Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Imigenderanire hagati y’Uburundi n’amakungu irabandanya gutera imbere

DSC 0263Imigenderanire hagati y’Uburundi n’amakungu irabandanya itera imbere.Ni muri iyo ntumbero, Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yarakiriye abaserukira ibihugu vyabo 13 hamwe n’uwuserukira ishirahamwe ry’ibihugu vya Buraya (U.E) bari bamuzaniye  amakete abagena muri ayo mabanga ku wa 7 Ruhuhuma 2020.Ibirori bikaba vyabereye mu ngoro y’Umukuru w’igihugu « Ntare Rushatsi » iri mu Gasenyi.  Imigenderanire hagati y’Uburundi n’amakungu irabandanya itera imbere.Ni muri iyo ntumbero, Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yarakiriye abaserukira ibihugu vyabo 13 hamwe n’uwuserukira ishirahamwe ry’ibihugu vya Buraya (U.E) bari bamuzaniye  amakete abagena muri ayo mabanga ku wa 7 Ruhuhuma 2020.Ibirori bikaba vyabereye mu ngoro y’Umukuru w’igihugu « Ntare Rushatsi » iri mu Gasenyi.  Inyuma y’uwo mubonano, Icegera c’umuvugizi w’Umukuru w’igihugu, Alain Diomède Nzeyimana yamenyesheje ko uwuserukira igihugu ca Danemark, Nicolaj Hejberg Peterson afise icicaro i Kampala mu Buganda, yashimishijwe no kubona igihugu c’Uburundi kirangwamwo amahoro n’umutekeno kandi buriko bwitegirira neza amatora y’uwu mwaka w’2020. Igihugu ca Danemark naco ngo kikaba kiriko kiritegura kugira kigiriranire imigenderanire myiza n’Uburundi. Ambasaderi Nicolaj Hejberg akaba ariwe yakiriwe ubwa mbere n’Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza. Uwuserukira igihugu ca Géorgie, Zurab Dvalishvili afise icicaro i Adis-Abeba mu gihugu ca Etiyopiya yakiriwe ubugira kabiri, yamenyesheje ko igihugu ciwe citeguye kugiriranira imigenderanire myiza n’Uburundi kandi bukaba bubaye ubwa mbere ico gihugu kigiriranira imigenderanire n’Uburundi.  Uwuserukira igihugu ca Malawi, Glad Chembe Munthali afise icicaro i Dar-es-Salaam yakiriwe ubwa gatatu, yamenyesheje ko igihugu ciwe kizoraba ivyo cofashanyamwo n’Uburundi hisunzwe umugambi w’iterambere w’imyaka cumi wo kuva mu 2018 gushika mu 2027.

Uwuserukira igihugu ca Philipinnes, Alex G. Chua afise icicaro i Naïrobi mu gihugu ca Kenya yaje azanye indamutso y’Umukuru w’igihugu ciwe. Ico gihugu kandi gisanzwe gifitaniye imigenderanire myiza n’Uburundi. Uwuserukira ca Etiyopiya mu Burundi, umupfasoni Alemtsehay Meseret Gelaw yamenyesheje ko yipfuza ko igihugu ciwe kigiranira imigenderanire myiza n’Uburundi na cane cane mu bijanye n’ubudandaji. Uwo nawe akaba afise icicaro i Kampala mu gihugu c’Ubuganda. Igihugu ca Etiyopiya n’Uburundi ngo bisanzwe bihurira ku ruzi Nil. Uwuserukira igihugu ca Pakistani yakiriwe ubugira gatandatu, umupfasoni Saglain Syedah afise icicaro i Kampala, yamenyesheje ko igihugu ciwe cipfuza kugiriranira imigenderanire myiza n’Uburundi mu bijanye n’ubudandaji mbere abagwizatunga baho bakazana imitahe mu Burundi. 

Uwuserukira igihugu ca Finlande mu Burundi, umupfasoni Riita Swan afise icicaro i Dar-es-Salaam yamenyesheje ko  igihugu ciwe kigiye gutsimbataza imigenderanire yari ihasanzwe kibicishije mu mashirahamwe asanzwe akorera mu Burundi. Uwuserukira ishirahamwe ry’ibihugu vya Buraya (U.E.), Claude Bochu  yabaye uwugira umunani yakiriwe n’ Umukuru w’igihugu, akaba  afise icicaro i Bujumbura,akaba yamenyesheje ko azi neza yuko imigenderanire itifashe neza hagati y’iryo shirahamwe n’Uburundi. Yamenyesheje ko bagiye gukora ibishoboka vyose kugira imigenderanire isubire kugenda neza. Umukuru w’igihugu nawe akaba yamubwiye ko igikuru ar’uko bazi ko ivyo bintu vyabaye. Ko rero bazi ivyabagoye,rero bazogerageza kubikosora. Uwuserukira igihugu ca Burkina Faso mu Burundi, umupfasoni Ganou diaby Kasamba Madina yabaye uwugira  icenda yakiriwe  n’Umukuru w’igihugu, akaba yamenyesheje ko ibihugu vya Afrika bihuriye ku bintu vyinshi arico gituma vyotegerezwa gufatana mu nda kurusha.Uwo nawe akaba afise icicaro i Nairobi mu gihugu ca Kenya. Uwuserukira « République Tchèque », Martin Klepetko yabaye uwugira cumi yakiriwe n’Umukuru w’igihugu, akaba afise intebe i Naïrobi mu gihugu ca Kenya, yamenyesheje ko bagiye gutsimbataza imigenderanire n’Uburundi naho itahora ishemeye. Ubugira cumi na rimwe hakiriwe uwuserukira igihugu c’Ubutaliyano mu Burundi, Massimiliano Mazzanti afise intebe i Kampala mu gihugu c’Ubuganda. Uwo nawe yamenyesheje ko bazoraba ukugene imigenderanire hagati y’ivyo bihugu vyompi yotezwa imbere mu bijanye n’inkino n’urudandazwa. Uwuserukira igihugu ca Tanzaniya mu Burundi, umupfasoni Jilly Elibariki Maleko yabaye uwugira cumi na kabiri yakiriwe n’Umukuru w’igihugu,akaba afise icicaro i Bujumbura, yamenyesheje ko anezerejwe no guserukira igihugu ciwe mu gihugu kibanyi bifitaniye imigenderanire myiza. Yamenyesheje kandi ko imigenderanire hagati y’ivyo bihugu itagira agatotsi kandi iyo migenderanire ari iya kera kuva umuhisi Nyerere arongoye Tanzaniya. Yipfuza ko iyo migenderanire yobandanya iba myiza kurusha. Umukuru w’igihugu nawe yarashimye ukugene ico gihugu kibandanya citaho neza abarundi baba muri ico gihugu baba abakorerayo akazi ka minsi yose canke abagiye barahungirayo bivanye n’ingorane Uburundi bwagiye buracamwo.  Uwuserukira igihugu c’Ubuyapani Masahiro Imai afise intebe i Kigali mu Rwanda yamenyesheje ko igihugu ciwe gifasha Uburundi mu bisata bitandukanye mbere bakazotangura gusanura ikivuko ca Bujumbura muri Ntwarante 2020. Uwuserukira igihugu ca Botswana Golopang Duke Lefhoko yabye uwugira cumi na kane yakiriwe n’Umukuru w’igihugu ari nawe wa nyuma,yamenyesheje ko igihugu ciwe cipfuza kugiriranira imigenderanire myiza n’Uburundi. 

Epitace Nduwayo

Ouvrir