Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Igisata ODECA nico kigiye gukirikirana ibikorwa vyose vyo mu gisata c’ikawa

qqqIgisata c’ubuhinga rwa Reta rujejwe guteza imbere igiterwa c’ikawa ODECA, nico kizokurikirana ibikorwa vyose vyahora bikorwa n’amashirahamwe amwe amwe ariyo CNAC Murima w’isangi, Intercafé hamwe n’amahinguriro ya Reta ariyo Sogestal na Sodeco. Ayo mashirahawe yahora akorera mu gisata c’ikawa yasabwe gushikiriza urwo rwego rushasha  rwa Reta ibikoresho vyose yahora akoresha kugira ibikorwa vyose birangurirwa muri ico gisata bibandanye ata ntambamyi. Mu gihe igiciro cahora ari amafaranga 500 ku kiro c’ikawa y’ibiturumbwe nziza, ngo Reta ibicishije kuri urwo rwego, igiye gushikiriza abarimyi n’abakorera mu gisata c’ikawa igiciro cisununuye kizohabwa abarimyi bashoye ikawa yabo ku matonorero. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umushikiranginji w’uburimyi, ubworozi n’ibidukikije, Déo Guide Rurema, ku wa 29 Nzero 2020, mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, aho yariko shikiriza ingingo zafashwe mu ntumbero yo gutegura isizeni yo kwegeranya ikawa yo mu mwaka w’2020 ushira uw’2021.

Igisata c’ubuhinga rwa Reta rujejwe guteza imbere igiterwa c’ikawa ODECA, nico kizokurikirana ibikorwa vyose vyahora bikorwa n’amashirahamwe amwe amwe ariyo CNAC Murima w’isangi, Intercafé hamwe n’amahinguriro ya Reta ariyo Sogestal na Sodeco. Ayo mashirahawe yahora akorera mu gisata c’ikawa yasabwe gushikiriza urwo rwego rushasha  rwa Reta ibikoresho vyose yahora akoresha kugira ibikorwa vyose birangurirwa muri ico gisata bibandanye ata ntambamyi. Mu gihe igiciro cahora ari amafaranga 500 ku kiro c’ikawa y’ibiturumbwe nziza, ngo Reta ibicishije kuri urwo rwego, igiye gushikiriza abarimyi n’abakorera mu gisata c’ikawa igiciro cisununuye kizohabwa abarimyi bashoye ikawa yabo ku matonorero. Ivyo ni ivyashikirijwe n’umushikiranginji w’uburimyi, ubworozi n’ibidukikije, Déo Guide Rurema, ku wa 29 Nzero 2020, mu kiganiro n’abamenyeshamakuru, aho yariko shikiriza ingingo zafashwe mu ntumbero yo gutegura isizeni yo kwegeranya ikawa yo mu mwaka w’2020 ushira uw’2021.Nk’uko umushikiranganji, Déo Guide Rurema yabandanije abishikiriza, ngo imyiteguro y’isizeni yo mu mwaka w’2020 ushira uw’2021 igeze kure, iyo nayo ikaba ifatiye ku ntumbero nshasha ya Reta yo gutunganya gushasha igisata c’ikawa. Iryo tunganywa rishasha ry’igisata c’ikawa rikaba ryisunga icegeranyo n’inama nshikiranganji yok u wa mbere Munyonyo 2019, aho hemezwa integuro ijanye n’uko Reta isubiza ikirenge muri ico gisata, uhereye mw’irimwa ryayo gushika ishorwe, ivyo ngo vyakozwe mu ntumbero yo guhagararira inyungu z’umurimyi n’iz’igihugu kuko ngo vyabonetse ko abakorera muri ico gisata basa nabatabiha agaciro.Ni muri iyo ntumbero itegeko ry’Umukuru w’igihugu inomero 100/99 ryo ku wa mbere Ruheshi 2009 ryashiraho urwego rwa Reta rujejwe gukurikirana ibijanye n’abakorera mu gisata c’ikawa ARFIC ryasubirijwe n’itegeko ry’Umukuru w’igihugu inomero 100/001 ryo ku wa 7 Nzero 2020 rishiraho urwego rw’ubuhinga rwa Reta ruzokora ibikorwa vyose bijanye no guteza imbere igisata c’ikawa ODECA. Urwo rwego rugiye gukora ibikorwa vyahora bikorwa n’amashirahamwe hamwe n’amatonorero ya Reta, ariyo Sogestal na Sodeco. Vyongeye, kubera iryo tunganywa rishasha ry’igisata c’ikawa, ingingo zitandukanye zarafashwe aho abagurishje ikawa bataratahukana amafaranga y’agaciro n’abatarariha itagisi ya komine y’amasizeni yose ko bobikora vuba, imbere y’uko isizeni yo mu mwaka w’2020 ishira uw’2021 itangura. Ku mashirahamwe yahora akorera mu gisata c’ikawa ariyo CNAC, Intercafé, Sogestal’s na Sodeco, ayo nayo yasabwe gushikiriza ico gisata ODECA ibikoresho vyose yahora akoresha kugira ibikorwa vyose birangurirwa mu gisata bibandanye ata ntambamyi. Ayandi mashirahamwe akorera mu gisata c’ikawa, ni ukuvuga abatonora ikawa, abayikobora, abayikaranga, basabwe kuriha amadeni bafitiye Reta hamwe n’ayandi mashirahamwe nka Regideso n’ayandi hamwe n’ibirarane vy’imishahara y’abakozi, ivyo bigakorwa hisunzwe amategeko.Abafise uburyo bukwiye bararekuriwe gukorera mu gisata c’ikawaMu mpinyanyuro nshasha yo gutunganya igisata c’ikawa, irarekurira abikorera utwabo bakwije ibisabwa n’amategeko kubandanya bakorera mu gisata c’ikawa. Abo nabo basabwe kwitura urwo rwego rushasha kugira rubamenyeshe ibisabwa vyose mu ntumbero yo kwemererwa gukora. Uwuzokwemererwa gukorera mu gisata c’ikawa, ngo ntazosubira gusaba ko Reta imwishingira, vyumvikana ko ari abazoba bafise umutahe ukwiye kandi akimeyeza ko azohemba abarimyi ku gihe, afatiye ku ngwati azohabwa n’ibanki bakorana. Mw’isizeni yo mu mwaka w’2020 ushira uw’2021, ngo hitezwe umwimbu ushimishije w’ikawa ihishiye, ibiharuro ngo vyerekana ko hazoboneka umwimbu ungana n’amatoni 136792. Muri izo ngingo zafashwe, ngo hagiye gusohoka itegeko nshikiranganji ritunganya ibikorwa vyo gukingira ibidukikije hamwe no gukorera ikawa n’abajejwe intwaro barimwo. Kuri uwo wese azoja kubiri n’izo ngingo, umushikiranganji yaragabishije ko Reta itazomwihanganira, azohanwa hakurikijwe amategeko.Igiciro ku murimyi kizomenyeshwa vubaKu kibazo co kumenya igiciro c’ikawa ishorwa ku matonorero uno mwaka, umushikiranganji yamenyesheje ko azokimenyesha vuba ariko umurimyi azoharonkera akunguko kubera ko hariho ibice 34% vy’amafaranga yava mw’ikawa yahora aja gufasha amashirahamwe yakorera muri ico gisata atazosubira gutangwa n’umurimyi w’ikawa. Ku bakozi bama tonorero y’ikawa, “Sogestal’s na Sodeco” basaba imishahara y’amezi 18, umushikiranganji yamenyesheje ko ayo mashirahamwe ari aya Reta hamwe n’abikorera ivyabo bashizemwo imitahe, ngo bazokwicarana kugira barabire hamwe uburyo Reta imaze gushiramwo n’abandi ubwo basizemwo kugira Reta ntizohahombere. Mu masizeni abiri iyo mu mwaka w’2018 ushira uw’2019 hamwe n’iyo mu mwaka w’2019 ushira uw’2020, Reta yatanze imiriyaridi zirenga 41 (41 114 116 000,375), ikibazo ni ukumenya ico ayo mafaranga yakoze.Mu gihe isizeni yo mu mwaka w’2019 ushira uw’2020, izosozerwa ku wa 31 Ntwarante 2020, iyo sizeni ngo yibonekejemwo umwimbu muke cane, aho ku matoni arenga ibihumbi 75 yari yitezwe, habonetse amatoni ibihumbi 47 arenga gato. Muri ayo matoni, ngo hamaze gukoborwa ikawa ishoka hanze ingana n’amatoni 7 511,5, iyimaze kugurishwa ni amatoni 6254,2, uburyo bwavuyemwo nabwo ni amadorari y’abanyamerika arenga imiriyoni 15 (15 221 142,69), muri ayo ayamaze gushika mu kigega ca Reta ni imiriyoni 5 zirenga (5 002 558,19). Kuri abo bose bashoye hanze ikawa y’Uburundi ntibatahukane amafaranga y’agaciro, basabwe kubitunganya vuba.

Déo Misigaro                                                                                                              

Ouvrir