Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abarundi bahamagariwe kuguma barikanuye kugira umwansi ntazohave abaca mu ryahumye mu bihe vy’amatora

cinjireIgiporisi c’Uburundi carerekanye abantu babiri bagirizwa kuba bari mu bagize igitero ku bitaro vy’i kibuye mu ntara ya Gitega hamwe n’inkoho zibiri zakoreshejwe. Abo bafashwe bakaba bari mu murwi munini wari umaze gusamburwa mbere bamwe bakaba bamaze gushikanwa mu Mpimba kandi uwo murwi wari umaze kwonona ibitari bike mu kwica no mu kwiba mu gisagara ca Bujumbura. Ivyo bikaba vyamenyeshejwe na Pierre Nkurikiye avugira ubushikiranganji bw’umutekano kw’igenekerezo rya 25 Ruhuhuma 2020 mu ntumbero yo guhumuriza abarundi n’abanyamahanga baba mu Burundi. Igiporisi c’Uburundi carerekanye abantu babiri bagirizwa kuba bari mu bagize igitero ku bitaro vy’i kibuye mu ntara ya Gitega hamwe n’inkoho zibiri zakoreshejwe. Abo bafashwe bakaba bari mu murwi munini wari umaze gusamburwa mbere bamwe bakaba bamaze gushikanwa mu Mpimba kandi uwo murwi wari umaze kwonona ibitari bike mu kwica no mu kwiba mu gisagara ca Bujumbura. Ivyo bikaba vyamenyeshejwe na Pierre Nkurikiye avugira ubushikiranganji bw’umutekano kw’igenekerezo rya 25 Ruhuhuma 2020 mu ntumbero yo guhumuriza abarundi n’abanyamahanga baba mu Burundi .Pierre Nkurikiye yamenyesheje ko uwo murwi wiba ukica ukoresheje ibirwanisho bicira umuriro, urimwo inkozi z’ikibi nyinshi aho igice  kinini cawo  kimaze gufatwa mu bundi bugizi bwa nabi bwagiye burakorwa. Kw’igenekerezo rya 1 Munyonyo 2019 izo nkozi zikibi zarateye mu kabare ko mu gisagara ca Bujumbura aho bita kwa Giriberi aho bishe abantu 3 abandi barakomereka, baratera na grenade igihe bariko barahunga. Ngo hari n’umupfasoni yishwe mu Buyenzi bongera  baramutwara n’amahera atari make Uwo murwi nyene ngo warishe n’abakenyezi 2 n’umwana  bo muri zone  Kanyoshakomine Muha n’uwundi mukenyezi 1 wo mu Kizingwe wone Kanyosha nyene.

Uwo murwi nyene warivye mu ma zone  ya Ngagara na  Kinama. Abaporisi  barashoboye gufata abatari bake kuko hari 9 bamaze gushika mu Mpimba. Bamwe mu bakoze  igitero  giheruka  kubera ku bitaro vy’ikibuye i Gitega aribo Niyonkuru Alfredd na Bikorimana Jean Baptiste ari nawe yatanga imiduga nyene  yo gukora ubwo bubisha barafashwe n’iyo miduga   yarafashwe. Yabandanije amenyesha ko mu bitero bimaze iminsi bikorwa n’abagizi ba nabi mu ntara ya Bujumbura, inkozi z’ikibi 22 zarahasize ubuzima, inkoho 12 zirafatwa n’ibindi bikoresho, abaporisi babiri baricwa abandi barakomereka hamwe n’abari muri uwo murwi bafashwe. Ivyo bitero bikaba vyabereye muri komine Isare mu  ntara ya Bujumbura. Muri izo hakaba harishwe 2 n’ibikoresho birafatwa nk’inkoho 1 n’ibikono vy’amasasu ku misozi ya Nyambuye na Nyarushinge iri muri iyo komine nyene. Muri rusangi rero ngo ivyononekaye muri ivyo bikorwa vyo gutuza ako karwi hariho inkozi z’ikibi 22 zahasize ubuzima harimwo n’umwigisha wo kw’ishure ryisumbuye rya Maranatha ari nawe yari arongoye ako karwi n’abaporisi 2 bariko bagerageza gutuza ako karwi ngo bakingire abanyagihugu. Ibikoresho bariko barakoresha vyafashwe harimwo inkoho 12, grenade 1 n’uturadiyo duto two guhanahana amakuru n’icuma c’inkoho.Yarangije amenyesha ko kuri ubwo bugizi bwa nabi bwose bwakozwe inkozi zikibi z’ikinze agahumbezi kubera muri kino gihe abantu bahanze amaso amatora  twimirije, agahumuriza abarundi n’abanyamahanga ngo batekane bongere babandanye ibikorwa vyabo ariko ngo bagume barikanuye babicishije muri ya nyabune ijejwe umutekano . 

 Josélyne Ndayegamiye

Ouvrir