Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Prezida Nkurunziza ahamagarira abamenyeshamakuru b’abarundi kuvuga neza igihugu cabo kandi bakagikunda

DSC 1561Muri rwa rukurikirane rw’inyigisho zo kuzirikana igihugu zitangwa n’Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, ku wa 28 Ruhuhuma 2020, yari aramutse azitanga ku barongoye ibimenyeshamakuru, abamenyeshamakuru hamwe n’abakora mu bisata vyo kumenyesha amakuru bahuriye ku murwa mukuru w’intara ya Ngozi, aho yabahamagariye kuvuga neza igihugu cabo kandi bakagikunda, ntibabe nka wa mwana w’isema yavuma ibere ryamwonkeje nk’uko vvyamenyeshejwe n’umuvugizi w’Umukru w’igihugu Jean Claude Karerwa Ndenzako inyuma y’izo nyigisho.Nk’uko yabandanije abivuga ngo muri izo nyigisho, abamenyeshamakuru  basabwe  kukizirikana ariko bomenya ko ata na kimwe bari batagizwe n’Imana, n’igihugu hamwe n’abavyeyi. Jean Claude Karerwa Ndenzako yamenyesheje  kandi ko izo nyigisho Prezida Perezida Nkurunziza yari aramutse azitanga ku bamenyeshamakuru incuro ya 4. Izo yatanze uyo munsi zikaba zari izitanguza igice kigira 2 c’inyigisho zo kuzirikana igihugu,  zigizwe n’ibigabane bitatu.

Inyigisho ya mbere yari  iyerekeye iyo abarundi bavuye; iya kabiri  ikaba imenyesha aho bageze ubu,  iya gatatu nayo ikaba izoba yerekeye iyo bagana, akaba azozibandanya mu kwezi kwa Kigarama 2020, igihe igihugu kizoba kiramutswa uwundi mukuru w’igihugu, ngo akazoba rero azoziremesha nk’uwagenywe n’igihugu nk’imboneza muvyo kuzirikana igihugu.  Jean Claude Karerwa yabandanije amenyesha ko muri ico kigabane ca kabiri co kumenya aho Uburundi buteye, Petero Nkurunziza yamenyesheje abamenyeshamakuru ico bategerezwa kuzirikana, ko ata na kimwe bari batagizwe n’Imana, n’igihugu, n’abavyeyi babo. Ivyo bafise vyose babikesha Imana, igihugu. Ngo bagire rero umutima wo kugikunda, ku kizirikana bakagira kandi umutima wo kwihangana. Ngo birashoboka ko abarundi bose harimwo abamenyeshamakuru co kimwe n’iyindi migwi itandukanye y’abarundi bose boba batararonka ivyo bipfuza, canke batarashika aho bashaka gushika, ariko ko bomenya ko imbere ari heza. Umuvugizi w’Umukuru w’igihugu yabandanije amenyesha ko Prezida Nkurunziza yamenyesheje abamenyeshamakuru ko ejo ari heza,  yuko igihugu gifise ubutunzi bwinshi ububoneka n’ubutaboneka,  ko bovuga neza igihugu kandi bakagikunda ntibabe nka wa mwana w’isema yavuma ibere ryamwonkeje, bakagira umutima wo kwizera. Abamenyeshamakuru ngo bategerezwa kumenyesha ko igihugu ari ryo tunga rikuru risumba ayandi yose, bategerezwa kuzirikana ko hari ibidasubirizwa, nta kindi gihugu gishobora gusubirira ic’amavukiro, nta wundi muvyeyi asumba umuvyeyi bafise kandi nta yindi Mana bashobora kuronka. Umukuru w’igihugu yizeje cane abo bajejwe igisata co kumenyeshamakuru ko Uburundi bugeze ku ntambwe ishimishije, kuko kuva aho bushiriye Imana imbere bukagaruka kw’iragi rya Ntare Rushatsi, ibintu vyinshi vyaragaragaye. Igihugu caciye kiba igihugu c’ijunja n’ijambo, kikaba igihugu c’abagabo bigaba bigaburira bakiyubara. Prezida Nkurunziza yasozereye izo nyigisho atumirira abamenyeshamakuru ko boguma muri iyo nzira kandi bazirikana ko guheza neza haba muvyo bavuga, muvyo biyumvira, bizobera umutahe abana babo kuko arico umurundi w’ukuri afise umutima yomenya.  Abamenyeshamakuru  bahamagariwe rero gukora neza kugira baje basigire iragi ryiza abana babo. Twobamenyesha ko imbere y’uko Umukuru w’igihugu atanga izo nyigisho hari habanje kuba inyigisho z’intangamarara zaremeshejwe n’abahanuzi mu biro vy’Umukuru w’igihugu. Inyigisho ya mbere ikaba yari yerekeye ivyinyegeje mu mateka no mu migambi igayitse y’abakoroni; iya kabiri  ikaba yari ijanye n’imico kama y’abarundi.

Anitha Bizimana

Ouvrir