. Yarongeye amenyesha ko Uburundi buzi neza ko ubuhinga bwo gucungera uruja n’uruza rw’indege n’umutekano wazo bitegerezwa gutsimbatazwa hakurikijwe ibisabwa n’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe kugenzura indege zunguruza abantu n’ibintu (OACI). Ivyo bikaba bizotuma amashirahamwe mpuzamakungu y’indege yunguruza abantu akorera mu Burundi kandi biheza bigaha n’icizere ingenzi.  Yamenyesheje ko hakiri intambamyi naho ingingo nyinshi zafashwe ariko gusaba ikigo CASSOA kubandanya gifashha Uburundi mu gushitsa ihangiro bwihaye. Kw’izina rya Reta y’Uburundi yarashimye abafashije bose mu bijanye n’uburyo hamwe n’ubuhinga kugira iyo nama ibere mu Burundi.Umushikiranganji ajejwe gutwara abantu n’ibintu, ibikorwa vya Reta no gutunganya amatongo Jean bosco Ntunzwenimana nawe yamenyesheje ko kuva Uburundi bwinjiye muri iryo shirahamwe ry’ibihugu vya Afrika y’ubuseruko EAC, ikigo CASSOA cafashije vyinshi mu guhindura amategeko igenga ico gisata kugira yisunge ibisabwa. Niko kumenyesha ko Uburundi bwavuye ku rugero rwari hasi bukagera ku bice 80 kw’ijana mu bijanye no gukurikiza mategeko agenga igisata co gutwara abantu n’ibintu n’indege. Mw’igenzurwa riherutse kuba naryo ngo ryerekanye ko Uburundi bwateye intambwe ku bice 20 kw’ijana ugereranije n’igenzurwa ryaheruka.Umuyobozi mukuru w’ikigo kijejwe kugenzura no gucungera umutekano w’indege mu Burundi, Emmanuel Habimana yamenyesheje ko  bateguye iyo nama kugira bashike kw’ihangiro ry’ibintu bitatu. Ubwa mbere bishimangira ko mu Burundi harangwa amahoro muri kino gihe himirije amatora. Ubugira kabiri inyuma y’aho Uburundi bwateye intambwe idasanzwe mw’igenzurwa riheruka gukorwa abaje muri iyo nama bagasanga harangwa amahoro. Ubugira gatatu iyo nama yabereye mu Burundi abanyamahanga barenga 80 bitavye iyo nama binjiza vyinshi mu gihugu.

Epitace Nduwayo

Ouvrir