Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Prezida Nkurunziza yaratanguje icese irima ry’impeshi

IMG 20200229 WA0017Umukuru w’igihugu, Petero Nkurunziza ari kumwe n’umuryamgo wiwe  yaratanguje icese isekeza ry’irima ry’impeshi, aho yasengeye imbuto mu kibanza c’abarundi bariko barateragira imbuto zitandukanye, yongera nawe nyene araziteragira. Ico gikorwa kikaba cabereye ku musozi Rutanga, komine Gashikanwa intara ya Ngozi ku wa 29 Ruhuhuma 2020.

Prezida Petero Nkurunziza yabanje gusengera imbuto ashimira Imana yaremye ijuru n’isi, Imana y’ubushobozi aho yari aramutse asabira umuhezagiro imbuto mu kibanza c’abarundi bose anaduza ishimwe ku Mana yabagiriye neza hakaboneka umwimbu mwiza w’agatasi. Umukuru w’igihugu yabandanije  ashimira Imana  ku kirere ciza, akazuba  be n’akayaga ndetse n’akavura  keza kaguye.Yabandanije ashimira Imana ko baje mu mwanya mwiza wo gutangura guteragira mu gihugu cose ari abana b’abantu, ububasha n’ubushobozi biri mu mbuto bitangwa n’Imana. Mu kibanza c’abarundi bose bateruye imbuto mu biganza vyabo,ko abanje guhezagira amaboko y’abarundi bose bagiye guteragira mu gihe c’impeshi hamwe n’imbuto zose zigiye guteragirwa kugira zije zimezwe n’Imana, yongere izeze. Umukuru w’igihugu yasavye Imana ko muri izo mbuto zitewe hobonekamwo n’umusesekara urwijwe incuro gatatu gusumba uwabonetse ku gatasi. Umukuru w’igihugu yasozereye iryo sengesho asaba  Imana ko yotanga imvura, izuba hamwe n’akayaga ku rugero rwiza. Yarateye akamo abarimyi ko kwizera  Imana, gutyo baje bibuke kuyishimira hageze iyimbura. Twobamenyesha ko imbuto zizoterwa ku mpeshi,Umukuru w’igihugu yasengeye zari zigizwe n’ibiharage, ubwishaza, ibigori, ibiraya, ibijumbu, ingano n’isoya. Uwo munsi bakaba bashoboye gutera ihegitari 1,5 ibiharage ubwishaza n’ibigori. ku mugoroba w’uwo munsi, Umukuru w’igihugu yararorereye inkino zariko zibera ku kibuga c’umupira w’amaguru RUKUNDO c’i Buye, aho imirwi ya Allellua Fc na Club des Amis yatanye mu mitwe, urwo rukino rukaba  rwarangiye umurwi Allellua Fc ufise ibitsindo 4 kuri 2 vya Club des Amis.

Anitha Bizimana

Ouvrir