Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Demokarasi ishingiye ku kubisikanya ku butegetsi yaramaze gushinga imizi ubutagisubira inyuma mu Burundi

Umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, Ezéchiel Nibigira ahamagarira abaserukira ibihugu vyabo n’amashirahamwe Mpuzamakungu mu Burundi kububera abavugizi mu kumenyesha amakungu ko demokarasi ishingiye ku kw’ibisikanya ku butegetsi ryamaze gushinga imizi ubutagisubira inyuma.Umushikiranganji w’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu, Ezéchiel Nibigira ahamagarira abaserukira ibihugu vyabo n’amashirahamwe Mpuzamakungu mu Burundi kububera abavugizi mu kumenyesha amakungu ko demokarasi ishingiye ku kw’ibisikanya ku butegetsi ryamaze gushinga imizi ubutagisubira inyuma.Ako kamo yakabateye ku wa 31 Nzero 2020, mw’ijambo yashikirije ryo kwugurura inama ubushikiranganji arongoye bwabatunganirije mu ntumbero  yo mu kwirimbura ku vyakozwe n’ubwo bushikiranganji muri aya mezi atatu aheze akurikira inama nk’iyo yabaye mu kwezi kwa Munyonyo 2019 no  guhanahana ivyiyumviro ku kuri poritike y’imigenderanire y’Uburundi n’ayandi makungu.Muri iryo jambo, umushikiranganji Ezéckiel Nibigira  yarashimiye abitavye iyo nama na cane cane abaserukira ibihugu vyabo mu Burundi bashasha bamaze gutanga amakete abagena muri ayo mabanga be n’abimirije kuyatanga. Nibigira yashimye ubucuti buri hagati y’Uburundi n’ayandi makungu, na cane cane ibihugu vy’Uburusiya n’Ubushinwa. Ku vyerekeye ugufashanya, Ezéckiel Nibigira  yisunze ahanini amasezerano yabaye hagati y’Uburundi n’ishirahamwe rijejwe ivy’ugufashanya  ry’igihugu c’Ubuyapani JICA harimwo  ugusanura n’ukwagura ikivuko ca Bujumbura. Yaboneyeho n’ugushima igikorwa c’ishirahamwe PAM, kuva aho ritanguriye gufasha mu gisata c’indero, igitigiri c’abanyeshure baheba amashure kikaba caragabanutse kuva ku bice 11 gushika ku bice 7 kw’ijana hagati y’umwaka w’2007 n’uw’ 2019, ndetse n’igitigiri c’abiga kikaba caraduze kuva kubice 5 gushika ku bice 14 kw’ijana.Ezéckiel Nibigira yabandanije yerekana ko demokarasi mu gihugu c’Uburundi igeze ku ntambwe ishimishije aho yerekanye ko Uburundi bwiteguriye neza amatora y’uyu mwaka w’2020 afatiye ku gitigiri c’imigambwe imaze gutanga abazoyiserukira mu matora hatibagiwe n’uwigenga azitoza. Si ivyo gusa, n’urwaruka rukunze gukoreshwa mu vya politike ubu ngo rubanye neza mu bwigenge n’ubutandukane mu migambwe mu gihe Reta ibandanya gukurikiranira hafi  no kurufasha mu bikorwa vyarwo vy’ukwiteza imbere aho bahurira mu makoperative atandukanye.Iyo nama iheze ubushiniranganji bwaratumiye abo banyacubahiro gusangira inzimano no kwifurizanya umwaka mushasha w’2020.

Donathe Ndayisenga(Uwimenyereza)

Ouvrir