Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abakenyezi b’aba Islamu barakeneye kwigishwa gutunganya imigambi kugira bashikire ubwigenge mu butunzi

Mu ntumbero yo gushigikira umugambi w’umukuru w’igihugu wo kwiga gukorera mu makoperative, umuryango w’aba Islamu COMIBU waratunganije inyigisho ku bapfasoni n’urwaruka rufise hagati y’imyaka 5 na 12 mu mugambi w’ibanze wo kubigisha gutunganya imigambi n’imibano, watangujwe icese ku wa 28 Nzero 2020.Mu ntumbero yo gushigikira umugambi w’umukuru w’igihugu wo kwiga gukorera mu makoperative, umuryango w’aba Islamu COMIBU waratunganije inyigisho ku bapfasoni n’urwaruka rufise hagati y’imyaka 5 na 12 mu mugambi w’ibanze wo kubigisha gutunganya imigambi n’imibano, watangujwe icese ku wa 28 Nzero 2020.Bukuru Elie Khalfan arongoye uwo mugambi w’ibanze yamenyesheje ko uwo mugambi wateguwe bisunze umugambi  w’ikimpumbi w’iterambere kugira bashobore guha intumbero iterambere ry’abapfasoni n’abana bo mw’idini rya ba Islamu. Muri uwo mugambi bazoshira imbere cane cane kubigisha kwitunganiriza imigambi, ivyerekeye agateka k’umukenyezi hamwe n’imibano kuko ari ryo shingiro ry’iterambere  mu  muryango wa ba islamu no mu gihugu.  Bukuru Elie Khalfan yabandanije amenyesha ko  bafashe abapfasoni n’urwaruka kuko ata wundi mugambi n’umwe wari bwatunganywe uberekeye kuva idini ry’aba Islamu ribayeho mu Burundi.  Ati «Basa n’abibagiwe kuko batashizwe mu migambi  y’iterambere y’idini. bakaba baronswa  inyigisho za korowani n’ibindi vyerekeye idini gusa». Abana n’ibatahura gukora imigambi, igihugu kizohatorera  akwunguko kanini, nk’uko Umukuru w’igihugu adasiba guhimiriza abarundi bose ko bokwiga gukorera mu makoperative bikaba bizofasha abaronse izo nyigisho kwitunganiriza imigambi bashobore kuja hamwe biteze imbere. Abo bana bazoronswa inyigisho bizobafasha gukura bafise inyota yo kwitunganiriza imigambi, babonereho no gukura borohereza  umuntu wese mu kwemera kwiwe, bizotume n’iterambere mu gihugu ryiyongera. Bukuru Elie Khalfani yasozereye amenyesha ko kugira uwo mugambi ushinge imizi bazoronsa inyigisho abarongora amasengesho hamwe n’abigisha mu mashuri yigisha ikorowani kugira navyo baze baravyigisha gutyo bizotebe bishikira  aba islamu bose. Izo nyigisho zikaba zizoca mu vyese,ku bicapo bishushanijeko bifasha abana gutahura n’ingoga hamwe n’amareresi.

Anitha Bizimana

Ouvrir