Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Reta y’Uburundi yariteguriye kurwanya inzige igihe zokwinjira mu gihugu

Umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi Déo Guide Rurema amenyesha ko  Reta y’Uburundi ibicishije ku bushikiranganji arongoye yiteguriye kurwanya inzige igihe zoramuka ziteye mu gihugu.Umushikiranganji w’uburimyi n’ubworozi Déo Guide Rurema amenyesha ko  Reta y’Uburundi ibicishije ku bushikiranganji arongoye yiteguriye kurwanya inzige igihe zoramuka ziteye mu gihugu.Ivyo akaba yabimenyesheje mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku wa 4 Ruhuhuma 2020, inyuma y’aho inzige zibonekeje mu bihugu vy’akarere Uburundi buherereyemwo kugira abimenyeshe abanyagihugu gutyo bicare babizi.Ariko rero umushikiranganji Déo Guide Rurema agasaba abarimyi kuguma ku kivi barimira impeshi kugira umwimbu ugume wiyongera ku rugero rushimishije.Déo Guide Rurema  yavuze ko yihweje uko ibihugu bibanyi vyo mu karere vyamaze guterwa n’izo nzige kandi ko n’ibindi bihugu bishobora kuzoterwa, ngo Reta y’Uburundi ibicishije ku bushikiranganji arongoye yamaze kumenya amakuru y’izo nzige kandi ko yamaze gutegekanya ibikenewe kugira yitegure kurwanya ico kiza c’inzige. Yaciye anamenyesha ko mu bikorwa biriko birategurwa bijanye no kuzirwanya harimwo gushiraho integuro yo gukinga ikiza kugira ntigishike giturumbuka, kugira ingendo zo guhanahana ivyiyumviro mu bihugu bimaze guterwa n’ivyo biza, gushiraho ubuhinga  bwo gutumatumanako amakuru yo gutangiriza hakiri kare iyo habaye ibiza biteye igihugu, guhimiriza abanyagihugu kwama batora izo nzige mu mirima yabo bakazifungura, gushigikira ibigo vy’ubushakashatsi no guteza imbere ibikoresho vyo kurwanya izo nzige hamwe n’ibindi. Yarongeye amenyesha ko ubushikiranganji arongoye bwamaze kwiga ubuhinga bwofasha kurwanya izo nzige harimwo n’ukuzitora n’iminwe, no gukoresha imiti y’ibiterwa ihinguwe. Ariko rero ngo gukoresha imiti ihinguwe mu buryo bwa none sivyo ubushikiranganji bushira imbere kuko igihe cose hakoreshejwe imiti ihinguwe bisaba gupompa ahantu hanini hakoreshejwe indege, ivyo bigatuma hashobora kutosekazwa ubuzima bw’abantu no kwonona ibidukikije . Ikindi naco ngo inzige zishwe n’iyo miti ziba ari indya z’inyoni ndetse n’abantu bigatuma ubuzima bwabo butosekara. Yaheraheje ahamagarira amashirahamwe akorera mu gisata c’uburimyi kwifatanya n’ubushikiranganji bw’ibidukikije, uburimyi n’ubworozi mu gushiraho integuro yo gukinga ico kiza, kandi ko ubushikiranganji bwamaze gufata ingingo zose zikenewe zo gukurikirana ico kiza n’uko buzokwamana n’abarimyi mu kubashigikira biciye muri wa mugambi wo kwegera abanyagihugu mu kubaha inyigisho n’impanuro mu gisata c’uburimyi n’ubworozi. 

Evelyne Niyonzima

Ouvrir