Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Ifumbire ya FOMI yazaniye akarusho kanini abarimyi n’igihugu

Umuyobozi ajejwe ivy’ ubushakashatsi mw’ishirahamwe rihingura ifumbire y’ikirundi ivanze n’iy’ikizungu FOMI, Helménegilde Manyange amenyesha ko iryo hinguriro ryazaniye akarusho kanini abarimyi. Hari mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE kw’igenekerezo rya 17 Nzero 2020.Umuyobozi ajejwe ivy’ ubushakashatsi mw’ishirahamwe rihingura ifumbire y’ikirundi ivanze n’iy’ikizungu FOMI, Helménegilde Manyange amenyesha ko iryo hinguriro ryazaniye akarusho kanini abarimyi. Hari mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE kw’igenekerezo rya 17 Nzero 2020.Ivuka rya FOMI ngo ryazananye n ‘uko hari ibibazo vyari muri ico gisata c’ifumbire y’ikizungu kuko ikiva hanze vyarashika ikaza itevye kandi ikaza izimvye umuntu aravye amikoro make y’abarimyi. Ikindi ngo ni uko hariho ivyunyunyu igiterwa caba gikeneye umurimyi yaheza akarondera ibindi vyongereza;ivyo vyose bimaze kugaragara ngo niho biyumvira uwo mugambi .Nk’uko yabandanije abimenyesha ifumbire ya FOMI ifise ivyunyunyu nka vyose igiterwa gikeneye  kandi umufuko w’ibiro 25 ugurwa amafaranga y’amarundi 29000   Reta yamaze gusahiriza umurimyi.Iyo fumbire rero itaraboneka umurimyi yaraheza akagura iyivuye hanze y’igihugu ku mafaranga 34000 Reta yashizemwo uburyo bwayo bwo gusahiriza abarimyi.  Akandi karusho ni uko urutete rumwe rw’ifumbire ya FOMI rufise ivyunyunyu bitanu ariko iyahora iva hanze ngo yari ifise ivyunyunyu bibiri.  Kugirango ivyo vyunyunyu bitanu bikwire naho umurimyi yategarezwa kugura utundi dufuko turimwo ibindi vyunyunyu agaheza akavanga  kandi bigashika ntanabivange neza. Ku bijanye n’inyungu ku gihugu Helménegilde yamenyesheje ko kihungukira rwose kuko kw’isoko haheza hakagira iciyongera amakori nayo agaheza akiyongera.  Ikindi ngo ni uko igihugu carinda gutegekanya  amahera y’agaciro kugira gishobore kwinjiza  amatoni arenga 50000 y’ifumbire ariko ubu ngo bakaba bakoresha musi y’igice c’amatoni yahora ava hanze kubera baheza bakayasubiriza amase y’ikirundi.  Ivyo ngo bica vyumvikana ko amafaranga y’agaciro Reta yahora isohora kuri uwo mugambi aca agabanuka ku bice birenga 50 kw’ijana. Akandi karusho ni ku bijanye n’ugukingira ibidukikije aho ayo mase y’ikirundi arimwo ivyo ibinyabuzima biri mw’isi bikenera cane cane icunyunyu bita”carbone”. Ku bijanye n’imibano naho abantu baronse ico bafungura baraheza bakabana neza.Kubera ishirahamwe FOMI ryashinzwe haronse akazi abatari bake  kandi haravamwo n’abashinga ingo zabo kubera uburyo baronka.Yarongeye kandi amenyesha ko akarusho bari biteze mu ntango kariko karaboneka kuko kuva ku wa 13 Nzero gushika 15 Nzero 2020 basubiye kwirabira  ku rubuga    ingene indimo zimeze bongere baganire n’abarimyi hamwe n’abajejwe intwaro. Kwari ukugirango kandi barabe ko ifumbire yashitse mu mazone yose ,bakaba rero ngo baciye mu ntara umunani.Ikindi ngo kwari ukubamenyesha ko amafumbire ariko arashika  mu mazone yose y’igihugu c’Uburundi. Ku vyerekeye amazone atari bwashikemwo iyo fumbire naho baciye biyumvira umugambi w’ukuyitwara kare bataranaheza kuriha make ya mbere kugira bayironke kare.Ku bijanye n’uko umwimbu woba wiyongera naho abarimyi ngo barashinga intahe ko bizeye  umwimbu baravye ukuntu ibiterwa bimerewe mu ndimo. Iryo shirahamwe FOMI rero rigitangura vyararigoye gato kuko ubushikiranganji bwaciye bwugurura imiryango cane igitigiri c’abashaka ifumbire kiba kinini ku rugero batari biteze, ariko ubu ngo bariko baritunganya ku buryo ico kibazo kitazosubira abazoyisaba bose baheze baronke.Iyo fumbire rero ngo irimwo amase y’ikirundi ari kumwe n’ishwagara ku rugero rurenga ibice 50 kw’ijana. Ibice bisigaye ni ivy’amase y’ikizungu. 

Christine Manirambona

Ouvrir