Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Mu Nama Nshingamateka Integuro y’ibwirizwa rigenga ingurane y’imiriyoni 10 z’amadorari azohabwa ikigo CAMEBU yaremejwe

DSC 0079Ku wa 16 Nzero 2020, Inama Nshingamateka yarize yongera iremeza integuro y’ibwirizwa rigenga ingurane y’amadorari miriyoni 10 y’abanyamerika  azohabwa ikigo kijejwe kugura imiti n’ibikoresho vyo kwa muganga CAMEBU, ikaba izotangwa n’ibanki y’abarabu ijejwe iterambere ku mugabane wa Afrika (BADEA). Umushikiranganji w’ikigega ca Reta, Domitien Ndihokubwayo yari yaserukiye Reta yabanje kumenyesha abashingamateka bari ngaho mu ngoro y’amakoraniro mu Kigobe,  imvo n’imvano yatumye Reta y’Uburundi ija gusaba ingurane muri iyo banki y’Abarabu.Yaramenyesheje rero abashingamateka ko imvo nyamukuru yatumye Reta isaba iyo ngurane kwari kugira ishobore kugura imiti. Ico gisata c’amagara y’abantu  ngo ni nkoramutima  ku buzima bw’igihugu n’abanyagihugu. Bivuye kw’ikena ry’amahera mpuzamakungu Reta yaciye ifata ibisata bimwe bimwe ko vyoshirwa imbere. Uburundi bwasabwa gusaba ingurane kugira imiti, umwavu , igitoro biboneke mu gihugu  rero akaba atari  ayo kugira imigambi miremire. Ayo mafaranga akaba azosubizwa inyuma y’imyaka 2 n’igice ku nyungu y’ibice 5 kwijana hamwe 0, 33 kw’ijana bazoriha yerekeye iringanizwa rya dosiye y’ideni.

Ikigo CAMEBU kikaba arico kizoroswa ayo mafaranga kikagura iyo miti mu bihugu vy’abarabu. Domitien Ndihokubwayo yarangije amenyesha ko Reta izogira uruhara mu kuriha iyo ngurane kugira abanyagihugu bashobore kuronka imiti izogurwa kuri iyo ngurane ku giciro kitavuna. Abashingamateka baciye babaza ibibazo bitandukanye umushikiranganji w’ikigega ca Reta, nk’icerekeye ikigo CAMEBU cari gisanzwe kizana imiti n’ibindi bikoresho vyo kwa muganga kikaba kigura imiti ku masoko mpuzamakungu. Ngo none ko bisaba ko ayo mafaranga agura imiti muri ivyo bihugu vy’abarabu none amasoko azotangwa gute ? Umushikiranganji Domitien Ndihokubwayo yishuye ko kubera ari ideni  ryemewe babanje kwemeza ko iyo miti izogurwa mu bihugu vy’abarabu, bizosaba ko isoko ryo gutanga iyo miti rizojamwo amashihamwe adandaza imiti yo mu bihugu vy’abarabu. Abashingamateka borongeye barabaza umushikiranganji w’ikigega ca Reta uko bizogenda igihe bosanga iyo miiti idakwije ibisabwa n’Ishirahamwe Mpuzamakungu rijejwe amagara y’abantu OMS? Domitien Ndihokubwayo yishuye ko hamwe bosanga iyo miti idakurikije amategeko mpuzamakungu agenga imiti batazoyitora. Abashingamateka bahejeje guca irya n’ino iyo nteguro y’ibwirizwa baciye bayemeza bose.

Anitha Bizimana

Ouvrir