Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

UPRONA : Gaston Sindimwo niwe yatowe n’abadasigana kugirango azohiganirwe ikibanza c’Umukuru w’igihugu mu 2020

Umugambwe w’abadasigana UPRONA waratunganije ikoraniro kaminuza ridasanzwe, ku wa 1 Ruhuhuma 2020, aho bemeje icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu Gaston Sindimwo kugira azowuserukire mw’itora ry’Umukuru w’igihugu rizoba ku wa 20 Rusama 2020. Ibirori vyabereye ku kibuga c’inkino co muri zone Ngagara komine Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura, bikaba vyari vyitabwe n’abarongoye umugambwe ku rwego rw’igihugu, urwego rw’intara n’amakomine. Bari batumiye kandi n’abaserukira imigambwe ikorera mu Burundi yemewe n’amategeko, uwuserukiye ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati hamwe n’abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi.Umugambwe w’abadasigana UPRONA waratunganije ikoraniro kaminuza ridasanzwe, ku wa 1 Ruhuhuma 2020, aho bemeje icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu Gaston Sindimwo kugira azowuserukire mw’itora ry’Umukuru w’igihugu rizoba ku wa 20 Rusama 2020. Ibirori vyabereye ku kibuga c’inkino co muri zone Ngagara komine Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura, bikaba vyari vyitabwe n’abarongoye umugambwe ku rwego rw’igihugu, urwego rw’intara n’amakomine. Bari batumiye kandi n’abaserukira imigambwe ikorera mu Burundi yemewe n’amategeko, uwuserukiye ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati hamwe n’abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi.Mw’ijambo ryashikirijwe n’umukuru w’umugambwe Abel Gashatsi, yamenyeshe ko umugambwe arongoye uzokwitaba amatora yose yimirije. Kw’izina ry’abadasigana yarashimye uwo batoye ngo azobaserukire, kuko aho agejeje kumenya amabanga y’igihugu atacomubuza guhiganwa n’uwariwe wese azova mu wundi mugambwe.  Yasavye abadasigana kuja guhiganwa bafatanye mu nda bongere bace mu makanda ya Rwagasore, ata kwigisha amacakubiri, kanatsinda ngo UPRONA ni umugambwe w’abarundi bose. Ngo ikibaraje ishinga ni uko Umurundi wese yoshira imbere ubumwe bw’abarundi, agashira imbere iterambere rirama maze ivy’igihugu bisabikanywe n’abanyagihugu mu butandukane bwabo. Yabasavye kandi kwirinda gusotorana n’abo badasangiye umugambwe. Ikindi ngo n’uko bohiganwa badahezanyayo gutyo bazokwemere aho intahe izoba yashize.Icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu Gaston Sindimwo ari nawe yagenywe n’umugambwe UPRONA ngo azowuserukire mw’itora ry’umukuru w’igihugu ryimirije,  nawe yamenyesheje ko uwo munsi ari ntibagiranwa ku badasigana bose n’abakunzi ba UPRONA ndetse no ku barundi bose bipfuza ko intwaro rusangi n’iterambere ry’igihugu vyova mu majambo bikaja mu ngiro bikozwe na UPRONA. Nk’uwashizwe imbere n’uwo mugambwe mu guhiganirwa ikibanza c’Umukuru w’igihugu, yamenyesheje ko afise akanyamuneza ntangere n’ inguvu zikwiye zo guteza imbere igihugu nk’izari zifiswe n’ababitangiye imbere barwaniye intahe yo kwikukira barongowe n’umuganwa atari umugani Rudoviko Rwagasore.
 Umugambwe w’abadasigana UPRONA urafise imigambi uzoshira imbere
Gaston Sindimwo amenyesha ko hamwe abarundi bokwizera UPRONA bakayihunda amajwi, bafise imigambi myiza izoteza imbere Abarundi bose atawusigaye inyuma.  Muriyo aravuga ibice 30% vy’abakenyezi bari mu nzego zifata ingingo bizoja ku bice 50%. Mu ntumbero yo gusangiza Abarundi bose amabanga y’igihugu, ngo nta ntara n’imwe itazoba ifise umushikiranganji. Muri iyo Reta nyene izoba irongowe n’umugambwe w’abadasigana UPRONA, bamwe bagendana ubumuga nabo nyene bazoshikirwa. Mu gisata ca poritike ngo bazoha ishusho nshasha igihugu mu bijanye na poritike na cane cane mu guha ubwigenge Abarundi gukora ata bwoba ariko bakurikije amategeko. Ikindi ngo n’uko bazonagura imigenderanire bafitaniye n’amakungu. Bazohagararira bimwe biboneka ishirwa mu ngiro ry’amasezerano y’i Arusha. Bazonagura inzego z’ubutungane hamwe n’iz’umutekano. Bazosubiramwo gushasha itunganywa rya wa mugambi w’igihugu ujejwe ukuri n’ukurekuranira hamwe n’umurwi w’igihugu ujejwe amatati y’amatongo n’ayandi matungo y’igihugu. Mu gisata c’ubutunzi, ngo bafise intumbero yo guteza imbere ubutunzi gutyo Uburundi buve mu bibanza vya nyuma buharurwe mu bihugu biteye imbere. Ivyo ngo Abarundi uhereye kuri batobato bazovyibonera mu kibano cabo ca minsi yose, mu kubaho neza, mu gufungura neza, mu kwivuza no kwigisha abana kubuntu gushika ku myaka 18. Uburimyi n’ubworozi buzotezwa imbere ndetse n’ibanki ijejwe kuronsa abanyagihugu ingurane ku nyungu itavuna ishingwe. Amakomine azoronswa yamfashanyo yahora itangwa gushika ku muriyaridi w’amafaranga y’amarundi. Mu gisata c’imibano, amagara y’abanyagihugu hamwe n’indero y’urwaruka, nivyo bibazo nyamukuru Reta izoba irongowe n’umugambwe w’abadasigana UPRONA izohagurukira ubwa mbere. Vyongeye, iyo Reta izobandanya kwitwararika umugambi wo kunganisha imishahara. Agahembo karonswa abakukurutse, kazoshika ku bice 75% vy’amafaranga bahora bahembwa. Ikindi naco ngo n’uko abo bakukurutse bovuzwa ku buntu. Ido n’ido ry’ imigambi izorangurwa ngo bazoyishikiriza mu minsi iri imbere. 
Hari abashobora kwibaza vyinshi kuri iyo migambi
Gaston Sindimwo ati : « Hari  abashobora kwibaza ingene icegera ca mbere c’Umukuru w’igihugu avuga ko hari ibikenewe guhinduka. Ego cane kuko imyenge y’inzu imenywa n’uwuri muri yo ». Arongera  ati : «  Mu myaka hafi itanu ndi icegera c’Umukuru w’igihugu, yabaye akaryo keza ko kubona aho igihugu kigeze n’ikibereye guhinduka muri iki gihe kugira ngo gitere intambwe iboneka mu nzira y’iterambere ». Yaciye ahamagarira abadasigana bose n’incuti zabo guhunda amajwi umugambwe wa Rwagasore batsinde amatora, Uburundi bwisununure amakungu atangare. Yarangije asaba abari mu bushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, ko bohamagara abatowe ngo bazoserukire imigambwe kugira basinye amasezerano abanyaporitike bumvikanyeko « code de conduite », ko bemeye guhiganwa badahezanyayo, bagahiganwa atawutuka canke atyoza uwundi, ariko bahiganwe baraba iterambere ry’igihugu.
Gloriose Nshimirimana

Ouvrir