Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Umuntu amenye ko arwaye kanseri hakiri kare arivuza agakira canke bakayihagarika

Muganga Gabriel Nahayo amenyesha ko umuntu amenye hakiri kare ko arwaye kanseri avugwa agakira canke bagapfupfahaza. Ivyo yabimenyesheje ku wa 4 Ruhuhuma 2020 mu gihe amashirahamwe yo kurwanya, gupima hakiri kare abawaye kanseri bahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya iyo ndwara  Muganga Gabriel Nahayo amenyesha ko umuntu amenye hakiri kare ko arwaye kanseri avugwa agakira canke bagapfupfahaza. Ivyo yabimenyesheje ku wa 4 Ruhuhuma 2020 mu gihe amashirahamwe yo kurwanya, gupima hakiri kare abawaye kanseri bahimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe kurwanya iyo ndwara  Muganga Gabriel Nahayo yarongeye amenyesha ko kanseri ziri ubwoko bwinshi murizo hakaba iyo mu gitereko, iyo ku rukoba ifata imitsi itwara amaraso canke amazi bita ‘caposi’, agace k’iruhande y’ahaca umukoyo ku bagabo bita ‘prostate’, kanseri y’ibere ku bakenyezi, kanseri y’igice ca nyuma c’urusogi runini. Arongera akamenyesha ko kanseri yo mu rwinjiriro rw’igitereko ifise ibipimo mu Burundi ivyo navyo bikaba ari navyo bakoresha mu kuraba ko umuntu atarwaye. Umuntu rero ngo ayimenye hakiri kare biraheza bikamufasha ko ayihagarika . Amenyesha ko hari ibitaro nka Roi Khaled, Kira n’ibindi  bigirako bigakora n’igipimo ca kabiri kiraba uko ivyo babonye ubwa mbere vyoba vyerekana ko arivyo canke ari igihendabaja. Basanze hakenewe ibindi bipimo bakura agace k’inyama yo mw’iyinjiriro y’igitereko bakaja kuraba muri rugagamisha. Ivyo bipimo bikba bikorerwa mu kigo ca «Buja Path» no muri Roi Khaled.  Ku bijanye na kanseri yo ku rukoba abaganga babonye amabara ari ku rukoba canke mu kanwa baraheza bagafata akamanyu bakakarungika muri vya bigo bipima kanseri. Kanseri igira gatatu n’iyifata agace bita ‘prostate ku bagabo, iyo nayo bakaba bayipima mu maraso canke bagakoresha igipimo kumurika ingingo z’umuntu zihishije. Muganga Gabriel Nahayo amenyesha kandi ko na kanseri y’ibere nayonyene ngo bishoboka ko bayipima mu gukura akamanyu gato mw’ibere bakakajana gupima muri vya bigo gutyo bakabona uko vyifashe. Kanseri y’igice ca nyuma c’insogi nayo ikorwa n’abaganga bapima ivyo mu nda. Aho agahanura abantu bose barenza imyaka 50 kwipimisha n’aho ata kimenyetso yoba abona. Ikimenyetso ca mbere ngo ni amaraso aba mu mwanda mukuru. Ikindi gipimo bakoresha ni ukumurika bacishije mu kibuno kugira barabe ko ahariyo utuvyimba, basanze turiyo baraheza bakatubaga. Arongera akamenyesha ko ikibabaje ari uko bamwe mu barwaye bashobora kutamenya ko bamaze gufatwa bigatuma babimenya batevye. Amenyesha kandi ko ikibazo c’imiti kigoye kubera zitavurwa n’imiti imwe, akavuga ko nka kanseri yo mu jisho yatanguye kuboneka. Uburyo bwo kuvura kanseri bumaze kuboneka cane ngo ni ukubaga ariko nahonyene mu gihe yabonetse hakiri kare, ahandi naho imiti ntiza ku rugero rwiza. Iyo bikenewe ko umurwayi avurwa hakoreshejwe imishwarara naho abaganga bamurungika mu bindi bihugu nko mu Buganda, Kenya n’ahandi. 
Kanseri nyinshi zifata Abarundi ahanini ziterwa n’imigera        Muganga Gabriel Nahayo yamenyesheje kandi ko kanseri nyinshi zifata abarundi ziterwa n’imigera. Muri iyo migera hakaba iyo bashobora gukinga n’incanco nk’uwutera kanseri yo mw’iyinjiriro ry’igitereko ari nayo nyinshi mu Burundi. Mu bihugu biteye imbere urwo rucanco rukaba rwatanguye mu myaka y’2005 n’2006. Akamenyesha ko no mu bihugu bitwegereye urwo rucanco ruriho mbere no mu Burundi rukaba rumaze kugeragezwa mu ntara za ngozi na Rumonge mu mwaka w’2017. Amenyesha ko hamaze kuba inama nyinshi ariko ubushikiringanji bw’amagara y’abantu bukaba buriko burabikurikirana  akibaza ko habuze uburyo kugira urwo rucanco ruboneke. Rumaze kuboneka ngo coba ari ikintu gikomeye. Yarongeye amenyesha ko hari n’umugera utera kanseri yo kurukoba n’uwutera kanseri y’umushishito. Ku mugera utera kanseri y’igitigu nawo amenyesha ko urucanco ruriho ariko rukaba ruronswa abana bakiri bato. Ari naco gituma kanseri yo mu gitigu isigaye yibonekeza gusa mu bantu bakuze kuko urwo rucanco rwatanguye mu myaka y’2003. Amenyesha kandi ko ikindi gitera kanseri ari itabi ari naco gituma amashirhamwe arwanya kunywa itabi ari menshi cane mbere n’abantu banywa n’ibitigiri vy’abanywa itabi bikaba vyaragabanutse cane. Abanywa itabi bakaba basigaye ahanini mu rwaruka n’imiyabaga, usanga ubu no mu bubare abanywa itabi basigaye ari bake cane. Ikindi gishobora kuba intandaro yo kurwara kanseri ngo ni ibiro vyinshi ariko ico kibazo kikaba kiri mu bantu bake mu Burundi. Ivyo bikava ku gufungura nabi, akamenyesha ko kugira umuntu avuge ko afungura neza ategerezwa gufungura amagarama amajana ane y’imboga n’ivyamwa. Ikindi bene abo bantu bokora ni ukugira imyimenyerezo mu kwinonora imitsi. Kurenza ibiro bikaba bitera indwara nyinshi harimwo ivumbuka ry’amaraso, igisukari mbere na kanseri zitandukanye. Igikomeye rero ngo n’uko umuntu yomenya ko ari mu migwi ibangamiwe na kanseri iyi canke iriya gutyo akipimisha hakiri kare kugira azitire ataronerwa. Nka kanseri yo mu gitereko nayo ikinda gukarira abakenyezi bamaze kurangura amabanga y’abubatse barenza imyaka 30, abari muri uwo mugwi bakaba basabwa kwipimisha hakiri kare. Muganga Jean marie Harimenshi nawe arongoye ikigo ‘Buja Path’ gipima kanseri amenyesha ko ku bantu bamaze kwipisha muri ico kigo bangana 351 basanze abashika 130 bamaze kurwara kanseri. Ahanini bakaba basanze benshi muribo barwaye kanseri yo mu rwinjiriro rw’igitereko na kanseri yo mu rusogi runini.

Epitace Nduwayo  

Ouvrir