Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

CNC :Ibikorwa vyaranguwe n’ibimenyeshamakuru mu mezi atatu aheze birashimishije

DSC 3290Urwego rujejwe gucungera ingene ibimenyeshamakuru bikora CNC rwarashikirije icegeranyo cerekana ingene ibimenyeshamakuru vyakoze mu mezi atatu arangiye y’umwaka w’2019. Ivyaranguwe ngo birashimishije naho utunenge tutabuze. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umukuru w’urwo rwego C NC, Nestor Bankumukunzi ariko arashikiriza ico cegeranyo. Hari ku wa 31 Nzero 2020, i Bujumbura.Urwego rujejwe gucungera ingene ibimenyeshamakuru bikora CNC rwarashikirije icegeranyo cerekana ingene ibimenyeshamakuru vyakoze mu mezi atatu arangiye y’umwaka w’2019. Ivyaranguwe ngo birashimishije naho utunenge tutabuze. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umukuru w’urwo rwego C NC, Nestor Bankumukunzi ariko arashikiriza ico cegeranyo. Hari ku wa 31 Nzero 2020, i Bujumbura.Nkuko yabandanije abishikiriza ngo muri rusangi ibinyamakuru vyakoze vyisunze amategeko naho hari bimwe bimwe usanga biza birahengama. Ngo urwo rwego rurashima ingene ibinyamakuru vyakoze mu bisata bimwe bimwe nko mu gisata ca poritike, c’Ubutunzi n’ibindi aho ivyo bisata bifata ikibanza kinini ariko ngo hakaba n’ibindi bisata bisa n’ivyibagirwa nk’igisata c’ingenzi. Aho naho agasaba abamenyeshamakuru kuza baravyibuka bakabiha ikibanza gikwiye navyo. Nestor Bankumukunzi yamenyesheje kandi ko hariho ibimenyeshamakuru bitanga amakuru aho usanga bivuga umuntu canke igisata bihengamye, aho yasavye ko iyo ngendo yohagarara kuko isa n’iyarenze urugero. Ngo hari n’ibinyamakuru hamwe n’amaradiyo amwe amwe usanga ashikiriza ibiganiro bisambura imico y’igihugu, aho naho akaba yabasavye ko baza barashikiriza amakuru canke ibiganiro vyubaka igihugu, vyubahiriza imico kama y’igihugu c’Uburundi.Nestor Bankumukunzi akaba yaboneyeho akaryo ko guhanura abamenyeshamakuru na cane cane muri iki gihe igihugu cimirije amatora ngo bakore bisunze amategeko ataho bahengamiye, baze barashikiriza amakuru yatohojwe neza kandi y’ukuri kugirango ntibaze bate igihugu mu manga. Yateye akamo abarongoye ibinyamakuru ngo bagerageze babe hafi y’abamenyeshamakuru barongoye baze barabibutsa ibitegerezwa n’ibizira gukorwa kugirango amatora yimirije vuba azogende neza. Ngo bigenze uko, muri urwo rwego CNC bizera ko iki kiringo gito gisigaye c’imbere y’amatora coheza kikarangira ibinyamakuru vyose vyikosoye. Ku bijanye n’ingorane zihari zijanye n’ikarata ndangamumenyeshamakuru (carte de presse) aho ibice 32.31 kw’ijana arivyo gusa bimaze kuronswa abamenyeshamakuru batari bake gushika ubu batararonswa iyo karata, Nestor Bankumukunzi yamenyesheje ko izo ngorane zatewe ni uko ubwa mbere uwahawe isoko aba mu ntara ya Gitega kandi abamenyeshamakuru benshi bari i Bujumbura. Ubwa kabiri ngo ni uko hari n’abarongoye ibimenyeshamahuru bamwe bamwe badashaka kwitaba akamo ka CNC ko kurondera iyo karata kandi iyo karata yashizweho n’itegeko ryateweko umukono n’Umukuru w’igihugu aho rivuga ko ata mumenyeshamakuru n’umwe azoshikiriza amakuru yo mu  matora adafise iyo karata. Ku bw’ivyo, haciye hashirwaho umugwi ugiye kwiga neza ingene vyogenda kugirango ukwezi kwa kabiri kuzohere izo ngorane zose zavuye mu nzira.Uwurongoye akongera agaserukira imbere y’amategeko ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru b’abakenyezimu Burundi « AFJO », Diane Ndonse yamenyesheje ko naho abakenyezi n’urwaruka aribo benshi mu gihugu c’Uburundi,  baguma bari ku rugero ruto mu bisata vyinshi vy’ubuzima bw’igihugu hamwe no mu binyamakuru. Urusansuma rwabaye mu 2008  Burundi rwerekanye ko abakenyezi bangana n’ibice birenga 50% vy’abanyagihugu baba mu Burundi, urwaruka narwo rukaba rurenga ibice 60%. Ku bw’ivyigwa vyakozwe n’iryo shirahamwe AFJO mu 2018, ngo umukenyezi aserukiwe ku bice biri munsi ya 30% mu bimenyeshamakuru agaheza akaba ku bice biri munsi ya 10% mu nzego z’ibimenyeshamakuru  zifata ingingo. Diane Ndonse akaba yamenyesheje ko mu ntumbero yo gufasha kugirango igitigiri c’abakenyezi congerekane mu binyamakuru, iryo shirahamwe ryateye umukono mu 2019 ku masezerano yo gufashanya n’urwego CNC mu gushikiriza ivyegeranyo vy’amezi atatu bishira imbere iterambere ridakumira. Yasavye abarongoye ibimenyeshamakuru gufata ingingo zituma bashira imbere iterambere ridakumira mu gikorwa c’abamenyeshamakuru n’ibimenyeshamakuru. Ishirahamwe AFJO naryo ngo ntirizohengeshanya gushigikira abamenyeshamakuru n’ibimenyeshamakuru vyitaho iterambere ridakumira mu nkuru bashikiriza.

Estella Niyongere

Ouvrir