Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

CENI : Abarundi banditswe kugira bazokwitabe amatora yo mu 2020 ni 5.126.351

Abarundi biyandikishije barekuriwe kuzotora mu matora yimirije kuba muri uwu mwaka w’2020 ni 5.126.351. Muribo  harimwo abakenyezi 2.688.803 n’abagabo 2.437.548. Ivyo vyashikirijwe n’umukuru w’umugwi w’igihugu wigenga ujejwe amatora CENI Pierre Claver Kazihise mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku wa 3 Nzero 2020. Abarundi biyandikishije barekuriwe kuzotora mu matora yimirije kuba muri uwu mwaka w’2020 ni 5.126.351. Muribo  harimwo abakenyezi 2.688.803 n’abagabo 2.437.548. Ivyo vyashikirijwe n’umukuru w’umugwi w’igihugu wigenga ujejwe amatora CENI Pierre Claver Kazihise mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku wa 3 Nzero 2020. Yarongeye amenyesha ko abazotorera mu gihugu hagati ari 5.113.418 harimwo abakenyezi 2.686.593 hamwe n’abagabo 2.426.825. Abazotora bari mu mahanga nabo bangana 12.933 harimwo abakenyezi 2.210 n’abagabo 10.723. Yamenyesheje kandi ko mu ntara nka zose abakenyezi aribo benshi kurusha abagabo kiretse mu gisagara ca Bujumbura abagabo aribo benshi kurusha abakenyezi; ni nayo ntara ifise abantu benshi bazotora. Ifise abantu  bazotora bashika 476.590 harimwo abakenyezi 188.874 n’abagabo 287.716. 1.  Intara ya Cankuzo niyo ifise bazotora bake kuko ifise abangana 154.701 harimwo abakenyezi 81.986 n’abagabo 72.715. Umukuru w’umugwi CENI Pierre Claver Kazihise yaramenyesheje kandi ko hasigaye kumenya abazokwitoza. Yarongeye aratumira abashaka kwitoza ku giti cabo kwimenyekanisha babicishije mw’ibaruwa bazokwiyandikira bonyene bakararishirako umukono kugira uwo mugwi uzoje urabatumira mu nama ihuza abarongoye imigambwe. Yarongeye amenyesha ko itora ryose ryigenga n’aho hari amatora atatu azobera umunsi umwe. Umuntu arashobora rero kwitoza mu kibanza c’Umukuru w’igihugu, akaja ku rutonde rw’abashingamateka n’urwo abajenama b’amakomine. Ikibujijwe ngo ni ukuja ku ntonde z’abashingamateka, abakenguzamateka  canke abajenama b’amakomine mu ntara canke mu makomine abiri.  

Epitace Nduwayo

Ouvrir