Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Inama Nshingamateka y’Uburundi yarize yongera iremeza integuro y’amabwirizwa abiri

DSC 0052Ku muhingamo wo kw’igenekerezo rya 15 Nzero 2020, Inama Nshingamateka  yarize yongera iremeza integuro z’amabwirizwa abiri rimwe rijanye n’iingabire Ikigega c’isi yose kigiye kuronsa Uburundi mu mugambi wo gufungura neza ku bana bari munsi y’imyaka itanu hamwe  n’irondoka rijanye n’amagara meza. Integuro igira  kabiri  yari ijanye n’ikoreshwa ry’imiti y’ikirundi canke y’ikizungu uko yotangwa n’uko yokoreshwa mu bushikiranganji    bw’amagara y’abantu. Twobamenyesha ko ivyo bikorwa vyari birongowe n’umukuru w’Inama nshingamateka Pascal Nyabenda.Umushikiranganji w’amagara y’abantu no kurwanya ikiza Sida, Thadée Ndikumana  niwe yari yatumiwe n’Inama Nshingamateka ngo abashikirize  imvo n’imvano y’izo nteguro z’ayo mabwirizwa yose uko ari abiri aho yamenyesheje ko bayiyumviriye  mu ntumbero yo kubandanya imigambi ya Reta y’imyaka 10. Iyo nteguro y’ibwirizwa  rya mbere  ngo igabuwe mu bice bitatu aho igice ca mbere kijanye no gushigikira ibikorwa vy’umurwi w’abaremeshakiyago kugira bigishe abanyagihugu,  bafate mu minwe ikibazo kijanye n’irondoka rijanye n’amagara meza,ibijanye n’isuku bongere bafashe mu  kwigisha mu miryango irimwo abana vyibonekeza ko bafise indwara zifatiye ku gufungura nabi.

Ivyo rero ngo bizotuma abana bafise munsi y’imyaka ibiri  n’abavyeyi babo bagira amagara meza.Igice ca kabiri kijanye no gushikiriza ibikoresho imigambi y’igihugu ijanye n’amagara meza bazokoresha mu gufasha abavyeyi  gutandukanya imvyaro. Igice ca gatatu naco  kizoba kijanye n’ibiro vy’ubunyamabanga kizokorera mu biro  vy’Icegera ca kabiri c’Umukuru w’igihugu buzoronka uburyo mu gisata c’indero , hakaba hariho amafaranga azobufasha  angana  n’imiriyoni 30 kugira buzoshobore  gukorera no hagati mu gihugu. Umukuru w’Inama Nshingamateka   Pascal Nyabenda yarerekanye amakenga yiwe ku bijanye n’akarusho kagiye kuboneka mu bijanye no gutorera inyishu irwirirana ry’abantu aho umushikiranganji yishuye amenyesha ko ibikoresho bigiye kugurwa    biciye muri FNUAP  na UNICEF bizofasha igihugu cose biciye ku baremeshakiyago bari mu ntara zose. Ayandi makenga  yerekanywe na bamwe mu bashingamateka bari ng’aho aho babajije umushikiranganji icarico gufungura nabi kandi  havugwa ko mu gihugu cose  umwimbu ukwiye. Aho naho yishuye ko mu Burundi umwimbu uriho kandi ukwiye ariko ukuntu ababirima bawukoresha ari vyo biteye ikibazo. Yaciye atanga akarorero ku bantu baba mu ntara kama  y’Imbo ko  aribo bimbura ibiharage vyinshi ariko ntibabirye kandi arivyo birimwo vitamine nyinshi Ya ciye asaba abajejwe intwaro, uburimyi n’ubworozi kubirabira hafi bafashanije n’abaremeshakiyago.  Kw’itegeko ryerekeye ukuntu ubushikiranganji bw’amagara y’abantu bwitayeho abanyagihugu  mu bijanye no kwivuza  hakoreshejwe   imiti  y’ikirundi canke iy’ikizungu, abashingamateka bakaba barabajije umushikiranganji  bifuza kumenya ikizira n’ikitazira kw’ikoreshwa ry’ivyatsi vyoba  mu kuvura abantu, ko ibipimo biba vyabaye n’urugezo iyo miti iheza igatangwako.Aho yabishuye amenyesha ko hari ayandi mategeko yofatwa n’ubundi bushikiranganji  mugabo akaza yunganira ayo mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu kuko ngo no ku nzoga zibujijwe nta tegeko rivuga ko inzoga z’ikizungu canke kama zikorwa ngo ryoba itegeko ryigenga ngo kuko itabi, urumogi ntivyemewe ariko ngo hariho imiti bakoresha iva muri birya vyatsi.  Kubirima rero ngo  bizoja mu rindi tegeko.  Ngo ayo mategeko  yotegurwa  akazogenda arunganiranira. Twobamenyesha ko ayo mategeko yose uko ari abiri yemejwe ijana kw’ijana n’abashingamateka 102 bari bitavye ivyo bikorwa.                                                                                       Josélyne Ndayegamiye

Ouvrir