Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Umwimbu w’umuceri n’ibigori vya kijambere ushobora kwiyongrera incuro gatatu mu burere vyatewemwo

getiUmushikiranganji ajejwe ibidukikije, uburimyi n’ubworozi Déo Guide Rurema arashima kubona umwimbu w’umuceri n’ibigori vya kijambere ushobora kwiyongera incuro gatatu ugereranije n’uwo mu mwaka uheze mu gihe  nk’ico c’irima, akabikesha abanyagihugu bumvise akamo Reta yabateye ko gukorera hamwe mu makoperative y’iterambere. Ivyo yabishikirije ku wa 16 Nzero 2020 inyuma y’umwiherero wari uhejeje guhuza indongozi zo muri ubwo bushikiranganji, abarongoye imigambi hamwe n’abafundi  b’indimo n’abaganga b’ibitungwa bakorera mu makomine yose y’igihugu. Urwo rugendo shure n’uwo mwiherero bikaba vyari vyatunganijwe n’ubushikiranganji bujejwe ibidukikije, uburimyi n’ubworozi.Umushikiranganji ajejwe ibidukikije, uburimyi n’ubworozi Déo Guide Rurema arashima kubona umwimbu w’umuceri n’ibigori vya kijambere ushobora kwiyongera incuro gatatu ugereranije n’uwo mu mwaka uheze mu gihe  nk’ico c’irima, akabikesha abanyagihugu bumvise akamo Reta yabateye ko gukorera hamwe mu makoperative y’iterambere. Ivyo yabishikirije ku wa 16 Nzero 2020 inyuma y’umwiherero wari uhejeje guhuza indongozi zo muri ubwo bushikiranganji, abarongoye imigambi hamwe n’abafundi  b’indimo n’abaganga b’ibitungwa bakorera mu makomine yose y’igihugu. Urwo rugendo shure n’uwo mwiherero bikaba vyari vyatunganijwe n’ubushikiranganji bujejwe ibidukikije, uburimyi n’ubworozi.Umushikiranganji Rurema  akaba yamenyesheje ko ku giterwa c’umuceri umwimbu wavuye ku matoni 3 uja ku matoni 6, uw’ibigori nawo uva ku biro amajana umunani uja ku matoni atatu n’inusu mu kiyaya c’Imbo. Yarongeye arashima kubona abarimyi bafise umwitwarariko wo kubika umwimbu no kuwubungabunga. Ivyo bizotuma rero abanyagihugu badasubira guhendwa ngo bagurishe umwimbu ku mahera y’intica ntikize hanyuma basubire kubibagurishako umurengera mu gihe babikeneye. 

Abakozi bo mu bushikiranganji bujejwe ibidukikije, uburimyi n’ubworozi biyemeje gukurikirana abanyagihugu kurusha uko vyahora
Umushikiranganji Déo Guide Rurema yarongeye amenyesha ko intumbero ya kabiri kwari ukuja hamwe kugira birimbure barabe ivyo bakoze, ivyo bariko barakora hanyuma binegure barabe ukugene bariko barabikora, gutyo barabe iyindi ntambwe botera. Inyuma y’uwo mwiherero abakozi bo muri ubwo bushikiranganji barashikirije ivyo bagiye kurangura mu kiringo c’amezi atatu ari imbere. Amenyesha ko bose bashimikiye ku gukurikirana abanyagihugu haba mu kubaronsa ibikenewe nk’ifumbire, imbuto zirobanuye, ibitungwa vyo kugwiza ifumbire no gutuma imiryango yisununura. Yarongeye amenyesha ko bagiye gushira inguvu nyinshi cane ku bijanye n’ibidukikije  na cane cane kubungabunga inkengera z’ikiyaga Tanganyika, kugira kibere amahirwe igihugu yo kwinjiza amafaranga, abanyagihugu na ba mukerarugendo bashaka kuratira  ijisho bagendera mu bwato. Niko kumenyesha ko inyuma y’ayo mezi atatu abanyagihugu aribo bazoheza bakabaha amanota baravye ukugene bazoba bahinduye ukugene bahora bakora. Aho bakazoba babonye ko bakora bisunga imigambi n’imigabo baba babashikirije. Muvyo biyemeje harimwo nko kugendera no gushigikira  abarimyi n’aborozi. Bazokurikirana kandi umugambi wo kwokoreranira bita “Abasangiye urugendo”. Bazokurikirana kandi bongere bashireho ibibanza bizwi vy’ibagiro. Muri Ruhuhuma 2020 naho bakaba bazokinga akaranda k’impene n’intama. Bozokingira n’inkoko  zo mu makoperative yose indwara y’agasinziriza  mu mezi atatu ari imbere. Bazorwiza n’imivyaro  ishika 5.000. Bazokurikirana neza amakoperative kugira abike umwimbu. Bazotanga n’igicapo c’ikigega gikwije ibisabwa n’abafasha muri uwo mugambi bose bokwisunga. Bazokwigisha amakoperative gutegura imigambi no gukora bunguka. Bazonazigendera kugira bamenye ingorane zifise. Bazotegura n’agatabu mfashanyigisho zo gufasha abarimyi n’aborozi. Bariko barategura kandi poritike y’igihugu y’ibidukikije. Bazokingira amasoko, inzuzi n’ibiyaga bongere bubahirize inkegera z’ibiyaga hisunzwe ibwirizwa rigenga amazi. Bazokurikirana kandi icukura ry’ amakariyeri n’ubutare kugira bikorwe hisunzwe amategeko yo gukingira ibidukikije. Bazokorana kandi n’abagwizambuto. Bazokwitaho n’ibiterwa bishasha njabukamazi nka macadamiya n’ibindi. Bazokurikirana abacuruza imiti y’ibiterwa n’ibitungwa kugira bakore bisunze amategeko. 
Abanyagihugu barashima ko umwimbu ushobora kwiyongera 
Imbere y’uwo mwiherero, umushikiranganji ajejwe ibidukikije, uburimyi n’ubworozi yabanje gutanguza urugendo shure mu ntara za Bubanza, Cibitoke na Kayanza ku wa 15 Nzero 2020 mu ntumbero yo kuraba aho uburimyi bwagenze neza. Aho bakaba babanje kugendera urugomero rwo ku ruzi Mpanda rwubatswe mu myaka y’1990 ariko rukaba rwari rwabaye nabi. Ubu rero bariko bararusanura. Urwo rugomero rukaba ruzofasha kuvomera amahegitari 808 ya kera n’amahegitari 202 mashasha. Aho kandi barasanuye n’amabarabara ashika mu mirima hamwe n’imiserege itwara amazi. Ibikorwa bimaze kurangira bikaba bizoshikirizwa ishirahamwe SRDI. Mu nyuma baciye bagendera imirima y’ibigori vya kijambere vyarimwe i Gihanga mu ntara ya Bubanza aho bita Romotomoto. Aho bakaba bamenyesheje ko umwimbu uzova ku biro amajana 8 uje ku matoni 3,5 kw’ihegitari.  N’abanyagihugu baharimira baremeza ko umwimbu uzogenda neza ariko bagasaba imifuko yo kubika neza umwimbu kugira  ivyimburwa ntibibungwe. Aho umushikiranganji Déo Guide Rurema akaba yabamenyesheje ko iyo mifuko iriho. Mu nyuma bagendeye imirima y’umuceri aho i Gihanga nyene aho umuhuzabikorwa w’ishirahamwe PRDAIGL ry’Ibanki y’isi yose Louis Nduwimana yamenyesheje ko umwimbu uzova ku matoni 3 ukaja ku matoni 6. Mu nyuma baciye bagendera imirima y’ibigori vya kijambere yo muri zone Ndava muri komine Buganda, intara ya Cibitoke. N’aho nyene bakaba bamenyesheje ko aho hantu bavomeye amahegitari 240. Ubugira gatatu bagendeye imirima y’ibigori iri mu mwonga wa Kayave uri hagati ya komine za Kayanza, Kabarore na Busiga warimwemwo ibigori. Naho nyene bariboneye ko abanyagihugu barimiye rimwe baterera rimwe. Ivyo ngo birafise akamaro kuko bikinga ubusuma. Umushikiranganji Déo Guide Rurema yarerekanye kandi ukugene abanyagihugu bo muri komine Muruta bagiye hamwe mu makoperative bagaca imikobeko, ubu bakaba bageze ku bice 80% kw’ijana vy’ico igikorwa.

Epitace Nduwayo

Ouvrir