Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

CNDD-FDD : Abagumyabanga barashima ubugombe bw’Imana mw’igenwa ry’uwuzobaserukira mw’itora ry’Umukuru w’igihugu

NEVA2Nk’uko vyama bigenda ku munsi wa kane wa nyuma w’ukwezi, umugambwe CNDD- FDD waratunganije amasengesho yo gushimira Imana mu ntara zose z’igihugu, inyuma y’umutaga wo ku wa 30 Nzero 2020. Ayo masengesho yatunganijwe hisunzwe ijambo ry’urufatiro riri muri bibiliya mu butumwa bwa Matayo ikigabane ca 25 kuva ku karongo ka 23 rivuga riti: “Shebuja aramubwira ati: Wagize neza muntu wanje mwiza wo kwizigira, wizigiwe kuri bike, nzoguha kugaba vyinshi, injira mu munezero wa sobuja”. Nk’uko vyama bigenda ku munsi wa kane wa nyuma w’ukwezi, umugambwe CNDD- FDD waratunganije amasengesho yo gushimira Imana mu ntara zose z’igihugu, inyuma y’umutaga wo ku wa 30 Nzero 2020. Ayo masengesho yatunganijwe hisunzwe ijambo ry’urufatiro riri muri bibiliya mu butumwa bwa Matayo ikigabane ca 25 kuva ku karongo ka 23 rivuga riti: “Shebuja aramubwira ati: Wagize neza muntu wanje mwiza wo kwizigira, wizigiwe kuri bike, nzoguha kugaba vyinshi, injira mu munezero wa sobuja”. Mu gisagara ca Bujumbura, amasengesho yabereye mu cicaro gikuru c’umugambwe CNDD-FDD, ahagarikiwe n’umunyamabanga mukuru wawo Evariste Ndayishimiye aherutse gutorwa ngo azoserukire uwo mugambwe mw’itora ry’umukuru w’igihugu ryimirije. Ayo masengesho akaba yari yitabwe kandi n’izindi ndongozi zitandukanye z’igihugu zikomoka muri uwo mugambwe. Uwurongoye umurwi ujejwe gutegura amasengesho,  yamenyesheje ko ari igisabisho ca mbere kibaye bavuye mw’ikoraniro kaminuza ridasanzwe ryatowemwo uwuzoserukira uwo mugambwe mw’itora ry’Umukuru w’igihugu. Ngo ni akaryo keza rero ko kumusabira. Umukozi w’Imana Nduwumukama Charles yasiguye ijambo ry’Imana yisunze ibiri mu rufatiro, yamenyesheje ko Imana ari umukoresha mwiza iyo uyibereye umwizigirwa ukagirira akamaro igihugu nayo igushimira. Ati iyo Imana yuguruye ntawugara, yugaye ntawugurura. Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD Evariste Ndayishimiye nawe yarakengurutse igikorwa cabaye mw’ikoraniro kaminuza ridasanzwe aho bitoreye uwuzoserukira uwo mugambwe mu matora y’Umukuru w’igihugu mu mutekano ntangere. Ati n’iteka ridasanzwe abagumyabanga biteye. Yarakengurukiye kandi n’abatari abagumyabanga babandanya gukenguruka. Ati hari na bamwe mu bahora barwanya igihugu c’Uburundi bakenguruka, aho bamukeza bamubwira ko bari inyuma yiwe. Yarangije ahanura abanyeporitike bagenziwe ngo ntihagire uwuzohiganwa umutima utari hamwe ngo bamenye ko uwuzotsinda azotwarira bose.

Gloriose Nshimirimana

Ouvrir