Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abagumyabanga basabwa gusaba imbabazi aho baguye hose no kumenya ko bari mu rutonde rw’abana b’Imana

ooootuAbagumyabanga basabwa kumenya ko ivyavuye mw’ikoraniro kaminuza ry’umugambwe CNDD-FDD ari integuro y’Imana, bakongera bakamenya ko amakoraniro kaminuza yose yo gutora indongozi zizoserukira umugambwe mu matora y’Umukuru w’igihugu azoza araba habanje kuba amasengesho y’iminsi itatu akazobera ku gicaniro. Ivyo ni bimwe mu vyashikirijwe n’Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza akaba ari n’umukuru w’inararibonye mu mugambwe CNDD-FDD ku munsi ugira gatatu wo gusozera amasengesho mpuzamadini yo gukengurukira Imana yatunganijwe n’umugambwe CNDD-FDD, yabereye mu ntara ya Gitega kuva ku wa 23 gushika ku wa 25 Nzero 2020. Ayo masengesho yari afise ijambo ry’urufatiro riri mw’isezerano rya kera mu gitabu co Kuvayo, igice ca 14 kuva ku murongo wa 13 gushika ku 20 rivuga ngo “Mose yishura abantu, ati ntaco mutinya ; Mwihangane gusa murabe agakiza uhoraho agira ngwabazanire uyu munsi. Uhoraho niwe agira ngwabarwanire, namwe nimwinumire gusa…Abanyegiputa niho bazomenya y’uko ndi uhoraho, ninamara kwihesha icubahiro kuri farawo no ku mikogote yiwe, no kubagendera ku mafarasi biwe”. Prezida Nkurunziza yabasavye gutaha bibukanya ico basezeranye n’Imana, ngo bongere bamenye ko iryo sezerano ryakomejwe mw’ijambo ry’Imana bahawe nayo. Yabamenyesheje ko ijambo baronkeye mu masengesho yakozwe muri komine Itaba bari baje kuryimika mu mugambwe CNDD-FDD kuko aribo riraba gusumba abandi. Yishimikije amajambo ari muri Yeremiya igice ca 33 kuva ku murongo wa 1 gushika kuri 3 no kuva kumurongo wa 6 gushika kuw’9, yamenyesheje ko ayo majambo ari ay’abagumyabanga gusumba abandi kuko bari baje gusaba imbabazi bongera baronka amasezerano ariyo bari baje kwimika mugicaniro no mubagumyabanga. Yaciye amenyesha ko amasezerano baronse ku  mutumba Gihamagara muri komine Itaba ayimitse mu mugambwe CNDD-FDD agirako arayabibutsa, avuga ati: “Imana Mushoboravyose igiye kubandanya ivugana n’abarundi kandi ishize ahagaragara ivyari vyaranyegejwe vyose, Imana isambuye inkomezi z’umwansi w’Uburundi ahari hose, Uhoraho Imana Mushoboravyose agiye gushira mu Burundi ibimenyetso binini kandi bikomeye, Imana iraremye ivy’inkomezi bihambaye ivy’umwana w’umuntu atoshobora kunyiganyiza, uhoraho Imana iratoboye amadirisha n’imiryango vyo mw’ijuru kugira imigisha n’imihezagiro vyururukire kugihugu c’Uburundi, uhoraho aragaruriye abarundi ubwenge bwari bwaratakaye bwaraboshwe n’umurwanizi, bagiye kuba abadasanzwe kw’isi, Uburundi burabohotse”. Yasozereye abaha indemesho y’urugendo ababwira ko integuro y’Imana ari nziza kandi ko bobitahura bisunze ko ico kibanza ariho bururukiye basozereye urugamba bavuye gushira mu ngiro amasezerano yo guhagarika intambara, kandi ko  umuhari CNDD-FDD wahindutse umugambwe CNDD-FDD  mu ntara ya Gitega, n’ikoraniro kaminuza ryakozwe kugira umuhari uhinduke ube umugambwe CNDD-FDD ryabereye muri iyo ntara nyene. Ikindi yamenyesheje n’uko kuri uyo musozi wabereyeko amasengesho ari ho batereye igikumu kw’Ibwirizwa Shingiro rishasha riha Imana ikibanza ca mbere, hakongera hakaba ariho hariko harubakwa igicaniro c’isezerano basezeraniye Imana hakaba n’icagiriji biyemeje ko bazokwama bagendanira Imana. Yarongeye amenyesha ko mu ntara ya Gitega aribwo bwa mbere hakozwe ikoraniro kaminuza rya mbere rikozwe Imana ifise ikibanza ca mbere mu mugambwe, mu Burundi no mw’Ibwirizwa Shingiro. Yaheraheje amenyesha ko iryo koraniro kaminuza ryatanguranye ayandi mateka mashasha kubw’igihugu no kubw’umugambwe CNDD-FDD, aca amenyesha abagumyabanga ko ibizoba vyose muri iryo koraniro kaminuza ari integuro y’Imana bivanye n’uko bari bamaze iminsi itatu bari kumwe n’Imana. Niko guca ababwira ko nk’abagumyabanga bosezerana ko amakoraniro kaminuza yose yo gutora indongozi zizoserukira umugambwe mu matora y’Umukuru w’igihugu azoza araba habanje kuba amasengesho y’iminsi itatu abera muri ico kibanza canke ku gicaniro kuko ata kindi kibanza kirimwo ububasha n’ubushobozi ku mugambwe kandi ko n’izindi ndongozi z’umugambwe CNDD-FDD zoza ziratorwa, zikemererwa muri iyo ntara ya Gitega kugira umugambwe ubane n’amasezerano babayemwo kuva bagisozera urugamba.

Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD, Evariste Ndayishimiye mw’ijambo ry’uyo munsi, yamenyesheje ko Imana igiye kwereka amakungu ko Uburundi bugiye kuba igihugu gihurumbirwa n’amahanga kandi Abarundi bagiye kuba mu mahoro n’impore bidasanzwe. Yarashimye ko mu kwiyumvira uko umugambwe worongorwa neza basanze Imana yofata ikibanza ca mbere, ashima n’uko banaguye isezerano biyemeza ko bazokorera Imana, bashiraho n’icagirizi kizobagiriza bongera bafata ingingo yo kwubaka igicaniro c’isezerano. Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD, Evariste Ndayishimiye mw’ijambo ry’uyo munsi, yamenyesheje ko Imana igiye kwereka amakungu ko Uburundi bugiye kuba igihugu gihurumbirwa n’amahanga kandi Abarundi bagiye kuba mu mahoro n’impore bidasanzwe. Yarashimye ko mu kwiyumvira uko umugambwe worongorwa neza basanze Imana yofata ikibanza ca mbere, ashima n’uko banaguye isezerano biyemeza ko bazokorera Imana, bashiraho n’icagirizi kizobagiriza bongera bafata ingingo yo kwubaka igicaniro c’isezerano. Ngo barashima n’impano bahawe yo kumenya ibihe, yongera akengurukira Imana yo yarungitse Mutima Mweranda kugira bamenye ubukiriro bwabo. Ikindi yashimye n’uko bishuwe ku bibazo vyose basavye bijanye n’uko indongozi nshasha zoza zikurikiza amategeko yayo, basenga basaba Mutima Mweranda ngo aze abarongore mu gutora umusubirizi wa “Petero”. Yarashimye kandi ko Imana yumvise amasengesho yabo arico gituma igiye guhindura ibintu. Ikindi yababwiye n’uko cari igihe co kujabuka mu vyiza gutyo ivyahora bibatandukanya bigahera, aca abamenyesha ko Abarundi bagiye kubana nk’abavukanyi. Yasavye Imana kandi ngo ize ibahe uwuzoserukira umugambwe mu matora ku rwego rw’igihugu abereye Uburundi kandi azotunganiriza neza Abarundi. Yarongeye abatekerera ijambo rizobibutsa isezerano, aho yababwiye ngo bazogume basoma mu gitabu ca Yosuwa ,igice ca 24: 14-27 ngo niho bazozirikana isezerano biyemeje basaba Mutima Mweranda ngo azogume abamurikira kugira riberere. Imbere yahoo, umukozi w’Imana Emery yaratanze inyigisho aho yishimikije amajambo ari mw’ijambo ry’urufatiro hamwe n’ayari mu gitabu c’Abacamanza igice ca 4 umurongo w’3 na Samweli wa 1 umurongo w’7. Yamenyesheje abagumyabanga ko bari mu gihe co kunagurwa kandi ngo uwutamenye ibihe ntamenya intumbero y’Imana. Niko guca abamenyesha ko igiharuro 20 muri bibiliya gisigura kujabuka kandi ari igihe Imana yaba ishaka kujabutsa ihanga irikura ku rugero rumwe irijana ku rundi. Yaciye ababwira ko nk’umugambwe CNDD-FDD uyu mwaka ari uwo kwinjira mu bindi bihe kuko ari uwudasanzwe ku gihugu, ku mugambwe no ku bantu. Yaranamenyesheje kandi ko Imana yiteguye gukora mu Burundi ivyo abantu batari biteze kuko munsi y’ubuntu bwayo abakoroni batazosubira kwiruka ku Burundi kuko Abarundi bari mu bihe vyo kunagurwa. Ngo umugambwe ugiye kujabuka kuko arivyo Imana yabasezeraniye, aca asaba abagumyabanga kuba munsi y’uburongozi bwa Mose kugira bashike mu mugabane wabo, ngo bongere bahe ikibanza Imana kugira ibe ariyo izobatorera umurongozi mwiza agiye kuzorongora igihugu. Tubamenyeshe ko ku munsi wa mbere w’amasengesho mpuzamadini, mu nyigisho Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yatanze, yasavye abagumyabanga gusaba imbabazi aho baguye hose no kwirimbura bakamenya ko bari mu rutonde rw’abana b’Imana, bayumvire bongere bayigororokere kuko bari mu mbabazi zayo gutyo ngo ntibazipfishe ubusa. Prezida Nkurunziza yarabifurije umwaka mwiza w’2020 ngo uze ubarutire imyaka yose bamaze kubaho, ashimira Imana ko ayo masengesho yatunganijwe igihugu kirimwo amahoro n’umutekano n’impore. Yarongeye ashima Imana kubw’ivuka ry’umugambwe CNDD-FDD kuko Imana yabakuye mu bikomeye n’ibihambaye ibashikana ku vyiza, aca amenyesha ko ivuka ry’uwo mugambwe ryabaye nk’ivuka ry’umwana kuko umuvyeyi ababara umwana ariko aravuka, rero ngo kugira CNDD-FDD ivuke Uburundi bwarababaye. Umunyamabanga mukuru w’umugambwe CNDD-FDD Evariste Ndayishimiye nawe mu ntahe yashinze, yamenyesheje ko uyo munsi wari uwo gushimira Imana kubagumyabanga n’abarundi bose bazi ico Imana yakoreye Uburundi, bagakenguruka no ku mutima yabahaye w’ubukerebutsi. Yasavye ko bokengurukira Imana kuko Uburundi bwaciye mu bihe biboneka neza ko ivyangombwa vyose vyari bikwiye kugira igihugu kibe nka Somariya ariko bitabaye. 

Urwaruka rw’imbonerakure rusabwa kumenya ibihe vy’Imana n’ico rutegerezwa gukora
Mu gitondo co ku munsi ugira kabiri w’amasengesho mpuzamadini, Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yaratanze inyigisho nkomezakwemera ku rwaruka rw’imbonerakure, abamenyesha ko ukwezi kwa Nzero ari ukwezi kw’umwizero kuko kwari ukwezi batangura gusoroma ivyo barimye. Mu nyigisho ziwe, yabigishije kw’ijambo ry’Imana rihagaze ku kumenya ibihe n’ivyo bategerezwa gukora kuko kumenya ibihe ari itunga rikomeye. Ngo uwutamenye ibihe ntamenya ico akora kandi ngo hari igihe co kwambikwa inkomezi n’Imana n’igihe co gucika intege, ngo kumenya ico ukora ni ubushobozi bw’Imana. Yigishije yishimikije ijambo ry’urufatiro, yabahamagariye kuremesha urwaruka rwose haba ururi mu mugambwe CNDD-FDD n’abatawurimwo nk’uko Imana iremesha imitima y’abantu bose. Yaciye anamenyesha ko intambara irwanwa n’Imana mu gihe ihawe ikibanza ca mbere kuko iyo abantu baguhama wizigiye Imana ataco uba, acatanga akarorero k’umugambwe CNDD-FDD warwanijwe n’amakungu kuva ugitangura urugamba, yamara Imana iraheza irahindura amateke mu mwaka w’2005 ibaha gutsinda amatora. Niko guca amenyesha ko Imana yama irwanya abiyorobetsi bari mu ntungane, acabasaba kwama bareka Imana ikihesha icubahiro muri vyose na hose mu buzima bwabo kuko ibihe vy’amageragezwa bishobora kuba birebire ariko umwanya w’ukurokorwa n’Imana ukaba muto cane. Yishimikije amajambo ari muri Ezekiyeri 37, ku murongo wa 1 gushika kuw’14 avuga aho Ezekiyeri yerekwa ivy’amagufa yumye, yamenyesheje ko iyo Imana igukozeko amakungu abimenya ariko iyo uteye ingorane umurongozi Imana yakozeko ukuboko kw’Imana kugukurikirana. Ku muhingamo w’uyo munsi nyene, mu nyigisho Umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza yatanze, yasavye abagumyabanga kuba ubuhungiro n’uburuhukiro ku barundi bose gutyo ngo babe amirukiro, babaremeshe bajabukane nabo bongere banezeranwe.

Evelyne Niyonzima

Ouvrir