Publications de Presse Burundaise, Rohero I Avenue de la JRR N°17 Immeuble le SAVONNIER, Téléphone standard : (257) 22 22 62 32, Fax :(257) 22 22 58 94, email: pressequotidienne@yahoo.fr

Abakoresha basabwa gutahura ineza yo kwinjira no kwinjiza abakozi babo mw’ishirahamwe INSS

eveAbakoresha basabwa kwiyandikisha no kwandikisha abakozi babo mw’ishirahamwe rijejwe gutegekaniriza kazoza abakozi INSS kuko kutabikora ari ukurenga amategeko kandi hari n’ibihano bitegekanijwe kuwutabikoze. Ivyo vyashikirijwe na Emmanuel Miburo arongoye ishirahamwe rijejwe gutegekaniriza kazoza abakozi INSS mu kiganiro yahaye ikinyamakuru UBUMWE kw’igenekerezo rya 14 Nzero 2020.Nk’uko yabimenyesheje, ngo igikorwa co guhimiriza amashirahamwe gutangira intererano abakozi bayo ni kimwe mu bikorwa vya INSS kandi haheze umwaka urenga INSS itanguye kubishiramwo inguvu nyinshi, bakabona ko hariho akarusho bivanye n’uko guhera muri Mukakaro gushika muri Kigarama umwaka w’2018 basanze harashoboye kwinjira imiriyaridi 21 n’imiriyoni zirenga 313. Yarongeye amenyesha ko mu mezi atandatu ya  mbere y’umwaka w’2019 hinjiye imiriyaridi 21 n’imiriyoni zirenga 483, muri atandatu ya nyuma naho hinjira imiriyaridi 21 n’imiriyoni zirenga 637. Niko guca amenyesha ko ico ari kimwe mu vyerekana ko igikorwa kigenda neza naho muri kino gihe abakozi binjira mu kazi atari benshi, bikaboneka ko n’aho bir’uko umwimbu utarasubira inyuma. Ku bijanye no guhimiriza abarongoye amashirahamwe amwe amwe yo gucungera abantu n’ibintu kwinjira mw’ishirahamwe INSS, hamwe no kwitunganya ku basanzwe bayirimwo ariko batabikora neza bivanye n’uko bamwe badatanga neza intererano y’abakozi babo, abandi nabo bagatangira abakozi badakwiye co kimwe n’abayabatangira badakurikije imishahara baronka, yamenyesheje ko ayemerewe gukorera mu gihugu angana na 33 nayo ayamaze kuja muri INSS ari 26, vyerekana ko 7 yemerewe ataraja muri INSS. Yaciye amenyesha ko n’aho bir’uko intambwe ikiri ndende ariko harimwo akigoro kuko ingorane ari nyinshi bivanye n’uko hariho n’abinjira ivyabo ugasanga ntibimeze neza, aremeza ko mu mwaka w’ 2019, hariho amashirahamwe asanzwe ari muri INSS yari ifise abakozi bake ariko bashoboye kuzana abandi benshi bari basanzwe bakoresha batari banditswe muri INSS.Ikindi naco ngo mu mashirahamwe 26, 8 ariyo atari bwitunganye mu kurihira abakozi bayo gushika muri Nyakanga 2019. Yaciye anamenyesha ko ku bijanye no gutegekaniriza kazoza abakozi ari igikorwa kitoroshe kandi bisaba ko Abarundi ubwabo bavyumva kuko hari abatabizi, ababizi nabo ugasanga ntaco bibabwiye hamwe n’ishaka canke abarongoye abandi babishiramwo  kugira bavyumvishe abo bajejwe.  Rero ngo baravye uko INSS igenda irabishiramwo inguvu, biraboneka ko muri kazoza bizogenda neza, babicishije mu gusigura ineza yavyo no gukoresha amategeko. Ku bijanye n’amashure y’abikorera ivyabo, amazu adandaza imiti hamwe n’amavuriro mato mato, ngo benshi ntibakora bisunze amategeko mu kwandikisha abakozi babo mw’ishirahamwe INSS, arico gituma INSS ibishiramwo inguvu ndetse hakaboneka bamwe mu binjira muri iryo shirahamwe. Niko guca amenyesha ko muri ico gikorwa hariho ibibazo nyamukuru 2 bamaze kubona bijanye n’uko bamwe baba bamaze imyaka myinshi bakorera mu kinyegero INSS itabazi bigaca bibabera ikibazo kubera baba baraheranye amahera imyaka myinshi, ikindi naco n’uko hariho abigisha b’abakutsakivi (vacataires)ata mushara uzwi baba bafise bashobora gufatirako. Yaheraheje atera akamo abakoresha kwiyandikisha no kwandikisha abakozi babo kuko ari ineza ya bose kandi bakwumva ko ari amategeko y’igihugu bategerezwa gukurikiza gutyo bakirinda ingorane zobashikira. 

Evelyne Niyonzima

Ouvrir