Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Intara zihamagariwe gufashanya mu gihe hari iyigize ikibazo

Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza ahamagarira  ba buramatari gukomeza umugirwa wo gufashanya hagati y’intara iyo hateye ibiza  nk’uko bimaze iminsi mu bice bitandukanye vy’igihugu aho imvura ihitana abantu n’ibintu.Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza ahamagarira  ba buramatari gukomeza umugirwa wo gufashanya hagati y’intara iyo hateye ibiza  nk’uko bimaze iminsi mu bice bitandukanye vy’igihugu aho imvura ihitana abantu n’ibintu.Ako kamo yakabateye ku wa 4 Ruhuhuma 2020 nk’uko vyashikirijwe n’icegera c’umuvigizi w’Umukuru w’igihugu, Alain Diomede Nzeyimana inyuma y’inama yo mumwiherero Prezida Nkurunziza yagirishije ba buramatari bahuriye ku murwa mukuru w’intara ya Ngozi.Yamenyesheje ko umukuru w’igihugu yabifurije umwaka mwiza aragaruka kuvyaranze iminsi mikuru irangiza n’iyitangura umwaka ko hibonekeje ko amahoro n’umutekano bisasagaye mu gihugu kuko abavyipfuza  baridagaduye  abandi baninahaza Imana mu mutekano ntangere.Muri iyo nama,Umukuru w’igihugu ngo yashimikiye  ku kibazo c’imvura iguma ihekura Uburundi   n’ibintu bikahatikirira,akaba rero yahamagariye ba buramatari gukomeza wa mugambi w’igihugu “Ewe Burundi urambaye” mu gutera ibiti n’uguca imiserege aho hose bikenewe, aho yasivye igasiburwa bakongera bakagarukira  abo bose bahuye n’ivyago.Ku bijanye n’imicafu yibonekeza mu gisagara ca Bujumbura n’ahandi, Umukuru w’igihugu yahamagariye abanyamitahe gushing amashirahamwe yo guhingura imicafu kugira abantu babe ahantu heza. Ngo imicafu irashobora kuvamwo amakara gurtyo vya bikorwa vyo kwicira ibiti ku misozi bishobora no kubihonya bigasezererwa.  Mu kurangiza Prezida Nkurunziza yateye akamo ba buramatari ko kugarukira ikibazo  c’uburozi cabaye ndanse  mu bice bitandukanye vy’igihugu kuko ntibikiri agaseseshwa rumuri   ababikora basigaye bavyiyemerera ku mugaragaro.Mu nyuma y’iyo nama Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yaciye agendera irerero ry’impfuvyi “JEHO KUKI” riri mu Vyerwa komine Mwumba, intara ya Ngozi azishiriye imfashanyo igizwe n’itoni y’ibiraya,itoni y’umuceri hamwe n’ibiro 500 vy’ibiharage.

Joselyne Ndayegamiye


              

Ouvrir