Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Umusaserdoti Simon Ruragaragaza yaranzwe n’urukundo mu buzima bwiwe bwose

Baca umugani mu gifaransa ngo umuntu ashengera nk’uko yabayeho (on meurt comme on a vécu). Vyarigaragaje ku munsi wa kane,  igenekerezo rya 30 Nzero 2020, umunsi umwepiskopi mukuru Gervais Banshimiyubusa, abepiskopi b’inararibonye Evariste Ngoyagoye na Stanislas Kaburungu, abasaserdoti barenga 150, ababikira, abafurera, abakristu bitangiye Umukama eka n’abandi bakristu, abato n’abakuze bari bazindukanye urubanza rwo gushingurana iteka Nyakwigendera umusaserdoti w’Umukama, patiri Simon Ruragaragaza.Baca umugani mu gifaransa ngo umuntu ashengera nk’uko yabayeho (on meurt comme on a vécu). Vyarigaragaje ku munsi wa kane,  igenekerezo rya 30 Nzero 2020, umunsi umwepiskopi mukuru Gervais Banshimiyubusa, abepiskopi b’inararibonye Evariste Ngoyagoye na Stanislas Kaburungu, abasaserdoti barenga 150, ababikira, abafurera, abakristu bitangiye Umukama eka n’abandi bakristu, abato n’abakuze bari bazindukanye urubanza rwo gushingurana iteka Nyakwigendera umusaserdoti w’Umukama, patiri Simon Ruragaragaza.Yishimikije ibisomwa vyateguwe kuri urwo rubanza, nyenicubahiro Gervais Banshimiyubusa, umwepiskopi mukuru wa diyoseze nkuru ya Bujumbura, yaribukije igihugu c’Imana ko ubuzima bwacu butigera buhera ahubwo buhinduka gusa.Aca amenyesha ko uwuvuye muri ubu buzima bwo kwisi aba ajabutse ikiyaga, akize ibiteye ubwoba n’ibibabaza. Musenyeri Banshimiyubusa yavuze ati : « Uwama yizigitirira ku vy’isi namenye ko azoyivako ». Aca yibutsa ko uburyo bwo gushikira ijuru rishasha rizira umubabaro, ari ukwakira umubiri wa Kristu yapfuye akazuka agashikira ubuzima budapfa.Icegera ca musenyeri mukuru, Anatole Ruberinyange nawe, yamenyesheje abari aho, bimwe mu vyaranze Ubuzima bw’umuhisi patiri Simon Ruragaragaza.Yashimikiye ku bintu bitatu. Ngo patiri Ruragaragaza yarakunda ubutumwa. Ivyo bigaragarira ku kugene yabwitangira mu gihe yari akiri muto no mugihe mbere imyaka yariko iraba myishi. Iyo ubutumwa bubabanye bwinshi ngo yaca avuga ati : « ntimugire ubwoba niho ndi ». No mu gihe amagara amukitse ngo ntiyahengeshanije gukora ubwo butumwa.Icakabiri caranze uyo muhisi yarakunda abarwaye n’abakene. Umwikozeko arwaye canke akomeye, ku murango canke mw’ijoro yaratabara abarwaye. Ngo yari yaratahuye kandi ko ico ukuryo gutanze ukubamfu kutokimenya.Ica gatatu umuhisi Simon Ruragaragaza yarakunda abantu. Ivyo vyaribonekeje aho yagiye ararangurira ubutumwa hose. Ngo ivyo yakora vyose yabikoranye akanyamuneza.Umuhisi Simon Ruragaragaza yitavye Imana igenekerezo rya 24 Nzero, isaha zine n’igice mu 2020.Mu mpapuro z’umutsindo nyinshi uyo muhisi yari afise harimwo urwo kumenyesha amakuru yaronse 1968.Simon Ruragaragaza yavukiye ku musozi Zinaryakunze, paruwase Bukeye, diyoseze ya Bujumbura, ukwezi kwa Kigarama 1937. Yibarutswe na François Ruragaragaza na Marcelline Buzuguye. Yatiwe mw’ibanga ry’ubusaserdoti igenekerezo rya 23 Kigarama  mu 1963 i Roma.Yaronse impapuro z’umutsindo mu vyigwa ndoramana (1960-1963), mu vyigwa mbagarabwenge n’indome, hamwe no  mu vyo kumenyesha amakuru (1963- 1968). Simon Ruragaragaza yaranguye ubutumwa butandukanye mu gutwara amaseminari nkuru na ntoyi, araja mu rwego nshingwantwaro rwakaminuza y’Uburundi, aratwara amaparuwase atandukanye harimwo Ngagara  na St Michel, arashingwa gushingura amabanga ku kirimba c’umwepiskopi mukuru(Chancelier) n’ibindi.Imana imwakire mu bwami bwayo.

Yolande Nintunze

Ouvrir