Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

CNIDH : Gukata amahera ku mishahara y’abigisha batavyiyemereye ni uguhonyanga agateka kabo

Umugwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH usaba ubushikiranganji bw’akazi n’abakozi kubangira gukata amahera abigisha ku mishahara yabo y’intererano yo mu runani rw’amasendika y’abigisha ku nguvu mu kurindira ko haba urutonde rw’abemeye gutanga iyo ntererano ku gushaka kwabo. Ivyo vyashikirijwe n’umukuru w’umugwi CNIDH Sixte Vigny Nimuraba mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku wa 21 Nzero 2020. Aho akaba yariko ashikiriza ivyavuye mu cegeranyo c’umugwi wari washinzwe na CNIDH ku wa 10 Nzero 2020 kugira utohoze ku amatati arai hagati y’urunani rw’amasendika y’abigisha COSSESONA n’abigisha. Umugwi w’igihugu ujejwe agateka ka zina muntu CNIDH usaba ubushikiranganji bw’akazi n’abakozi kubangira gukata amahera abigisha ku mishahara yabo y’intererano yo mu runani rw’amasendika y’abigisha ku nguvu mu kurindira ko haba urutonde rw’abemeye gutanga iyo ntererano ku gushaka kwabo. Ivyo vyashikirijwe n’umukuru w’umugwi CNIDH Sixte Vigny Nimuraba mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru ku wa 21 Nzero 2020. Aho akaba yariko ashikiriza ivyavuye mu cegeranyo c’umugwi wari washinzwe na CNIDH ku wa 10 Nzero 2020 kugira utohoze ku amatati arai hagati y’urunani rw’amasendika y’abigisha COSSESONA n’abigisha. Umugwi w’igihugu CNIDH urongera ugasaba komisariya y’igiporisi c’inyamiramabi kurekura abagisha bari mu masendika bapfunzwe kugira haje imbere ibiganiro hagati y’abegwa n’ayo matati. Uwo mugwi usaba urunani rw’amasendika y’abigisha COSSESONA gufata ingingo zose zibereye kugira kwinjira muri urwo runani bibe ku gushaka kwa buri wese, atagahato kandi umwigisha wese ku giti ciwe hisunzwe amategeko n’amsezerano mpuzamakungu agenga ivy’akazi no gushigikirana akwirikizwa mu Burundi. Usabwa kandi kubandanya usigurira abigisha umugambi wo gushigikirana ariko birinde gutera ubwoba abigisha kuko bihungabanya ubwigenge bwo kuja mu runani rw’abakozi n’uburenganzira bwo gutunganirizwa mu kazi. Urwo runani kandi rusabwa kwubahiriza ingingo ziri mw’isezerano rigira 87 ry’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe akazi n’abakozi zishimangira uburenganzira bwo gushinga amashirahamwe n’inani zihurikiyemwo amashirahamwe aharanira ineza y’abakozi no kuzinjiramwo atagahato. Abarongoye urwo runani basabwa kandi kwerekena ukugene amafaranga yakaswe abakozi mu mwaka w’2017 no mu 2019 yakoreshejwe. Ivyo ngo bikaba vyotuma haba umuco no kwumvisha abigisha ikoreshwa ryiza ry’amafaranga bakaswe. Bokwereka neza kandi abigisha bari mw’ishirahamwe riharanira uburaro bw’abigisha (FLE) batari mu runani COSSESONA ukugene amateka yabo bemererwa n’iryo shirahamwe azokingirwa. Barongera bgasabwa gushikiriza ubushikiranganji bw’abakozi n’akazi urutonde ntabanduka rw’abigisha bazoba binjiye muri uwo mugambi wo gushigikirana kw’abigisha. Basabwa no gukosora ibirego bari bitwariye abakuru b’inani SYGEPEBU na SEPEDUC. Abarongoye inani SYGEPEBU na SEPEDUC nabo basabwa guharanira inyungu zabo bubahiriza amategeko n’ibiganiro vyubaka. Abayobozi b’indero mu ntara no mu makomine nabo basabwa kwirinda kwivanga mw’itunganywa ry’amashirahamwe y’abigisha. Umugwi ujejwe ibiganiro vyerekeye akazi CNDS nawo usabwa gutanguza ibiganiro hagati y’amashirahamwe y’abigisha bari muri COSSESONA n’abatarimwo kugira hatorwe inyishu ku matati yerekeye akazi. Uwo mugwi wokwirinda kuja mw’itunganywa ry’ubutunzi bwa COSSESONA kugira habeho gukingira ubwigenge bwawo kuko ujejwe gutatura amatati yerekeye iyo ntererarno ku bigisha. Abigisha nabo basabwa gushira imbere umutima wo gushigikirana, guharanira inyungu zabo mu mutekano bashize imbere ibiganiro.  Ukwo biri kwose umugwi CNIDH urashima ugufatana mu nda kwiyumviriwe n’urunani rw’amasendika y’abigisha COSSESONA kuko bijanye n’ishirwa mu ngiro ry’itegeko ry’Umukuru w’igihugu ryo ku wa 11 Rusama 2018 rishiraho umunsi mukuru w’igihugu wahariwe ugufatana mu nda. Ariko rero umugwi CNIDH umenyesha ko gukata ayo mafaranga ku mishahara y’abigisha batagishijwe inama ngo bavyemere ari uguhohotera uburenganzira bwabo. Uranebagura n’inyifato ya COSSESONA yo gutuka abo batari kumwe babicishije ku mbuga ngurukanabumenyi kuko iyo nyifato igayitse. Umugwi CNIDH warashikirije ico cegeranyo inzego zose vyega nka Reta, Inama Nshingamateka na Nkenguzamateka kugira nazo zifate ingingo zibereye mu ntumbero yo gukura ico cuka kibi hagati y’urunani rw’amasendika y’abigisha. Aha twobamenyesha ko amasendika ari mu runani COSSESONA ari CONAPES, STEB, SLEB, SPEBU, SYNAPP na SYNATEM; ayatirimwo nayo akaba ari SYGEPEBU na SEPEDUC. Ariko umugwi CNIDH ukameneysha ko n’abari muri ayo masendika agize urunani COSSESONA babwirizwa kubanza kwemeza ko bagiye muri urwo runani.

Epitace Nduwayo

Ouvrir