Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Uburundi buriteguriye kurwanya indwara y’akamangu iterwa n’umugera wa «coronavirus»

Inyuma yuko ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe amagara y’abantu kw’isi OMS rivugiye ko indwara y’akamangu  ivuye kumugera witwa «coronavirus» ibangamiye amagara y’abantu bose kw’isi,  umushikiranganji w’amagara y’abantu Thaddée Ndikumana yarashikirije  ico bagiye gukora kugira bakingire  abarundi n’abashinwa baza Iburundi, hari ku wa 31 Nzero 2020.Inyuma yuko ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe amagara y’abantu kw’isi OMS rivugiye ko indwara y’akamangu  ivuye kumugera witwa «coronavirus» ibangamiye amagara y’abantu bose kw’isi,  umushikiranganji w’amagara y’abantu Thaddée Ndikumana yarashikirije  ico bagiye gukora kugira bakingire  abarundi n’abashinwa baza Iburundi, hari ku wa 31 Nzero 2020.Umushikiranganji w’amagara y’abantu yabanje kumenyesha ko ibimenyetso vy’iyo ndwara bisa n’ivyikiza ca Ebola cane cane ubushuhe ibindi navyo ni inkorora, ibicurane hamwe n’ingorane yo guhema. Ibigiye gukorwa rero n’uko bashize  ivyuma biri ku kibuga c’indege mpuzamakungu «Ndadaye Merchior» co gupima ubushuhe uri kure, hamwe n’ifishi buzuza bakubajije iyo waje uva. Mu gihe bagusanze ufise bimwe muri ivyo bimenyetso vyerekana ko woba ufise umugera wa « coronavirus » uri Umurundi baca bakujana kwa muganga mu kibanza bateguye kiri ku bitaro prince regent Charles aho uwo muntu ahamara iminsi 14, iyo naho ari umushinywa baca bamujana ku bitaro vyo kumpanda aho hateguwe nahone ikibanza begeranirizwamwo.Thaddée Ndikumana yabandanije amenyesha ko naho iyo ndwara atamuti ifise, igihe uwo biketse amenetse umutwe afise, ubushuhe canke afise ingorane mu bihimba vyihemero baraba baramuha umuti. Muri Afrika ahantu bashobora gupima iyo ndwara ni mu gihugu ca Afrika yepfo gusa, hari uwo biketse mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu hari abahinga banonosoye kurwanya ibiza boba bashikanye ibipimo muri iyo minsi 14. Umushikiranganji w’amagara y’abantu yasozeye ico kiganiro amenyesha ko mu Burundi iyo ndwara bizera ko itazohagera kuko ibihugu vyose  vyayiviriye hasi, kuko ata ndege ihari iza mu burundi ataho iciye bazobanza bamurabe kuko na Ebola barashoboye kuyirwanya ntiyashika mu Burundi kandi yari hafi y’Uburundi. Aratumirira abarundi kugira isuku, kw’irinda  kwasamurira ku muntu muri kumwe. Abarundi nabo bafata ingendo mu gihugu c’ubushinwa kumvo zitandukanye barasabwa guca mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu kugira babatekerere impanuro, kugira iyo ndwara ntitosekaze imigenderanire uburundi bufitaniye n’igihugu c’ubushinywa nkuko Ishirahamwe mpuzamakungu ijejwe amagara y’abantu kw’isi yabisavye ko atawokugara imbibe.

Anitha Bizimana

Ouvrir